
URUHARA RW’UMUNTU MUMUGAMBI W’IMANA.
« Bamaze kugenda, umumarayika w’Umwami Imana yiyerekera Yosefu mu nzozi, aramubgira, ati Vyuka, ujane umwana na nyina, uhungire muri Egiputa, ugumeyo gushitsa aho nzokubaririra, kuko Herode agira arondere umwana ngw amwice. »
[Matayo 2:13]
Aha Yesu yari yavutse, Umwami Herode nawe agira imigabo yo kumwica. Imana ica ibihishurira Yosefu ngo ahungishe umwana na nyina.
Akenshi hari igihe dusenga ariko tukibagira uruhara rwacu mumugambi w’Imana. Hano vyasaba uruhara rwa Yosefu kugira ngo umwana ahungishwe,arokoke.
Igihe dusenze ibihwanye n’ivyo Imana ishaka, yo iba yiteguye gukora ariko hari igihe bisaba uruhara rwanje nawe mu mugambi wayo.
Ushobora gusengera ikanguro ariko Imana ikarindira ngo uruhara rwawe rugaragare(nko kubwira abandi ivya Yesu gushigikira abajanabutumwa,
kurungikira abandi ijambo ry’Imana,…).
Canke ugasenga ngo Imana ihindure ab’iwanyu batarihana ariko ingeso zawe nazo zizobigiramwo uruhara.
Habe no mw’iterambere ryo kugiti cawe, Imana izotuma uruhara rwawe rugaragara kuko hari inyifato umuntu ayifise adashobora kugira aho yigejeje(nko gusesagura,…)
No mumigenderanire yawe n’abandi, Imana izotuma uruhara rwawe rubamwo, nko kumenya kubaha agaciro, kubaganiriza ivyubaka,…
Imana idufitiye imigambi myinshi ariko hategerezwa kugaragaramwo uruhara rwacu. Niwasenga ngo Imana iguhindure igikoresho cayo umenye ko uruhara rwawe ari ukwitoza kubaho ubuzima bw’amasengesho,
bwirinda,…
Dukwiye kumenya rero ko Imana ari umufatanyabikorwa natwebwe, tugakora ivyo uruhara rwacu rudusaba nayo izoshitsa uruhara rwayo. Tube abantu bubaha Imana n’abakozi b’abahizi muri vyose.