
TWAHAMAGARIWE KUBA UMUNYU W’ISI.
« Umunyu ni mwiza, arik’ umunyu woshira uburyohe, mwoba mukiwuryohesha iki? Mugire umunyu mu mitima yanyu, kandi mubane amahoro. »
[Mariko 9:50]
Umunyu uraryosha inrya, ndetse abenshi vyonabagora gufungura ivyo kurya utabirimwo. Ni nako umu Kristo iyo ari umunyu koko nk’uko bibiliya ivuga, ibintu birushiriza kuba ibiryoshe aho aherereye.
Nk’akarorero, abantu benshi bakorera ijisho. Iyo uri umu Kristo mur’abo bantu, ukora ibintu neza, umukoresha wawe yakubona canke ntakubone, kuko uba ugambiriye gushimisha Imana.
Ushobora kwihanganira abantu kubw’agakiza wakiriye. Ushobora guhezagira abantu kandi kuko Imana yabigushize ku mutima, atar’uko ubufisemwo izindi nyungu zindi. Ushobora no kwigira uworoheje kandi bose bakwubaha, ivyo ntubishireko umutima. Ivyo hamwe n’ibindi vyinshi n’ivyo bituma tuzana uburyohe aho tubaye.
Ariko rero, Yesu yabajije ati « umunyu woshira uburyohe, mwoba mu kiwuryoshesha ik? »
Harya umu Kristo azi ijambo ry’Imana, yakiriye Yesu, atakaje ivyamwa agasa n’isi, yoba akiryoheshwa n’iki?
N’ivyo Imana yoshobora kumuhindura, ariko Imana ntihindura uwutayemereye.
Umukristo atari umunyu, ivy’agakiza biramubihira, kandi aba n’igitsitaza kubari mu mwiza bipfuza gukurikira Imana.
Nico gituma intego yacu nyamukuru nk’abizera, ari ugusa na Yesu, kwama ivyamwa bikwiranye n’agakiza twakiriye, kandi nivyo bikenewe kugira ngo duhagararire Imana neza mw’isi kuko nico twashiriweho.