
Hari ku masaha yo kumurongo aho nyamugigima yumvikanye ku masaha yo ku murango. Hariho abatayumvise mu gisagara hagati kubera bari mu rwamo rwinshi, mugabo abandi bayumvise kandi bibatera ubgoba.
Iyo nkuru y’iyo nyamugigima yaciye ihanahanwa n’abarundi iyo bari kw’isi hose bamwe bamwe bahora baca bayifatanya n’ivyo bizera bavuga yuko bagendereje canke n’ivyo bipfuza. Ije ikurikirana n’imvura ivanze n’umuyaga yahitanye abantu bariko barasenga ku munsi w’Imana uheruka aho bamwe bapfuye abandi barakomereka mu ntara za Cibitoke, Ngozi na Rutana.
Haciye ahanya gato ukwo kunyiganyiga kw’isi kwumvikanye mu gisagara ca Bujumbura, haciye hakwiravizwa ifoto ry’ibarabara ryacitse bavuga yuko ari i Nyanzalac bavuga yuko ari iyo nyamugigima yarisituye. Mugabo abazi gusesangura bavuze yuko iryo barabara atari mu Burundi mugabo yuko ari ishusho yo muri Ghana. Abari i Nyanza lac bemeje yuko ari ahitwa i Mukungu muri Nyanza Lac bemeza yuko atari imbeshere.
Abarundi dukomeze gusenga ubugombe bg’Imana abe aribgo buba ku gihugu cacu, ibiva kuri satani vyose bisendwe mw’izina rya Yesu Kristo.