Amahoro araronderwa kandi arakorerwa. Abera nibo bategerezwa kuyateramira!

kurondera amahoro.

 » aburamu abarira loti, ati ndakwinginze, hoye kuba intonganya hagati yanje nawe, no hagati y’abungere banje n’abawe, kuko tuvukana. ereg’ igihugu cose kir’ imbere yawe! ndakwinginze ngo duhane intara, ni wahitamwo kuja i bumoso nanje ndaja i buryo; ni waja i buryo ndaja i bumoso. »
[Itanguriro 13:8-9]

Aha Imana ntiyari bwahindurire izina Abiramu, ngo abe Aburahamu, be na Loti barabana, kuko yari yajanye nawe igihe Imana yahamagara aburahamu. Igihugu bari bagerereyemwo nticabakwira kuko bari bafise amasho menshi. Haca haba ugutongana hagati y’abungere babaragirira. Abiramu niko kumubgira ati ahitemwo aho abona ko ari heza kuri we, nawe araja ahazoba hasigaye, kandi niko vyagenze.

Burya amahoro ntiyizana,umuntu arayaharanira. Har’
abantu mutopfa mwumvikanye, ngo mubane neza, atari wewe ubihisemwo. No gutongana bumva ataco bibabwiye. Aburahamu rero niko guhitishamwo Loti umwishwa wiwe ngo ahitemwo aho abona ko ari heza, we araja ahazoba hasigaye. Mu yindi mvugo,
yaramuhebeye.

Kugira bikunde tubane amahoro n’abandi biradusaba kwiga kubahebera. Ushobora kureka umuntu akibwira ko ivyo ariko arakubwira arivyo, kuko ubona atiteguye gutsindwa, ivyo navyo akaba atakindi vyozana atari ugutongana. Ukagira amahoro mu gihe ataco vyica.

Iciza co kuba umunyamahoro n’uko bizana umugisha. Loti niwe yahisemwo heza, ariko imana yarahezagiye Abiramu kumurusha.
Bibiliya niyo ivuga ngo umugisha w Uhoraho uratungisha kandi ntamubabaro awuvangamwo.

Abantu bashobora kwibaza ko bariko baragutsinda, muvyo bavuga, baronka,…
nawe ko uriko utera uja inyuma, ariko burya hari amahirwe agendana n’abantu barondera amahoro. N’umugisha w Uhoraho utungisha,
s’ugutongana. Ibi ntibisigura ko ukwiye kureka abantu bakakunyaga utwawe, bisigura gusa ko uca munzira y’amahoro kugira ugere aho ushaka.

Benshi baba mu mitongano n’abo bita ab’iwabo, abantu babo ba hafi kuko gusa batarahitamwo umwanzuro nk’uyu wa aburamu, wo kurondera amahoro. Bahora bagomba gutsinda impari, kwerekana ko ivyo bavuga arivyo, bagahora mu cuka kibi babihiwe, kuko abo bafitaniye ibibazo n’abo batiteguye kurondera amahoro.

Nimba kurondera amahoro kwawe bizogusaba kwivugira make, uzobikore.ico vyogusaba cose,uzogikore.
amaherezo uzosanga ari wewe wahisemwo neza, kuko ntaciza kiva mugitongana, kandi n’Imana izobana nawe. Mwige kubana neza n’abantu bose kandi mwame murondera kugiranira amahoro n’abantu bose.