Menya Ijambo ry’Imana kandi wuzure Mpwemu Yera.

KUMENYA IJAMBO RY’IMANA NO KUZURA MPWEMU YERA.

« Umurwanizi aramubgira, ati Ni waba ur’ Umwana w’Imana, bgira iri buye ricike umutsima. Yesu aramwishura, ati Vyanditswe ng’ Umuntu ntatungwa n’umutsima gusa. »
[Luka 4:3-4]

Abantu benshi barazi ijambo ry’Imana, kandi nivyiza, ariko ntibikwiye kugarukira ku kuri Menya gusa,ahubwo
dukwiye gusenga Imana ikadushitsa ku yindi ntambwe yo kwuzuzwa Mpwemu Yera.

Usomye haruguru y’uyu murongo, handitswe ngo Yesu yuzuzwa mpwemu yera,…,
agendagendeshwa mubugararwa na Mpwemu,… »luka 4:1″.

Kumenya ijambo ry’Imana birafasha, ariko mugihe utuzuzwa mpwemu Yera ntakinini rimara, kuko niwe agushoboza gushira mubikorwa ico iryo jambo rikubwira.

Bibiliya ni nka ya mazu
bagurishirizamwo imiti (pharmacie). Iyo urwaye, ntupfa kunywa umuti uwariwo wose ubonye, ahubwo unywa uwuhwanye n’ingwara urwaye. Ariko uwo muti uwuhabwa n’uwuyitanga, si wewe uwiha. Niko no muri bibiliya bimeze. Haba hari ijambo rikugenewe ako kanya kandi buri musi. Ariko siwewe uryiha , urihabwa na Mpwemu yera arikurongorerako.

Nico gituma umwe asoma bibiliya agahembuka, uwundi we akumva ntaco bibiliya imufasha mubibazo abamwo. Aba asa n’uwafashe umuti uvura ikiguma kandi arwaye amaso. Uwo muti ntaco uheza ngo umare. Kandi iyo uwo muti uwuhawe n’uwategerezwa kuwuguha, aguha uwuhwanye n’ingwara urwaye. Niko na Mpwemu aguha ijambo rihwanye n’ubukene bw’umutima wawe.

Ikindi gituma dukeneye Mpwemu yera muguhabwa ijambo, n’uko burya Imana ishobora guhishura vyinshi kw’ijambo rimwe gusa usomye.

Rero, iyo uzi ijambo, ukaba ufise na Mpwemu yera , biroroshe cane kumenya ijwi ry’Imana nirya satani ndetse n’iryiwawe ubwawe.

Mpwemu yera niyavuga uzokwumva wuzuye amahoro, kuko kimwe muvyamwa vya Mpwemu yera harimwo amahoro, kandi kuko uzi ijambo ry’Imana uzoca ubigenzuza ijambo. Ibi birafasha cane iyo uri umuvugabutumwa,
kuko wiyumvisemwo ijambo ukumva n’amahoro, uca umenya ko ari ijambo Imana igeneye ubwoko bwayo. Kikaba ikibazo iyo wahawe kugabura ijambo ry’Imana, ariko ukaba udafitaniye ubusabane na Mpwemu ngo aguhe kwiyumvamwo ivyo intama zikenera biciye mu mahoro y’umutima. Akenshi biterwa n’uko umuntu atakironka akanya ko gusenga.

Ninaco gituma bidakunda ko umuntu uwariwe wese abaho yuzuye Mpwemu mugihe atari umuntu akunda gusenga. Ashobora kumenya ijambo nivyo, ariko kwuzura mpwemu yera vyo umuntu abihabwa n’umwanya amara imbere y’Imana.

Iyo umukristo rero azi ijambo ry’Imana, akaba yuzuye na Mpwemu yera,usivye ko yama n’ivyamwa vyiza nk’abana b’Imana, anamenya n’imigambi y’Imana ku buzima bwiwe, kandi na satani ntapfa kumuhangara uko abishatse, kuko ben’uyo aba afise ikirwanishwa bishobora kumufasha gukomeza urugendo, kandi adaciwe intege n’umwansi. Wame usoma ijambo ry’Imana kugira ngo rirwire muri wewe kandi wame wumvira n’ijwi rya Mpwemu Yera kugira ngo akurongore.