Uburundi kugira bukire burakeneye kuganzwa n’ingabire zikorera muri Mpwemu z’Imana

Agatabo gafasha Aba-Kristo kuganza isi

  • Umu-Kristo yoganza, isi siyo yo muganza.
  • Umu-Kristo akura ubushobozi budasanzwe mu ngabire za Mpwemu, mu gusenga, mu kwatuza akanwa kiwe no mu masezerano y’Imana.
    -Ingabire za mpwemu zikora neza iyo zihagaze mu vyamwa vya Mpwemu Yera dusanga mu [Abigalatiya 5:22-24.]
    -Ingabire n’agakiza biratandukanye kuko abantu benshi bafise ingabire ariko badafise agakiza.
    -Agakiza ni UBUZIMA bg’IMANA bwinjira mu muntu kubera yizera YESU KRISTO.
    -Ukwizera YESU KRISTO nakwo si mu majambo gusa ni uguhinduka mu vyiyumviro, mu ngeso no mubikogwa vyerekana ivyamwa vya Mpwemu Yera.
  • Nta mu-Kristo yo kenye, yo gize amagara make, yo kubaguwe canke yobaye munsi y’umuvumo.
  • Umu- Kristo ni igikomangoma c’ubgami bg’ijuru. Ukugororoka, ukuganza n’umunezero vyo musaga akiri hano kw’isi.
  • Aba-Kristo bubaha Imana atari abayiyitira b’ingwizamurongo bagiye kuganza Uburundi bahindure ibintu vyononye ingo, ishengero n’igihugu.
    -Ngubgo ubuhinga bgo kuganza isi bakoresheje ubushobozi buri mu ngabire za Mpwemu zirenga 27.