Imana ntirobanura ku butoni: Iruzuza Mpwemu Yera abakora ivyo kugororoka vyose.

« Petero yanzika kuvuga, ati N’ukuri ni ho nkimenya yukw Imana itarobanura abantu ku butoni, ariko mu mahanga yose uyubaha, agakora ivy’ ukugororoka, iramwemera. »
[Ivyakozwe n’intumwa 10:34-35]

Ico twomenya n’uko Imana abantu bose irabemera nk’abo yaremye, kuko irabazi. Ariko hari abo yemera ifatiye kubirenze ivyo, bitewe n’ubucuti bafitanye nayo, kurya no mubuzima har’abo twemera ko ari abagenzi b’inkoramutima.

Kimwe mubintu vyerekana ko Imana yakwemeye, n’uko iguha kuri Mpwemu wayo(Mpwemu Yera).
« Ivyako.
n’intumwa 5:32,Yohana 14:15-16″.

Kubatizwa muri Mpwemu Yera rero ni ikimenyetso cerekana ko yakwemeye. Ico gihe uhabwa ubushobozi butuma witahura, bukagufasha guhinduka, gukora ivy’ Imana ishaka.

Aha niho benshi vyankira,kuko bashaka gukora ivy’ Imana ishaka atabushobozi bararonka.
Ntivyokunda, bisa no kugomba gutwara imodoka inywa igitoro kandi atakirimwo.

Kugira umuntu aronke Mpwemu Yera rero, bitegwa n’ikibanza yabihaye mumutima, Imana iri mw’ ijuru ikabona koko ko uyo muntu abikeneye,
yamaramaje kuyikurikira. Ico gihe ahabwa ubushobozi bwa Mpwemu Yera.

Kubona abigishwa bamaze imisi cumi basenga, barindiriye isezerano rya Mpwemu Yesu amaze gusibira mw’ijuru ,
n’ikimenyetso c’uko umuntu akwiye kurondera Imana n’umwete,kugira ngo ahabwe ubushobozi bwa Mpwemu Yera.

Sinobabesha, umuntu adafise ubwo bushobozi, ahinduka umunyedini,umuntu akora ivy’ imagenzo,ivyo mubwenge, kandi n’ivy’ agakiza ntabinezerererwa.
Kubera iki?:

N’uko no mugakiza naho hari intambara. Umuntu aba akeneye kuremeshwa n’uwo Mpwemu.No kugira umuntu yemere kuzira ivyo yizera, bisaba gushobozwa.

Intumwa zimaze guhabwa Mpwemu,zarashize amanga, ziva aho zari zinyegeje zivugira Yesu zidatinya no gupfa. Aha nimugihe iyo atabushobozi dutinya ivyo batuvuga kubwa Yesu.

Umuntu yahawe Mpwemu atangura kubabazwa n’abari muvyaha,kuko yumva muri we ko bazorimbuka,
nibatahinduka,
bikamusunikira kubabwira ubutumwa. Aha ni mugihe iyo atabushobozi umuntu yisanga akunda isi,ivyaha biyirimwo akumva ntaco bimubwiye.Ata Mpwemu yera, n’ubukristo ntagisobanuro bwoba bufise.

Dukwiye kuronderana umwete guhabwa Mpwemu Yera,niwe azodushoboza gukora ivy’Imana ishaka, tukarangiza ubuzima bwacu twakoze ico twaremewe.