Mube ivyitegererezo vyiza aho mubaye mu gukorera Imana musengera amasezerano.

Hana yabaye icitegererezo kandi yatanze akarorero keza.

« Maze Hana asenga Uhoraho afise intuntu, arira cane, asezerana isezerano, at’ Ewe Uhoraho Nyen’ ingabo, ni waraba umubabaro wanje incoreke yawe, ukanyibuka, ntunyibagire jewe incoreke yawe, ukantabaza umwana w’umuhungu, nanje nzomuguha, Uhoraho, abe uwawe kuzorinda apfa, kandi nta rupfuhe ruzomugera ku mutwe. »
[1 Samweli 1:10-11]

Uyu mupfasoni Hana ni umwe muturorero twiza turi muri bibiliya. Yaraciye mukigeragezo co kubura uruvyaro, kandi agisokamwo amahoro Imana imutabaye. Reka turabe bimwe muvyo twomwigirako mukigeragezo ciwe, twoshira mu bikorwa natwe mu bikomeye twocamwo ivy’arivyo vyose:

1.Hana yarasenga:

Buri mwaka, yama yaduze aja mungoro y’Uhoraho kumushikanira ikimazi. Ninaho yaje gutura isengesho asaba akana, Imana yumva ugusenga kwiwe, iramwishura.
Abizera dukwiye kuba turi abantu basenga, uko vyoba bimeze kwose. Ntidukwiye kurambirwa canke kubireka, kuko Imana irishura amasengesho ititaye kugihe kihaciye.

2.Hana yarakorera Imana.

Yama yaduze buri mwaka kuyitangira ikimazi. Ninako mukigeragezo dukwiye guhora dukorera Imana, uko dushobojwe. Gukorera Imana kwacu ntikukagenwe n’ibihe, ahubwo bikwiye guhinduka umuco wacu, twaba turi mubihe vyiza canke bibi,kuko Imana iguma ar’Imana.

3.Hana yarihangana:

Yar’afise mukeba wiwe Penina, yahora amurya umutima kuko atavyara, ariko Penina we akaba yaravyara.

Benedata,
ukwihangana kw’umuntu kurageragezwa,uko yoba ari kwose. Imana iy’iretse abantu bakatugerageza,
dukwiye kwihangana gushika twishuwe. Abantu bafise igihe co kukugerageza,iyo wihanganye Imana irakora ibikwiye ikagukura mugasuzuguro.

3.Hana yagize inyifato nziza imbere y’umukozi w’Imana.

Umuherezi Eli yamubonye arira ijwi ridasohoka,aca yibaza ngo yaborewe,
aranabimubwira, ariko Hana yamwishuye neza ati nd’umuntu yabonye amahano;nariko ndasuka amajojwa yanje imbere y’Uhoraho, ntavino nanyoye.1sam1:15.

Sivyiza rero kubona umukozi w’Imana nabi n’ubwo yoba atagutahuye mukibazo urimwo. Ukwiye kubimusobanurira n’uburwaneza,
ntazoreka kugugesha umugisha,niyo atowuguhesha,Imana yo izowuguha. Rero Hana niko yabigenje,ku w’inyifato nziza imbere y’umukozi w’Imana Eli, yaciy’ amuhesha umugisha,ati Ni wigire amahoro; Imana ya isirayeli iguhe ico wayisavye. Kandi niko vyagenze,bidatevye Hana yaciye yibungenga.

Hana yari gushobora kwidodombera Eli umukozi w’Imana, ariko yahisemwo kugira inyifato nziza imbere yiwe.

Hari abantu bihanganira ikigeragezo,ariko bakihangana bagira inyifato itari nziza(bakidodomba,
bakavuga nabi,…), mbere no gukorera Imana abatabivuyemwo bakagabanukirwa cane. Ariko siko bikwiye kumera.

Dukwiye kwigira kuri Hana.Yarasenga,
agakorera Imana,
akihangana,kandi akagira inyifato nziza.
Iy’umukristo avyifashemwo nk’uko, asohoka mukigeragezo ciwe afise intahe nziza mumutima wiwe, kandi aba afise n’ivyo yosangiza abandi vyo kubafasha; ikirenzeko,kubwo gusenga kwiwe,abona Imana imwiyereka mukumuha inkomezi,
nomukumukura muvyo yabona bisa n’ibidashoboka.