
AMABANGA Y’IBITUMA AMASEZERANO ATANGIRWA NTASHIKE
Umuntu akorana n’ubushobozi bg’ikuzimu, asanzwe akorera mu bihugu cumi n’umunani vyo kw’isi, vyamwanse munda kubera ibibi amaze gukorera abasenga araheza aserura amabanga y’ivyo bakora atuma amasezerano y’Abarundi ateba kwambara umubiri agashitswa. Burya abantu bakorana na satani baragisibije. Abo baja mu bgami bg’ikuzimu bakarondera ubushobozi bgo kuganza abantu baremwe n’Imana bakoresheje amangetengete. Kugira ngo batirwe mur’ico kibi, babanza gutanga ibimazi vy’abantu b’incuti, abo bakunda canke bagatanga abo bose babona yuko bafise umutima wokuzokorera Imana. Benshi mu bantu badakingiwe mur’iyo mirwi barahaguye abandi bari mu ngorane z’urutabanako.
Inyigisho z’amadini n’amashengero nyinshi zanyegeje abizera babo yuko ikuzimu habaho. Benshi ntibabugurura amaso ngo bamenye yuko hariho ubgami tubangabanganye.Nk’uko hariho ubgami bg’Imana,nako hariho n’ubgami bga satani nkuko hariho ubgami bg’abantu mu gihugu. Ubgami bga satani ni ukuri kwamye, abantu barabujamwo bakagaruka, hari n’abaherayo. Hariho abajayo n’umuburi n’abajayo mu mpwemu. Igihambaye n’uko abantu bomenya yuko Imana yahaye abaremwe ubushobozi ku bgami bga satani. Yagize ati : « Kumenya Yesu Kristo ni amahirwe ugirirwa n’Uhoraho Imana. Ku bimeya nirwo rutare Yesu Kristo yubakiyeko ishengero ryiwe kandi n’amarembo y’IKUZIMU ntazorishobora. Ababizi yabahaye urupfunguzo rw’ubgami bgo mw’ijuru. Ico bazohambira mw’isi kizoba gihambiriwe no mw’ijuru, n’ico bazohamburura mw’isi kizoba gihamburuwe no mw’ijuru. » [Matayo 16 : 13-20]
Ivyo bihemu vyagotse k’Uhoraho Imana bigakorana na satani vyacitse inkozi z’ikibi mw’isi y’abazima. Usanga barondera ubushobozi bg’ikuzimu n’amangetengete kugira ngo bagundishe ububasha bg’abadayimoni abantu kugira ngo babaganze. Abo rero ubasanga mu baganza ibihugu, abaganza mu ntwaro n’izindi nzego z’igihugu. Igitangaje n’uko n’abakuru b’amadini n’amashengero nabo nyene naho usanga bavuga « imana » bakoresha ayo mangetengete kugira ngo bagunde abizera bongere baganze abasenga bose. Abafatwa n’izo mpwemu zihumanye ni badakijijwe neza ngo bagiranire imigenderanire n’Umwami n’Umukiza Yesu Kristo kugira ngo abambike icubahiro c’ubudahangarwa bga Mpwemu Yera. Mur’abo nyene bakoresha imbaraga z’umwiza, harimwo abari ku rundi rwego rwo hejuru mu gukorera ibibi umuntu wese agomba kubaho ubuzima bgo kwubaha Imana butagira icaha. Babateza ingwara, ubukene, inzara, ubugumba, imiryano mu miryango, ukubengwa, impanuka, kubura akazi, ukwankwa n’abantu, inyatsi n’ayandi makuba menshi asanzwe ashikira abantu bintungane munsi y’izuba. [Yohana 10 :10]
Ivyo bikoresho vya satani, ni abantu baba bishikira i Kuzimu canke bagatuma abandi babashikirayo. Usanga bari mu baganza mu gihugu no mw’ishengero. Abo nyene bari mu ntwaro y’igihugu, mu madini n’amashengero nibo bagerageje kuboha, kuzibira no kuburizamwo amasezerano y’igihugu c’Uburundi. Bakora ijoro n’umurango kugira ngo bayugare, maze amaso y’abayarindiriye azohere mu nzira. Abo bangushi nyene mu kugwanya ayo masezerano Uhoraho yahaye igihugu c’Uburundi bakoresha inzira zo kurwanya abanyakarago, bagakoresha n’ubuhinga bgo kuyibagiza abantu kugira ngo ntibayasengere. Impwemu za satani nizo zahagurukije abakungu n’abatungu, imbundege n’abishira hejuru b’intakebga zikiyimika ziyitirira ayo masezerano kugira ngo abantu babe mu rujijo no kuzazanirwa maze bayazinukwe. Nta yinzi nzira wocamwo ngo ubarwanye atari mu masengesho y’inkomezi. [Abanyefeso 6:10-20]
