
Umuhari Red Tabara waraye wihaye inkumbi hafi y’igisagara ca Bujumbura aho wishe umuryango wose uri mu kigandaro. Abarundi baratera igihugu cabo bakica benewabo ngo barondera ibiganiro na leta!
Abarundi baramenyereye kwumva amasasu n’ibisasu bisamirana ku mbibe z’igihugu maze bukeye bagasanga ni abenegihugu m: abana, abagore, abagabo abatama n’abatamakazi bahasize ubuzima kumbure hakiyongerako umwe canke babiri mu bajejwe umutekano bahasize ubuzima.
Abantu begereye ahariko harabera ubgo bgicanyi baca batanga amakuru ku mbuga ngurukana majambo bariko baritabariza, abakoresha imbuga nabo bagaca babihanahana maze umwe wese akagira ico abivuzeko. Kubera ubgo bubisha buba mw’ijoro, Leta y’Uburundi ica izindukira gutanga itangazo y’ivyaraye bibaye bagasa n’abatanguranwa n’itangazo ryabo bakoze ibara ku rubuga rwabo.
Ivyaraye bibaye buringa bisa n’ivyabaye mu gatumba bigasa n’ivyabaye ku ruhagarika bigasa n’ivyabaye na’ahandi hose aho abo batera bitrara mu bantu batobato kugira ngo ivyo bakora bivugwe cane. I Buringa baraye bishe abantu icenda bari basanzwe bari mu kigandaro baturira n’imodoka irimwo ikizoga bariko baritegurira kujana mu buruhukiro. Ivyo bakabikorera rimwe no gutera ku ngoro y’umugambge uri ku butegetsi aho bayiteye ibisasu barayisenyura igihande kitari gito. Ivyo nti biboneka nk’ibikorwa vyo kurwanira ubutegetsi mugabo ukuburwanya bifatanije n’ubugizi bga nabi.
Uretse abantu basanzwe barwanya leta y’Uburundi baca, umwe wese yandika ibimujemwo kubera umunezero w’abakunda agapfa, hariho n’abandi bagerageza kwiyumvira ingene umutekano w’igihugu wokomezwa n’abajejwe umutekano canecane kugira ngo abenegihugu n’abajejwe intwaro nabo babafashe mu kubabera ijisho. Ivyo, bose ntibabitahura kumwe.
Abo bavuga ngo umutekano guhungabana ni ibisanzwe, ngo no muri Amerika, Ubulaya n’uburusiya urahungababa, ni bareke kungereranya ibitangereranwa. Ubwambere nuko basa nukubona ko ibibera iwacu ari ibisanzwe ngo muri Amérika birabaho. Ninkaho wokwijajara ngo ntaco ibibera muri Congo n’ibisanzwe kubera no muri Gaza canke muri Ukraine biriko biraberayo. Nico kimwe n’abumva uvuze uti inzego z’umutekano ni zikomeze urugamba ugaca uvuga ngo nawe ingo wote umuriro urare kw’ijoro. Ivyiyumviro nkivyo sivyo. Twese ntitwoba abasoda kandi ntitwoba ba mbangamatwi. Bamwe bose n’ivyo bajejwe.
Ikindi abantu bomenya nuko ubwicanyi bwo muri Amérika, ikibutera si kimwe n’iwacu. Iwacu ni ivya politke. N’uguhungabanya umutekano w’igihungu kumvo za politike nk’uko bavyanditse mw’itangazo ryabo ngo bagomba ibiganiro vya bose kandi binshingiye ku masezerano ya Arusha. Abashinzwe ico gisata babihemberwa bariho bakwiriye gukora neza gusumba. Muri Amerika abakoze ikibi baramenyekana bagahanwa. Uwo badashoboye kuronka bamusanga iyari. Wosingura gute k’ivyabereye mu Ruhangarika, ibombe yatewe kuri ca kiraro i Bubanza, hamwe kuri ya antenne ibintu biguma vyisubiza !
Abantu biyumvira nk’uko ni baba bakora mu baducungiye umutekano, nibo bakora nabi. Abasoda, abapolisi, abashinzwe umutekano badakwiriye barongerezwa. Unsigura gute ko abantu baza i Gihanga bakarasa bakisubirira muri Congo atankomazi (sinzi ko uzi ikirere gihari) !
Mu bisanzwe ikibazo c’umutekano w’igihugu ni ica bose mugabo abasirikare n’abapolisi nibo baja imbere gusumba abandi bose. Ingorane zihari ni ingene ihanga ry’abarundi ritunganijwe mur’ibi bihe kubera amoko, imigambge n’ubutunzi. Abahunze igihugu barafise uko babona ikibazo c’umutekano w’igihugu, abari mu gihugu nabo nyene barafise uko bamwe n’abandi babona umutekano w’igihugu bivanye n’imigambge barimwo, akazi bakora, amoko yabo, ubutunzi uko bgifashe n’ivyo bagiye barigishwa. Iyo mihari itera hari naho bibaza yuko itera ivuye hanze y’igihugu mugabo atariko vyama bimeze kuko hariho n’abari mu nzego z’umutekano w’igihugu batanezererewe ubutegetsi bg’igihugu ivyo bikaba vyotuma bakora ibikorwa vy’umwansi canke bakifatanya nawe. Uburundi burakwiriye gusubira kuvugurugwa mu vyerekeye les structures sociales na le renforcement de la capacite securitaire.
