
UMUGOROROTSI AZOMERERWA NEZA.
« Mubgire umugororotsi kw azomererwa neza, kukw azotungwa n’ivyo ibikorwa vyiwe vyamuje. »
[Yesaya 3:10]
Mw’isi yose, abantu batinya Imana irabishimira. Bibiliya ivuga ngo abera bo mw’isi nizo ntore nezerererwa. Ahandi naho ati inyonga z’Uhoraho ziri kubagororotsi. Muyindi mvugo,isi,ibintu,…
ntagaciro bifise mumaso y’Imana, vyose n’ivyacu.
Umugororotsi azomererwa neza rero. Kumererwa neza Imana ivuga,si ugutunga vyinshi, ahubwo n’ukugira akaneza ko mumutima, ukanezerererwa ubuzima kubw’Imana wamenye.
Iyo ugerageza gukora ivyo Uhoraho ashaka,aguha kunyurwa,amahoro,
Umunezero,…
Satani rero akora ibishoboka vyose, ngo yibagize abizera Imana isoko y’umunezero wabo, mukubereka ivyo bakenye. Gutyo akabanyaga amahoro.
Nimba ibifadika arivyo soko y’umunezero wacu, abizera ba mbere babayeho batishimye, kuko bo bagurishije ivyabo, umwe wese agahabwa ico akenye, hanyuma hagatera guhamwa, bamwe bakangazwa abandi bakicwa.Ariko, kuri bo Imana bizeye yababereye vyose, babaho banezerewe,
banyuzwe, bishimiye agakiza bakiriye, bari bamerewe neza mumutima kubw’ Imana yabo.
Imana rero izoguha kumererwa neza mumutima, ubihawe n’ubuntu bwayo, ariko kandi kuko ari Imana yitwararika abayo, izoguhezagira bivanye n’uko ibona ko ari vyiza kuri wewe, bigutere intege zo kubandanya kuyikorera.
« Umugororotsi azomererwa neza ».