Uwo yari mu bakoresho vya satani yariko arabohoka yameneye satani amabanga menshi ayabarira abo yariko arasaba imbabazi bo mw’Ihanga Ryera ry’Imana. Yavuze ibikorwa vy’ububisha abo bantu tubona bagendagenda bambaye umubiri nkatwe mugabo bafise impwemu zo mw’isi y’umwijima bakorera abantu b’inyama n’amaraso. Kubera abaganza mu gihugu no mw’Ishengero bagararije Uhoraho Imana, nico gituma muzobona harimwo abapfa impfu zidasobanutse kandi ngo n’inkota y’Imana izobasanga ku kazi canke mu masengero bariko barasenga ibarandure. Impfu mwumva canke muzobona zose ntimuzozegeke kuri satani kuko Uhoraho Imana arahana atakigongwe iyo yaburiye abantu bakanka kwumva bakamugarariza. Ivyo yarabisezeranye. [Yesaya 13:11]
Uwo mu shehe yongeyeko ati aha mubona abantu benshi bagenda barayinze kuko bashegeshwe n’ibibi bibashikira kubera ivyo bikoresho vy’ikuzimu biri mu baganza, mu madini n’amashengero mugabo abantu ntibabimenye. Batuma abantu gukora ibisesema imbere y’Uhoraho vyose. Yagize ati ivyo mwomenya yuko:
- Mu ntambara zose ziba mu gihugu no mu bihugu vya kure, baba barimwo. Ngo barazisomborotsa bagatuma abanyagihugu, abasirikare n’abanyamahanga bazigwamwo maze abanyakuzimu bagatonda kuronka ibibabeshaho kuko batunzwe n’amaraso y’abantu. Yatweretse n’iryinyo ryiwe ryavungutse bariko baraniganira kunywa amaraso y’abantu. [Itanguriro 9:4-6. Abalewi 18:21].
- Abo bagabo canke abagore bikinisha barwiriza uruvyaro satani hiyo i kuzimu kuko hariyo abantu benshi cane basumba n’abari kw’isi. Ngo uretse abantu bapfa bagatumbera kwa satani kubera ivyaha bakoze, ukareka n’abajanwayo
ari bazima, hariyo n’abana bavukirayo kandi benshi kubera intanga z’abagabo bikinisha bakazisesa hasi zica zitwarwa nˋabadayimoni co kimwe n’amagi y’abakenyezi bikinisha n’abifungisha imvyaro. Yavuze yuko abo bana bavukira hariya inyuma y’amezi atatu baba bakuze. Ngo nibo batuma hari inda z’abavyeyi zikoroka canke abana bavukira kwˋisi mugabo bagaca bapfa bakivuka n’abakazingama baravutse. [Itanguriro 38:9-10] - Iyo abantu bariko barasenga kwˋisi mu madini nˋabashengero bakoresheje ubutatu canke izina rya Yesu gusa, i kuzimu nta nakimwe bibabarira. Ariko iyo basengera ku karago bejejwe bafise nˋimitima ihariranira, bagakoresha izina rya Yesu bakongerako Kristo baca bumva za nyamugigima hiyo i kuzimu n’ibigunguru vy’ibizuku vyaka umuriro bikabasesekamwo bagasha bagatokombera. Baratinya izina rya Yesu Kristo kuburyo bataricisha mu kanwa, bakavuga ngo wa mugabo. [Abanyefeso 1:21, Ab’I Filipi 2:9-11]
Mu ncamake, yatubariye ibintu vyishi aba-Kristo bategerezwa kwitondera mu kubaho kwabo kugira ngo baneshe intambara barwana na satani n’abadayimoni. Vyose tubisuzumishije ijambo ry’Imana, twasanze ari ukuri. Ariko ico abizera bomenya, n’uko ico Uhoraho Imana yavuze ku gihugu cˋUburundi nˋAbarundi gitegerezwa gushika kuko Imana yamaramaje. Naho hariho abasenga bugaza umugambi w’Imana ngo bariko barasengera amahoro, nta mahoro ku banyavyaha kandi ibikorane n’amasengesho yose batunganya n’impfabusa. [Yesaya 48:22]
Umuntu wese avuga yuko yizera Imana, ategerezwa kwatura akihana ivyaha vyiwe ubutagisubira, ategerezwa kubatizwa akuzuzwa Mpwemu Yera kandi agategerezwa kwama asenga ijoro n’umurango mwˋIzina rya Yesu Kristo. Abashaka bose yuko Uhoraho Imana atabara igihugu cacu ikagishitsako amasezerano, bategerezwa kuba bejejwe, bagasenga ubudasiba mwˋizina rya Yesu Kristo, bashima Imana yuko yasezeraniye Abarundi, bagasambuza imigambi ya satani, abadayimoni nˋintumwa zabo maze bagasaba Imana gushitsa amasezerano bakoresheje amajambo atomoye asigura neza ico bipfuza gihuye nˋivyo Imana igomba. Inyishu izanwa n’ukwizera kwacu muvyo tuba turiko turasengera. [Mariko 11:24] Umwami Yesu Kristo ni yamamare!