
Tumaze imyaka irenga icumi twigisha Ihanga ry’Abarundi amasezerano Imana yahaye ihanga ry’Abarundi. Abavugishwa batandukanye baravugishijwe ibintu biteye ubgoba kandi vyose vyarashitse nk’uko vyari vyavugishijwe.
Aha twobabarira nk’ivyerekeye (1) imyiyerekano yo mu 2015 n’igerageza gutembabagaza ubutegetsi bga Petero Nkurunziza, (2) Urupfu rwa Petero Nkurunziza, (3) Ubukene, ubusuma, inzara, akarenganyo n’ubutegetsi butorohereza abeneguhugu inyuma y’intwaro ya Petero Nkurunziza, (4) Intambara ya Congo izohitana n’abasirikare b’Abarundi, (6)Iyicwa ry’abari mu rusengero n’isenyuka ry’amasengero ya Pentecôte n’ayandi nka za Ezeubu, (7) Inkota y’Imanaigiye guca mu gihugu c’Uburundi…
Mur’iy’indwi twatanguye, abahanuzi b’Abarundi bashika icumi bazwi neza kandi batazinayi babariwe yuko kubera abantu bagararije Imana haje intambara kandi zizomara abantu mu gihugu no mw’ishengero.
Uwambere ari gusenga mu mpere y’indwi irangiye, yumvise umuntu ariko arasemerera avuga ngo ngahongaho NTEGA/MARANGARA iratanguye.
Uwugira kabiri yubonye umuntu yambaye impuzu zera amubarira ati hagiye gutera intureka mu gihugu c’Uburundi kandi zizohitana Abantu benshi, ngo musenge cane abantu bihane.
Uwagatatu yumvise ijwi rivuga ngo ifirufumbi rirabaye mu Burundi kuko isezerano rirashitse ngo ehe ubutigu burageze.
N’abandi benshi beretswe ivyerekeye ibihe biri imbere vy’intambara, abantu bicwa kandi batagira iyo bahungira, umwe wese yicwa na mugenziwe,…
Uwo mupfasoni nawe wo mw’ishengero rya pentecote yeretwse ivyerekeye intambara n’iyicwa ry’abanyamadini kubera bazanye isi mw’ishengero.
Usanga wizera ivyerekeye yuko Imana ivuga kandi bigashika, tugusabe witegurire ibihe biri imbere mu mutima, mu Mpwemu no mu mubiri kuko biraje. Nta jambo ryavuzwe n’Imana ngo rigende uko. Kuri wewe utavyizera, uranzkumbura uvyizere kuko twe twarabivendereje kandi twarabibonye yuko ari ukuri. Urashobora kuba utabibona ubu mugabo vuba uzobibona, rero ntuze wicuze. Itegure!