
GUSENGERA AMAHITAMWO.
« Barasenga, bati Mwami, ni wewe uzi imitima y’abantu bose, none werekane uwo utoranije mur’ aba bompi »
[Ivyakozwe n’intumwa 1:24]
Aha ni intumwa zariko zirasenga zisaba Imana izirongore muguhitamwo uwosubirira Yuda kuko yari yariyahuye inyuma yo kugurisha Yesu. Hagati ya Matiya na Yusito, bashaka umwe kuko niwe yar’akenewe ngw’amusubirire mugishingo. Basenze bavuga bati Mana, ni
wewe uzi imitima y’aba bantu bose,…
Burya uko umuntu akura, hari igihe bimusaba amahitamwo amwe n’amwe kandi akomeye, nko guhitamwo uwo muzobana, canke kubakozi b’Imana guhitamwo abo batoranya muguhagararira umurimo,guhitamwo incuti…
Isengesho rikwiriye, ni irivuga ngo Mana, ni wewe uzi imitima y’aba bantu. Muyindi mvugo,muguhitamwo,umuntu wakagomvye guhera kumutima w’umuntu. Kuko umutima w’uwundi utaba uwuzi ijana kw’ijana, niho usenga ngo Imana ikurongore.
Ariko benshi bahera kubigaragarira amaso.
Umusi samweli Imana yamutuma kugenda kurobanuza amavuta uwuzoba umwami, yihenze kukaranga ka bakuru ba Dawidi, yibwira ko ari muri bo Imana yatoranije. Na se wa Dawidi nawe kuko yaraba ibigaragarira amaso, ataraba umutima, yabihenzeko, yibaza ko ari muri bo. Dawidi arirengagizwa, kandi ariwe yar’afise umutima Imana ishaka.
Imana yaje kubwira samweli ati…kuko jewe sindaba nk’uko abantu baraba, kuko jewe ndaba umutima.Vyarangiye uwufise umutima Imana ishaka(Dawidi) ariwe atoranijwe.
Benedata, ibindi vyose birihuta gutituka, uretse umutima gusa. Ntidukwiye kuraba dufatiye kubigaragara inyuma gusa, ngo biduhume amaso bitubuze kubaza Imana izi imitima y’abantu bose.
Imana izi imitima izokurongorera ahakwiriye, kandi ntuze wite cane kuvyo abantu baraba ibigaragarira amaso bavuga, nimba uzoba wasenze ukumva ko koko urongowe n’Imana.
Kandi amahitamwo ben’aya uzoyasanga mumice hafi yose y’ubuzima:
Muguhitamwo abagenzi, canke uwo muzokwubakana,
muguhitamwo akazi(mugihe ubona imiryango yugurutse ari myinshi),
muguhitamwo abatoranywa mumurimo w’Imana,…
Mugihe c’amahitamwo, dukwiye kwirinda guhitamwo turabiye kubigaraga amaso gusa, kuko burya uko igihe kihaca umutima w’umuntu niyo shusho nziza yerekana ubwiza bwiwe. Igikuru n’umutima rero, ibindi umuntu yobiraba,ariko yahereye kumutima, agasenga kugira ngo Imana izi imitima y’abantu imurongore,kuko hatabayeho gusenga n’uwo mutima nyene umuntu yowihendako.