Abarundi barakwiriye kwihana ivyaha n’ububi bgabo bagasenga Imana kugira ngo ibashireko uburinzi.

INGENE USHOBORA KUBANA N'ABANYAKIBI NTIWIYANDUZE

Mungo n’imiryango myinshi harimwo indyane n’amatati atuma bamwe bicana, abubakanye bakahukana abandi bakabana baratuntuye kandi barayinze kubera barabana ayingwe. Iyo ubana n’umuntu uramenya yuko ari mwiza canke mubi mugabo hari n’igihe ababanyi, umuryango canke abo mukorana batigera babica n’ikanda bakibaza yuko ari wewe mubi kuko abanyakibi bazi kwiyorobeka.
Kuba umunyavyaha biratandukanye no kuba umunyakibi kuko abanyakibi ataco bibanga naho hariho ivyaha badakora kugira ngo banyegeze ububi bgabo. Ikibi gituma Imana iza guhana igihe c’amateka ya bose kitaragera. Mwofata uturorero kuri Kora, Datani na Biramu isi yasamye irabamirana n’ivyabo n’ababo bose[Guharura 16:32:33]; umuriro w’amazuku w’i Sodoma na Gomora kubera ubusambanyi bg’ishano [Itanguriro 19:24-25]; Ibinyoma n’ubusuma vya Ananiya na Safira mu guhenda intumwa za Yesu Kristo [Ivyakozwe n’Intumwa 5:1- 10].
Mu gihugu dufise imiryango myinshi yabuze ababo. Abavyeyi baratwawe bakuwe ku buzi bamwe bahambga ari bazima barafurirwa, abandi baricwa batererwa mu gahinga baribga n’imbga n’ingurube n’ibindi bikoko. Hari abasangukira mu mirima no mu mashamba, ivyo ni ububi bg’ububisha si ivyaha bisanzwe. Hari n’abahawe kwonona abana babo ku nguvu, abategetswe kurya inyama z’incuti zabo bazikojeje ibitoke canke kunywa amaraso yabo, imbere yuko bose bicwa. N’uyu munsi, hariho abicana, abangazanya, abarenganywa, abanyagwa ivyabo, abagore canke abagabo bateranya abana n’abavyeyi, abakurwa, n’ibindi bibi vyinshi bikorwa n’abantu dutegerezwa kubana.
Mu Burundi, hageze gutandukanya umunyakibi n’umunyavyaha asanzwe benshi barabitahura cane. Akarorero ka hafi ni abaja kumarira umuryango usanzwe wakoranye uri mu kigandaro, bagaheza bakanaturira ikiziga gitwaye mu buruhukiro; ivyo si ivyaha gusa ni ububisha. Vyinshi murabibona aho muherereye.
INGENDO NYAMUKURU ZIRANGA UMUNYAKIBI.
1.Umunyakibi nta mpuhwe agira kandi ntasimbga umutima n’iyo yakoze ikibi.
2.Yama agomba gukurikirana akantu kwose no gukurikirana abantu bose arondera imitongano kubera ashaka kwiganza.
3.Yama agomba yuko umuntu wese amwumvira, amuyoboka kandi amukoresha ivyo ashaka vyose.
4.Ntagomba kwemanga ububi bgiwe canke ngo amenyekane ivyo akora bibi yama ariko aravuga abandi nabi. 5.Yiyerekana nk'umuntu mwiza mu maso y'abantu mugabo agakora ikibi iyo yihishije.

6.Arasukana kuko ashobora kukubarira ngo ukore iki n’iki agahindukira agaca aguca inyuma akakurega canke akaguhinduka akakwagiriza icaha.
7.Akora ikibi kandi akwinyegejemwo canke agatuma abanda bakagukorera ikibi kibishe.
8.Ntagira ubgizigirwa kuko ntatinya kubesha no guhemukira uwariwe wese.
9.Aranezerererwa ikibi c’abandi kandi akigamba iyo yashoboye gukorera ikibi umuntu.
Nk’uko tubibonye, umunyakibi ntatinya kubesha, kwiba, kurwana, gufata kunguvu mbere n’ukwica. Umuntu nkuyo ntimushobora kubana mu mahoro. Wihaye guharira nawe uruhira ubusa. Iyo ubana n’umuntu nkuyo canke akwedetswe, atari Uhoraho Imana wenyene agutabaye ngo akurenganure, abantu bose boguharira ivomo.
INGENE USHOBORA KWIFATA IMBERE Y’UMUNYAKIBI.

  1. Ntuze wigere wemera Ibinyoma vyiwe ngo ubigendereko kuko yama ariko arabesha kandi yiteguye ku guta mu rudubi.
  2. Ntuze ugerageze guhangana nawe canke ngo ugombe kumwereka ukuri usanga uriko urakwega imitongano n’uwufise ubugunge n’ubuyeri bginshi.
  3. Ntuze wigere ufata amajambo yiwe n’ibikorwa vyiwe yuko bitumbereye wewe gusa kuko ibibi agukorera azobikorera n’uwundi.
  4. Mwigirwe kure mu kumwima amatwi no kwihorera iyo ariko aravuga ivyiwe.
  5. Wibereho mu mahoro y’umutima wawe uwo munyakibi umwihoze.
    Iciza ushobora gukorera ababi ni ukubasengera, [Matayo 5:43-45]. Imana yama yarekuye ivyago, ikareka satani agatera intambara zikamara abantu kubera ubudadarare bg’imitima yabo. Barundi, ko mu mogoreye ibibi n’ububisha, mukaba mwanse kwihana no kwubaha amabgirizwa y’Imana, ngaho ivyago n’intambara biraje. Wewe ukijijwe uhamagarirwa kwiyubara, kwezwa no gusenga Imana, nayo izogutabara. [1Petero 5 :8-9]
    Umwami Yesu Kristo yamamare!