Naho ababisha baguma biyongera, iciza kizotinda kinesha ikibi. Ube mu ruhande rw’abeza.

ICIZA KIRANESHA IKIBI.

« Ikibi coye kukunesha, yamara ikibi ukinesheshe iciza. »
[Abaroma 12:21]

Muri kamere y’umwana w’umuntu, gukora ikibi ntibisaba ko avyigishwa. Kuva Adamu acumuye,
n’abamukomokako bose bavuka bafise iyo mbuto yo gukora ibibi. Kiretse iyo umuntu yakiriye Yesu, akabatizwa muri Mpwemu Yera, agahinduka icaremwe gishasha. Ico gihe kamere y’Imana ica itangura kuganza.

Ariko rero kameremere ntica ipfa, irabandanya kurwana kugeza upfuye. Nico gituma ataho umuntu agera, kuburyo atoba agisubira inyuma. Har’abibaza ko batoba bagisubira inyuma, ariko sivyo, nimba ucambaye umubiri, burya uracari mu ntambara. Mbere hari n’ababa barageze kure kurusha aho ugeze, ariko basubiye mu vyaha kandi umenga bari bazi vyinshi, baragendanye n’Imana bihagije. Nico gituma bibiliya ivuga ngo mugendeshwe na mpwemu, niho mutazoshitsa ivyo kameremere kanyu kipfuza.

Aha twasomye havuga ngo « ikibi coye kukunesha, ariko ikibi ukinesheshe iciza ». Mu yindi mvugo, uburyo bwiza bwo kwirinda ikibi, n’ugukora iciza.

Ushobora kuba ufise ikintu kigutwara umwanya wo gusenga, wo gusoma ijambo ry’Imana. Ico kintu, umusi wafashe umwanya ugiha ukawuharira gusenga, no gusoma ijambo ry’Imana, uko igihe kigenda uzosanga umutima wawe wawerekeje ku Mana, ube uranesheje.

Uramutse ufise integenke zo kuvuga abandi nabi, umusi wihaye intego yo kuza uratera intege abantu no kuza urashima mumajambo yawe ivyo abantu bakora, uko igihe kizogenda uzosanga warabohotse ku kuvuga abandi nabi.

Integenke zawe ashobora kuba ari ukwihebura,
ukwiganyira. Umusi woza uratura amajambo y’ivyizigiro, canke ukaza urasubiramwo imirongo ya bibiliya ivuga ukugira neza kw’Imana, uzosanga kwiganyira bigenda bitsindwa.

« Ikibi coye kukunesha, ariko ikibi ukinesheshe iciza »

Mumigenderanire nayo tugiranira n’abandi, birashika umuntu akakugirira nabi, bikakubabaza umutima. Burya uburyo bwiza bwo kubinesha s’ukumusubiriza mu koko,
si no kumumaramaza,
ahubwo n’ukumukorera iciza mu gishingo c’ikibi. Ibi ntivyoroshe ariko usenze Imana yobigushoboza kuko ikibi kiranesha iciza.

Ntidushobora rero kunesha satani mugukora ivyo ashaka, nico gituma n’ubwo abantu boduhemukira,
twebwe dukwiye kuba abantu bakora ivyiza aho bishoboka hose, kuko nivyo twahamagariwe.

Duhamagarira umurundi wese eka n’umuntu wese ashobora gusoma aya majambo kwikubita agashi akava mu nzira mbi mu bikorwa, mu mvugo, mu vyiyumviro akama abandanira kuba mu ruhande rw’abariko barahira ibibi vyiza mu kwigisha n’abandi ingeso nziza zibereye abubaha Imana n’abantu.