Tube abantu b’ubgenge aho turi hose tudatinya gukora ivyiza.

TWAME DUKORA IVYIZA.

« Twame dukora ivyiza, ntiducobogore, kukw igihe ni cashika tuzokwimbura, ni tutarambirwa. »
[Ab’i Galatiya 6:9]

Gukora ivyiza biri muvyo umuntu wese yahuye na Yesu ahamagariwe. Kandi ntibiba ngombwa ko yirirwa arabisunikirwamwo kuko Yesu ari mumutima niwe abimuha kuvyiyumvamwo.
Nico gituma uwamenye Imana arushiriza kunezerwa vyuzuye iyo ariko ivyiza.

N’ubwo kwikunda biri muri kamere ya buri muntu wese, ariko sivyo bitanga umunezero,mugihe umuntu atitaho ivy’abandi. Ahubwo
kugaragariza urukundo abandi nivyo bituma umuntu yiyumva neza kurusha .

Kandi buriya iyo umuntu akoze iciza aba abivye mw’isi y’impwemu, kandi akazokwimbura. Nico gituma bibiliya ivuga ko gutanga bizana umugisha, kuruta guhabwa.

Ariko rero, hari ababiba neza kurusha abandi. Nk’akarorero,
umwe ashobora gukoresha udufaranga twiwe ashigikira impfuvyi, uwundi akadukoresha asororera abandi ngo babe barishimisha. Bose baba basohoye uburyo bwabo,ariko hari uwuba yabivye neza kurusha uwundi. Kwishimisha si icaha bitewe n’uburyo umuntu abikozemwo, ariko ivyo ntivyokora kumutima w’Imana ngo bitume iguhesha umugisha,nk’uwagiye kuraba impfuvyi, abarwaye,…

Dukwiye kumenya aho tubiba n’ingene tubiba. Cane cane tukama twibuka ko ari ivyo twahamagariwe.

Ikindi twomenya, n’uko iyo ubivye udaca wimbura ako kanya nyene. Ahubwo bifata igihe,ukanabagarira ivyo wabivye,hanyuma ukazokwimbura.

Benedata, hagati yo kubiba no kwimbura,hakwiye kubaho kutarambirwa. Imana izohesha umugisha ibikorwa vyiza vy’amaboko yawe, ariko izobikora igihe co kwimbura kigeze.

Igihe kizogera Imana ikoreshe amaboko y’abandi mukuguha ivyiza, nk’uko nawe yakoresheje ayawe muguhesha abandi ivyiza. Kandi iyo umuntu yimbura, asarura vyinshi ugereranije n’ivyo yabivye.

« Twame dukora ivyiza rero, ntiducobogore, kuko igihe nicashika tuzokwimbura,
nitutarambirwa ».

Muhezagirwe.