
KWIVUMBURA BIBUZA UMUGISHA.
» Elisa araheza amutumako, uti Genda wiyuhagire muri yorodani ibihetangabo ndwi, umubiri uraca usubira uko wahora, nawe uzoba uhumanutse. Ariko Namani aca araraka, arivumbura, ati Nahoze ngira ngw arasohoka ahagarare, atakambire izina ry’Uhoraho Imana yiwe, azungagize ukuboko hejuru y’aho ndwaye, ankize imibembe. Mbeg’ inzuzi z’i Damasiko, Abana na Farupari, ntiziruta amazi yose y’i Bgisirayeli? Sinoshobora kuziyuhagiramwo ngahumanuka? Nukw arahindukira, agenda aratse. »
[2Abami 5:10-12]
Iyi nkuru ivuga kumugabisha w’ingabo z’abasiriya yari yagiye kwa Elisa ngo amusengere akire imibembe.Ariko alisa aca amutumako ati genda wiyuhagire muri Yorodani ibihetangabo ndwi, urahumanuka.Nawe aca araraka, arivumbura,
kuko yari yiteze ko aza kwakirwa mucubahiro, Elisa akamusengera hanyuma agakira. Imana ishimwe kuko abagendanyi biwe bahavuye bamuhanura gukora ivyo yabwiwe na Elisa, arabumvira,
hanyuma aca arahumanuka, akira imibembe.
Kwivumbura ni ikintu kibi, kandi birabuza umugisha.Akenshi biva ko umuntu ataba afashwe uko yar’avyiteze (nk’uko vyashikiye uyu mugabisha), agaca ahitamwo kuva mukibanza Imana imushakamwo. I aze,
uyu mugabisha yar’agiye gusubirana inyuma ingwara yimibembe, yari imusesereje igatuma n’abantu bamubonako agasembwa, kubera gusa yanse kuja kwibira muri Yorodani incuro ndwi.
Burya iyo utahuye imibembe yawe (intege nke zawe), ntikiba kikiri ikibazo c’icubahiro cawe kugira ngo ukire. Nico gituma Imana ikoresha abantu bato, mukukurangira inzira ukwiye gufata. Ariko rero abenshi iyo nzira barayanka,
bakivumbura.
Uzoca usanga benshi bacira imanza mu mitima yabo abo Imana ikoresha, kandi ariyo nzira iba yahisemwo mukubakiza imibembe
(mukubkiza intege nke zabo). Ngo yize amashure angahe, none wewe ivyo avuga arabikora, ngo n’abana baramunaniye,…iyo ikaba impamvu ituma badashira umutima kunzira nziza bariko barerekwa.
Kwivumbura vyama bibuza umugisha imisi yose. Umugore bita Ana niwe yavyifashemwo neza. Yagiye mu rusengero kuririra Imana ngo imuhe umwana. Umuherezi bita Eli aca yibaza ko yaborewe, aca amubwira ngo uzogeza ryari kwama uborewe, genda uhebe vino yawe. Hana ntiyaciye yivumbura, ahubwo yaciye amubwira
ko… yaje gusuka amajojwa yiwe imbere y’Uhoraho. Umuherezi Eli aca amuhesha umugisha, ati Uhoraho aguhe ivyo wamusavye. Kandi niko vyabaye Ana ntivyatevye aca asama inda, avyara Samweli.
Kwivumbura kwa Ana vyari gushobora kumubuza umugisha, agapfa ataronse akana.
Benshi bataye insengero basengeramwo,gusa ngo n’uko badafashwe uku canke kuriya. Umuntu akava mukibanza Imana yomuhereyemwo umugisha, gusa ngo n’uko afise umurongozi batumvikana,…abandi bagata ubuzi, abandi bagahagarika gukorera mungabire zabo,…
Umukristo ari murugendo, akwiye kurengera impamvu yose yotuma yivumbura,kuko bibuza umugisha. Mwenedata wese akwiye kugera kurugero aho akora ico Imana ishaka ko akora, niyo womenga ntibimwubahisha imbere y’abantu, niyo womenga abitumwe nabo aruta mucubahiro, canke
mubwenge, kuko kwivumbura nta Mugisha ubamwo. Igihe cose uzumva ijwi ry’Imana ntukidodombe canke ngo wivumbure ngo yari gukora ibi canke biriya. Imana ikora uko igomba, wewe gira ukwizera no kwubaha ijwi ryayo gusa uzoca wishurwa kuko inzira z’Imana zirenga igihumbi.