
ABANYAMASEZERANO BOSE BASABGE KWEZWA N’UKWIKURA UMURURAZI
Umukozi w’Imana wo mu Ntara ya Rumonge yatumwe ku banyamasezerano bose ngo mur’iyi minsi ibiri irangiza ukwezi kwa kabiri 28-29/02; mwese mwiyeze kandi mwitunganye cane mu kwiyambura umururazi uri mu mitima kugira ngo ntimupfe ahubgo mushikire amasezerano murindiranye igishika.
Uwundi mukozi w’Imana wo mu ntara ya Bujumbura yavugishijwe yuko abantu mwese murindiriye amasezerano Imana yahaye igihugu c’Uburundi musabge gufata iminsi 28-29/02, ibe iminsi yo kuduga umusozi wo kwezwa no gutunganya kuko imbere hari ibikomeye.
Ukwiyeza n’inzira umuntu atangura kandi akabandanya mu gukurikira Yesu Kristo. Ni uguhinduka mu vyiyumviro, mu mbono y’ibintu, mu ntumbero, mu mvugo no mu ngiro. Ukwezwa gutangura iyo twaturiraniye ivyaha vyacu vyose tugasaba imbabazi kuko bituma Uhoraho Imana aduharira kandi akatweza ibigabitanyo vyacu vyose. [1Yohana 1: 9]
Umururazi uwumvira mu mutima wawe nta jambo uronka yo kuwusobanura. Umururazi umeze nk’inkota ikarishe, nk’umwampi usongoye, urura nk’umubirizi, ukababa nk’urwaga, ugasharira nk’ipilipili mu gisebe kandi ukababaza nk’ubumara mu mutima. Umururazi uterwa n’ishavu ryinshi, ishari n’inzigo, ubushangashirwe n’urwanko, ubukene n’ukwipfuza, ukurenganywa n’ukuvugwa nabi, uguhebga n’uguhemukirwa, ukutababarirwa n’ukutababarira. Ni ibibabaza umutima vyose. Abafise umururazi biremeshereza mu bushakanyi, uburake, igono, gusenga ibigirwamana, uburozi, ikeba, ibice, kuborerwa, urwanko, n’amacakubiri… Umuntu afise umururazi naho avuga yuko yubaha Imana yama afise ishavu, intuntu, yicura ikibi, yicurikira, avuga nabi canke akagira uburyarya, agira umutima udadaraye kandi arabishe kuyaga. Suzuma rero kiwe cose yuko atakitari muri wewe.
Uhoraho Imana aratubarira uko dukira umururazi: “Mwiyambure umururazi wose no kujingitwa n’uburake no gutongana no gutukana bibavemwo, hamwe n’inzigo yose. Mugiriranire neza, mugiriranire imbabazi, muhariranire nkuko Imana yabahariye muri Kristo Yesu.” [Abanyefeso 4:31-32] Iyo umuntu yirukanye umururazi mu mutima wiwe, ujana n’ivyipfuzo vya kameremere k’umubiri. Mu muntu yihanye akiyambura umururazi, mu mutima wiwe haca hinjiramwo ivyamwa vya Mpwemu Yera: “Urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa, uburwaneza” [Abigalatiya 5:22-23]
Mur’iyi minsi ibiri yo kwiyeza no kwisomora umururazi, umuntu wese yisuzume arabe yuko afise ivyamwa vya Mpwemu Yera muri we.