Ibanga rihambaye: Uwizera wese akwiriye kugira ubgenge.

IBANGA UWIZERA WESE AKWIRIYE KUMENYA
Umwansi wa mbere w’abizera Imana si satani n’abadayimoni nkuko vyigishwa mu mashengero. Umwansi wa mbere arembeje aba-Kristo bari mw’isi ni ukutamenya ububasha n’ubushobozi bahawe, no kudakoresha ingabire zabo. Abantu benshi birigwa bariganyira ngo nti bize amashure canke ngo ntaco bahawe bakibagira yuko ahubgo aribo bafise muribo ivyo abandi bose bakeneye. Burya agakiza kuzuye gatanga amahoro atagira akagero.

  1. Abantu b’Imana bicwa no kutamenya niko Uhoraho Imana yavuze muri [Hoseya 4:6] kuko batarondera kumenya ibiri muribo, ibiri mw’ijuru, kw’isi n’ikuzimu. Kirazira kwigiza kure ubumenyi bg’ibintu kuko ubikoze Uhoraho nawe aca aguta. Kirazira kandi kwirengagiza ijambo ry’Imana ryose kuko nawe aca yirengagiza uruvyaro rwawe. Ubgo bumenyi Uhoraho avuga s’ubgo mw’ishure gusa mugabo no mu kibano. Umu-Kristo arakwiriye kwama amenya ibintu vyose ku buryo bgimbitse.
  2. ⁠Abantu b’Imana barakwiriye kutemera ngo bahendwe n’ibica ku mbuga ngurukana bumenyi canke n’abantu bose bigira ba kabizi. Dukwiriye kwama tumenya ukuri kwose kwinyegeje muvyo twumva, muvyo tubona no muvyo abantu benshi birengagiza. Umwami Yesu yabivuze avyeruye muri [Yohana 8:32], ati muzomenya ukuri, ukuri nakwo kuzoguha kwidegemvya. Burya iyo turonderana umwete kumenya ukuri, Uhoraho Imana arakuduhishurira kwose kandi bikadufasha kubaho neza iminsi yose kuko tuba twidegemvya.
    Birababaje cane kubona abizera Imana aribo bitwa yuko bizera ibintazi. Bama bariko bahendwa kandi bakanazimizwa gushika naho bakanazimirira mw’ijambo ry’Imana mu kuritwara ukutariko. Mwomenya yuko dufise ivyanditse kandi tubana n’uwavyanditse. Ubgo n’ubuntu bugeretse ku bundi. Ab’isi bo basigaranye ivyanditse gusa mugihe bene kuvyandika barasangukiye mu mva. Ariko tweho dufise Mpwemu yahumetse ijambo ry’Imana yahindukiye akaza kuba muritwe nkuko twabisezeraniwe. [Yohana 16:13]
    Dusabe umu-Kristo wese aho ari, arengere amacakubiri y’amadini n’amashengero ari mu bantu kugira ngo arondere kumenya ukuri kwose. Umenye yuko wakunzwe kandi watoranijwe n’Imana. (1) Vyuka gusenga iminsi yose hagati ya sa cenda na sa kumi n’imwe z’ijoro. (2) Wikanguye, uze wibuke inzozi zose wagize mw’ijoro maze uzandike. (3) Ufate umwanya wo kwunzanga no kwiyumvira kur’izo ndoto zawe nk’uko ubigenza kw’ijambo ry’Imana. (4) Ufate umwanya wo gutazira Imana bavanye n’ico watahuye aho waruhwekereye imbere y’Imana. (5) Senga rero ukoresheje amajambo yawe wumva adudubiza ava mu mutima. [Zaburi 1 :2-3] Uko niko Adamu yavyuka yita amazina ibikoko vyose vyo mw’isi atamashure yagiye kuvyigiramwo. Iryo ni isoko ry’ubgenge.