Korera mu ngabire wahawe nta muruho uzogira mu kubaho kwawe.

KORESHA INGABIRE YAWE.

« Petero aramubarira at’ Ifeza n’izahabu nta vyo mfise, arikw ico mfise ndakiguha: mw izina rya Yesu Kristo Umunyanazareti, va hasi utambuke. »
[Ivyakozwe n’intumwa 3:6]

Aha yar’umuntu amugaye yamenyereye asegerereza, abonye Petero na Yohana aca abashurak’umutima yibaza ngo har’ico bari bumuhe. Petero niko kumubwira ko atafeza n’izahabu afise. Ariko aca akoresha ingabire yar’asanganywe,
aramukiza mw’izina rya Yesu.

Mw’ishengero rya Kristo, ingabire za Mpwemu zifise igikorwa gikomeye amafaranga atoshobora gukora. Nivyo,
amafaranga acemura vyinshi, harimwo kugura ibikoresho biba bikenewe,…, ariko burya ingabire nizo zituma ibintu biba vyiza kurusha.

Benshi biyumva ko bariko bakorera mungabire zabo ar’uko baririmba,
bavug’ubutumwa,
baprotokola, ariko burya ingabire ziruzuye, zitagira abazikoreramwo.

Umuntu ashobora kuja gusengera ahantu batamuzi, agataha atan’uwumuramukije ngo amubaze iyo yaje ava. Akahasengera nk’ukwezi kurenga atawumumenye, kandi abakristo b’abasangwa buzuye urusengero. Wibaze!

Har’abobitangira insiguro ngo n’uko haba hasengera benshi, ariko sivyo. Kuko abo benshi nibo bokwakirana igishika abo bake, bakabaza amakuru yabo. Ariko abatari bake umwe wese aba ababaye ivyiwe. Bituma umuntu mushasha aje kwakira kristo aba inyakamwe,
akamenyana na pasitori n’abandi bake, nabo batamufitiye umwanya uhagije kubw’amabanga menshi baba bajejwe. Ntagitangaje rero ko atokomera mugakiza, kiretse aronse abamuboneye izuba yigirako,
bamuganiriza bakanamukomeza.

Benedata, kwakira abashitsi n’ingabire ikomeye. S’ukubakira ng’ubazimane, ahubwo n’ugutuma bumva ko bisanze. Kandi ivyo si ibango risaba ko uba warasengewe,
n’igikorwa c’uwariwe wese iyo ari kurusengero iwabo. Petero ati « ifeza n’izahabu ntavyo mfise,ariko ico mfise ndakiguha,… »

Natwe dukwiye gukoresha ivyo dufise Imana yaduhaye. Nimba yaraduhaye amafeza, nayo tuyakoreshe no mumurimo wayo. Nimba atamafeza dufise,dukoreshe ubundi buryo yaduhaye,ingabire zacu, inguvu zacu,ubwenge bwacu…

Ishengero rya Kristo ryorushiriza gukomera, mugihe abaribarizwamwo bose bakoresha ingabire Imana yabahaye, ntihabemwo ba sindabizwa.

Mukazi ka misi yose abantu bakorera muri leta canke mu mashirahamwe bama mu ndyane bamwe bagahanwa abandi bakirukanwa Kubera yuko badakorera mu ngabire zabo. Bamwe bize ivyo badakunda abandi baronkejwe akazi kugira ngo baronke uko babaho gusa mugabo ata ngabire babifisemwe. Ivyo vyama bibatera ibibazo iminsi yose. Iyo umuntu akora akazi akoresha ingabire yiwe, ntavunika, nta mategeko amuremera kandi nta muntu n’umwe amuca imbere ngo amurushe kubikora neza iyo atari ingabire zisumbana. Umuntu wese n’arabe igisata kirimwo ingabire ziwe abe arico akoreramwo, umuyangayanga akorera ku macuniro areke kwigira umuganga avura abantu mu bitaro. Amen!