
ABANTU HARI AHO BADASHIKA.
« Nukw’ashira umwami w’Abisirayeli ico cete, cavuga, ngw Ico cete ni cagushikira, urabona ko nkurungikiye umusavyi wanje Namani ng’umukize imibembe. Maz’ umwami w’Abisirayeli asomye ico cete, yitantamurirakw impuzu ziwe, aravuga, ati Mbega jewe nd’ Imana, ngo ntume umuntu apfa canke ngw abeho, k’uyo mugabo andungikiye umuntu ngo ndamukize imibembe? Ehe raba ingen’ anyigenzako, muheze muvyiyumvire! »
[2 Abami 5:6-7]
Iyi nkuru ivuga k’umugabisha w’ingabo z’abasiriya yitwa Namani yar’arwaye imibembe. Asaba umwami w’abasiriya kuja mubisirayeli k’uwuvugishwa n’Imana Elisa, nawe uwo mwami aca amurungikana icete aha umwami w’abisirayeli. Ico cete camusaba ngo amukize imibembe. Nawe umwami w’abisirayeli asomye ico cete aca ararakara,
yitantamurirako impuzu, avuga ati ehe raba ingene anyigenzako, mbega jewe ndi Imana, ngo ntume umuntu apfa canke ngw’ abeho…?
Akenshi iyo umuntu ari mubibazo hari igihe yiyumvira naka, ati yonkemurira ikibazo,
yonyiyumvirako ivyanje vyoca bicemuka. Ariko buriya abana b’abantu barafise aho batagera, kuko nabo wibaza ko boba bafise vyose, nabo buriya bagendana imitwaro ibaremera batabwira abandi, nabo baba bakeneye ubutabazi.
Hari ibibazo bicemurwa n’Imana yonyene. Uzorabe,
abantu bogukomeretsa bigakunda, ariko urets’Imana abantu ntibogukiza ibikomere vy’umutima wahuye navyo. Abantu boguha ibintu(usivye ko naho nyene ari Imana yoba ibakoresheje), ariko ntiboshobora kuguha amahoro y’umutima atuma ubaho wishimye.
Rimwe na rimwe hari igihe umuntu agendana akababaro, ngo ba naka ntibankoreye ibi canke biriya, ariko burya ivyo wibaza ko batagukoreye sivyo vyonyene war’ukeneye kugira ngo ubeho wishimye. Niyo bakabikora, hari kuboneka izindi mpamvu zituma ubabara.
Nk’akarorero, umuntu yokurihira amahera y’ishure. Ariko Imana itabanye nawe ngo iguhe gutahura ivyirwa, wotuntuzwa no kwama muri iryo shure utunguruza. Umuntu yokuronderera akazi bigakunda ariko Imana itaguhaye kugira ikiganza ciza, wotuntuzwa no kubona wama mu nduru n’abo mukorana canke wotuntuzwa no kubona abaza bakugana batakwiyumvamwo.
Nimba wipfuza gukorera Imana, abakozi b’Imana (Imana ibibashize kumitima) boshobora kugusengera,
bakaguha ibango runaka. Ariko Imana itabanye nawe ngo iguhe ubwenge bw’ingene ubikora, navyo wobitunturiramwo,
kuko no mugikorwa c’Imana hari intambara umuntu ahura nazo.
Imana rero niyo ishoboye vyose. Ntugahange amaso abana b’abantu kuko usivye Imana gusa, nta wundi muntu n’umwe yoshobora kugucemurira ibibazo vyose ufise. Nivyo Imana izokoresha abantu kandi nabo ukwiye kuzobibashimira. (kuko sibose bemera ko ibakoresha) ariko ukwiye kumenya ko hari aho abantu batazoshika mu kugutunganiriza ibibazo, usivye Imana gusa.