Ukuri ukuvanze n’ikinyoma gucika ikinyoma kandi n’ukuri ukuvuze igice kuba ubusa. Abarundi barakinisha umuriro.

Nahisemwo gukebura Abarundi bakoresha imbuga ngurukana majambo bitwaje yuko barwanya ubutegetsi canke babushigikiye maze bagasuka umuriro mu bantu bibaza yuko ari ibisanzwe. Inkuba irabije ntuvuga ngo mara Abansi kuko n’abakunzi irajaniranya. Hari vyinshi vyandikwa n’aba n’abariya bamwe bagiriza abo muri leta ukwica abantu abandi bagiriza abarwanya leta ukwicisha abantu. Mugabo uyu munsi ntituzindukanywe no kubeshuza uyu n’uriya canke kuvugira leta ariko duhamagarira umurundi wese kudahendwa ngo abure itiro canke ngo ahige kwihora mugenziwe muvuka gihugu kubera ibinyoma n’urwanko bikwiragizwa n’abandika canke bifata amajwi bakabisuka ku mbuga ngurukana bumenyi.

Uyu munsi hariho abantu bariko batuma imiryango irara idasinziriye mu gukwiragiza yuko Leta y’Uburundi yakuye uburozi mu gihugu c’Uburusiya kugira ngo yice naka na naka bari ku ntonde y’abarwanya leta abari mu gihugu n’abari hanze. Jewe sindi umuvugizi w’umuntu n’umwe ariko nagomba kwerekana yuko ivyo bivugwa n’abo bavuga babizi yuko ari IKINYOMA KIBISHE KANDI YUKO BARIKO BARIKURAKO AGASHAMBARA BO NYENE.

Abari ku butegetsi mu gihugu barashobora gukora ibishoboka vyose harimwo n’ibibi bibishe kugira ngo bakingire ubutegetsi bahawe ariko mu migambi bakora ntiharimwo kugemurira uburozi Abarundi bahungiye mu mahanga canke abari hano mu gihugu kuko ntibarashika kur’urwo rugero. Abahana ishano bararihana hagati yabo ariko ntibabiririra abahunze igihugu.

Uretse yuko abari ku butegetsi bafise abansi hagati yabo nyene birirwa barahigana, nta mwanya wo kuja kurondera uwutakiri mu Burundi canke Uwo badafise ico basangiye. Umwansi w’ukuri n’uyo mwirirwana azi uko uryama n’uko uvyuka kandi agufitiye inzigo n’umugambi wo kukugirira nabi. Uwuri kure aba ari kure nyenye.

Uretse yuko abarundi bazi kwicana bahanye ishano risanzwe riba ritekeye, canke bimwe bita indugwe y’ingona, uburozi bukoreshwa n’abarusiya busaba ubuhinga bginshi kuko ubutera umuntu canke ukabushira muvyo afungura canke anywa mbere bukanatumuka mu muyaga kuko na wewe ubumuhaye bukakwinjiramwo ku buryo wewe wabutanze uca ujanwa kuvuzwa imiti ihambaye itanaboneka iwacu kandi ku gihe kirekire kuko ubgo burozi buba bgakwinjiyemwo.

Ubgo burozi bavuga bukoreshwa n’abantu b’abahinga bavyize bakaminuza mu bihugu vyarutura kandi bakuwemwo ubuntu kuko baba bitangiye inzego z’ubutasi bakavyigishwa kuva bakiri bato kandi bakamenya yuko bazorangiriza ubuzima bgabo mur’ivyo nyene. Ivyo mu Burundi ntabihari.

Abarundi ni batekane nta leta y’Uburundi iriko irabarondeza uburozi mu gihugu canke mu mahanga. Imiryango n’iryame isinzire irwane izindi ntambara. Iyo leta n’iyigira imigambi yo kuza kubica izokoresha bga buhinga mwese mukoresha kuko murazi yuko namwe nk’abarundi barundi mutoroshe muzi ingene ibibi bikorwa.

Abo bakwiragiza ivyo bihuha vy’uburozi bo barazi ico bironderera aho mu bazungu, kwiyita yuko baronderwa bibaha kwimenyekanisha, guhabga ubufasha, kwikundwakaza ku bantu, kuronka ivyo barya batavunitse, kwitwa yuko bakunda Abarundi kandi bariko barabarwanira, no kurondera n’ubundi burushosho bg’abantu badafise inyuma y’urugo. Mu Barundi co kimwe no mu banyamahanga hariho abantu bama babeshwaho canke bahimbarirwa no gucuruza urwanko mu bantu. Abo ntakindi bakora.

Iyo iciba nkico gihuha casutswe mu bantu, ingo zose , imigwi yose n’imiryango yose ntakindi bavuga kuko bakigira ikibazo co gupfa no kuzuka. Benshi bumvise yuko hari umuntu batamenye yamye kubarondera bibaza yuko ari babarozi. Babonye umuntu batazi canke ikintu batamenyereye vyose bavyita bga burozi kuko abo bakwiragiza ibihuha nk’ivyo barazi ahica. Barazi kugumura abantu gushika naho bokwisuka ku risongoye canke Abarundi bakamarana bishimikije amoko, imigambge canke aho baturuka.

Nk’uko bakwiragije ubgoba mu bantu ngo leta irabumviriza ku matelefone iyo bahungiye bose bakagwara inyoko ngo nivyo maze tukabahumuriza yuko ari ikinyoma, n’uyu munsi turabahumurije yuko ata nzego z’igihugu c’Uburundi ziriko zirabahigisha uburozi.

Ni mwiyubare ku bindi, mwiyumvire ingene igihugu canyu coronka amahoro n’umutekano, ubutungane n’iterambere kugira ngo abanyu bazobe mu Burundi bg’Isezerano.

Nti tuzotinya kuvuga ukuri ngo n’uko kurwanywa na benshi ngo natwe botugwanya. Yesu yavuze ngo muzomenya ukuri nakwo kuzobaha ukwidegemvya.