Imyaka 25 Imana itwemeje yuko isezerano ari iryacu n’imyaka 10 tumaze turyigisha.

MYAKA 25 IRARUMANYE UHORAHO ADUTUMYE GUTERAMIRA ISEZERANO
Barundi Barundikazi, imyaka 25 iruzuye Uhoraho Imana aduhishuriye yuko isezerano yasezeraniye ihanga ry’Abarundi ari iryacu n’inzunganwe zizokurikira. Imyaka 10 nayo irarangiye Uhoraho adutumye kuryemanga, kuryigisha no kuritangariza abantu bose. Nkuko ihanga rya Isirayeli ryagendana n’Uhoraho ari mu gicu, mu nkingi y’umuriro n’ahari isandugu y’isezerano, uyu munsi twebge Ihanga Ryera ry’Imana tugendana n’Uhoraho Imana mu kugera ikirenge muca Yesu Kristo n’intumwa ziwe. Mpwemu Yera akaturongora mu kuvugana natwe.
Kuva Uhoraho aduhishuriye yuko isezerano ari iryacu, akanadutuma kuritangariza bose, tuguma dutera akamo Abarundi n’abanyamahanga bose ngo bihane, bezwe kugira ngo bashitsweko ivyo Uhoraho Imana yasezeranye. Mugukora ivyo twifashisha ukwandika ibitabo, ivugabutumwa, gutangaza imburi n’ubuhanuzi ku maradiyo, ku mbuga ngurukanabumenyi, amashengero n’ibicaniro, n’umunwa ku wundi kugira ngo umugambi w’Imana uranguke. [Matayo 10:32]
Muri rusangi, Abarundi twatanguye kwumva yuko twatoranijwe n’Uhoraho Imana ngo tube Ihanga Ryera mu mwaka wi 1935, aho umuvugabutumwa w’umusuwedi yitwa URI yaje mu Burundi mu bikorwa vy’aba misiyonari. Uwo muvugabutumwa yaseruye muri uwo mwaka yuko yeretswe umuco ukoroka uvuye mw’ijuru ugakorokera mu gihugu c’Uburundi maze ugakwira isi yose. Muri Myandagaro mu mwaka 1968, mu gikorane ca Pentekoti cabereye i Mugara, habayemwo ubuvugishwa bwinshi buvuga yuko Abarundi ari ihanga ryatoranijwe n’Imana nk’uko na Isirayeli yari yaratoranijwe. Ubwo buvugishwa bgahamagarira abantu bose kwihana, kwiyeza no kwintunganya bakoresheje kwisonzesha no gusenga cane.
Mu myaka yakurikiye ubwicanyi bgo mu 1972, impunzi iyo zahungiye zaciye zitangura gusenga cane kubera ibihe bigoye zarimwo gushika naho hatangura kwururuka ubuvugishwa. Isezerano ku gihugu c’Uburundi ritangura kuvugishwako hirya no hino muri Tanzaniya, Congo, n’Urwanda. N’Abarundi basigaye mu gihugu bararose inzozi, barerekwa kandi baravugishwa ku vyerekeye umuvyuro n’ikanguro bizotangurira mu Burundi hanyuma bigakwira isi yose.
Kugira ngo Uhoraho Imana yerekane kandi yemeze umugambi wayo ku Barundi, yarakoresheje n’abanyamahanga baturuka mu bihugu bibanyi mbere no mu bihugu vya kure nka bulaya na Amerika. Rehinard Bonnke yagize iyerekwa ku Burundi ati: « Mbonye umuriro ukoroka uvuye mw’ijuru urandagata Uburundi bwose hanyuma uca ukwira isi yose. » Aho yavuga ubushobozi bw’umuvyuro n’ikanguro bw’ururutse buva mw’ijuru. Hari n’abandi benshi beretswe ivy’amasezerano ku gihugu c’Uburundi. Ayo masezerano rero agira ashike ku gihugu vuba ni muyitegurire, niko Mpwemu w’Imana avuga hirya no hino, Amen!