
IREMWA RY’ISI N’ABANTU, UMURIMA WA EDENI N’UBGATO BGA NOWA
Abahinga n’abashakashatsi bo kw’isi barashoboye guhuza urukurikirine rwivyabaye kw’isi nkukobidondwa muri Bibiliya n’urukurikirane rw’ingene ubuhinga bg’isi bgagiye buratera imbere nk’uko kahise kavyerekana gushika uyu munsi. Nta kintu na kimwe cerekana yuko ivyanditswe muri Bibiliya vyoba atari ukuri canke bitabaye uko vyanditswe.
Barashoboye kumenya imyaka ibintu vyose vyabereyeko kuva mu mwaka wi 2500 YKA (Yesu Kristo Ataravuka) aho abanyegiputa bavumbura ubuhinga bgo gukora impapuro (Papyrus) zokwandikako n’irangi ryo kwandikisha bagaca bashiraho amasomero. Ni mur’ico gihe nyene bataguye gukoresha ibintu bikozwe mu vyuma. Mu buzima bg’abantu bavugwa muri Bibiliya, abahinga bamenye igihe Aburahamu yavukiye mu mwaka wi 2166 (YKA), igihe yinjiriye muri Kanani mu 1091, ukuvuka kwa Isaka 2066 (YKA), ukuvuka kwa Yakobo na Isawo mu 2006 (YKA)kuduga gushika mu mwaka wa 95 (YKY= Yesu Kristo Yaravutse).
Mu bahinga n’abashakashatsi b’ubumenyi bgo mw’isi no mu vyanditse, nta n’umwe yashoboye kumenya umwaka isi yaremewe, igihe umuntu yaremewe n’igihe Nowa yabaziyeko ubgato. Ico abantu bose bazi nuko Mose yoba yavutse hagati y’Umwaka wa 1304 na 1237 YKA, akandika igitabo c’ITANGURIRO hagati y’imyaka ya 1450 na 1410 YKA. Ico gitabo nico cerekana (1) Iremwa ry’isi [Itanguriro 1:1-2:3], (2) Ivyerekeye umurima wa Edeni, Adamu na Eva, Kayini na Abeli, n’uruvyaro rwa Adamu [Itanguriro 2:4-5:32], (3) Ivyerekeye ubgato bga Nowa, Umwuzure, ingene abantu basubiye kwuzura isi n’ivyerekeye umunara wi Babeli [Itanguriro 6:1-11:32].
Nk’uko vyanditse muri Bibiliya, biboneka yuko Edeni yahera haruguru mu kigobe ca Perse igashika hepfo muri Mezopotamiya aho inzuzi za Tigris (Pishoni, Gihoni na Hiddekeli) hamwe na Epfrate (Phirati) zisukira mu nyaja. [Itanguriro 2:8-14] Biraboneka kandi yuko Nowa yabaye ahahora Edeni. Abahinga n’abashakashatsi basanze ubgato bga Nowa buri mu gihugu ca Turikiya ku musozi Ararate bakemeza yuko ivya Nowa vyabaye mu imyaka 5500 ni 3000 YKA mu gihe abashakashatsi bavuga yuko Igitabo c’Itanguriro kidonda ivyabaye hagati y’imyaka 8000 na 6000 gushika mu 2000 YKA.
Muri Bibiliya niho abaremwe bose bamenyera ingene isi yaremwe, aho Edeni yariri n’uko ivy’umwuzure wa Nowa vyagenze. Ubuhinga n’ubushakashatsi buhambaye nabgo nyene buza bushingira intahe yuko ivyanditswe muri Bibiliya ari ukuri kwuzuye. Ivyo ntibibuza yuko habaho abantu bivugira ivyo bibaza canke kubera urukundo bakunda igihugu cabo bavuga yuko Edeni yari iwabo. Edeni yabaye muri Afrika canke ikaba i Bulaya nico kimwe, ico twomenya n’uko twogororoka kugira ngo tuzoragwe ubuzima budashira muri Yesu Kristo.