Abarundi mumenye ivyerekeye abamarayika b’Imana kuko mugiye kubabona kenshi mu gihugu

ABAMALAYIKA BAKOMEYE BAKORANA N’ABANTU
Hariho abamalayika bavugwa cane muri Bibiliya no mu bindi bitabo mugabo amadini n’amashengero menshi abaziko ibintu bike cane. Abamalayika ni ivyaremwe biba mw’ijuru. Bamwe baboneka bafise amababa abandi basa nk’abantu nkatwe, baza kudufasha no kutwerekeza batumwe n’Uhoraho Imana. Umwe wese muribo afise ico ajejwe n’ibikorwa adukorera nk’uko bafise n’ivyo bakora mw’ijuru. Abo batumwa b’Imana ntitubategeka kandi ntitubasenga mugabo dushobora kuyaga nabo iyo batuganirije. Umuntu wese arakwiriye kumenya ivyerekeye abamalayika kuko hari n’igihe Uhoraho Imana aza mw’ishusho y’umumalayika nk’igihihe ca Aburahamu [Itanguriro 18:1-33], Hagayi [Itanguriro 16:7-11], Mose [Kuvayo 3:2], ikoraniro ry’Abisirayeli [Abacamaza 1:2], Gidiyoni [Abacamanza 6:12] n’abandi.
UMUMALAYIKA MURINZI WAWE
Umuntu wese akijijwe arafise Malayika murinzi wiwe ajejwe ku mukuza muvyo impwemu. Agendana nawe kugira ngo akurinde, agutumbereze mu nzira nziza kandi agufashe mu gakiza. Uwo mu malayika uhabga akorana nawe gusa akaba yuzuye urukundo n’ukwihangana kandi akama hafi yawe. Ntaguhata canke ngo yisuke muvyo ubuzima bgawe kiretse umukundiye. Ariko iyo ugira wicwe igihe cawe co gutaha kitaragera, hari igihe yihutira kugukingira. Kenshi uri mu nzira wenyene uriko aratambuka hariho n’igihe umwikanga ukaraba inyuma nk’uko hari umuntu agukurikiye. [Ivyakozwe n’Intumwa 12:15]
MALAYIKA MUKURU AZRAEL
Ni malayika w’urupfu. Mu bisanzwe akora akazi ko gutandukanya umubiri n’ubugingo. Niwe yakira abapfuye ako kanya mw’iparadizo. Aravugwa cane mu vyanditswe vyera yuko ari malayika murimbuzi. Muri [2 Samweli 24:15-16] avugwa yuko ari Malayika ageseza abantu. Muri [2 Ingoma 21:15], uwo mu malayika w’Uhoraho yabonywe na Dawidi ari hagati y’ijuru n’isi, abanguriye inkota abansi b’Ihanga ry’Imana. Muri [Yesaya 37:36] uwo mu malayika w’Uhoraho yururutse mw’ijoro yica abasirikare 185.000, abantu bavyutse mugitondo basanze ari imirambikango. Uwo niwe yakubise urushi Herodi aturika inyo [Ivyakozwe n’intumwa 12:23], yishe Ananiya na Safira [Ivyakozwe n’Intumwa 5:1-25] n’abandi benshi kuko n’uyu munsi arakora.
UMUMALAYIKA MUKURU CHAMUEL
Izina ryiwe risobanura “Uwubona Uhoraho Imana wenyene” Uwo niwe agushoboza gutsinda ibihe bigoye vy’imibabaro, ibibabaza umutima kandi ni nawe agufasha kumenya umufasha wawe wo mu mubiri. Ni umumalayika
w’amahoro n’urukundo, imbabazi n’ituze. [Zaburi 23:1-6] Page2

UMUMALAYIKA MUKURU GABRIEL
Izina ryiwe risigura “Imana niyo nkomezi zanje” Uwo azwi yuko ariwe yazaniye Mariya na Yozefu ubutumwa bg’ivuka rya Yesu Kristo. Azwi n’umumalayika mukuru azanira abantu ubutumwa bg’ijuru kandi niwe atunganiriza ingo n’imiryango. [Luka 1:26-38]
UMUMALAYIKA MUKURU HANIEL
Izina ryiwe risigura “Ubuntu bg’Imana”. Uwo niwe akurikirana abantu mu buzima bgabo kugira ngo baroranirwe bagire amahoro mu buzima. Niwe atuma ukura mu ngabire yawe yo kubona kure. Bivugwa yuko ariwe afise impfunguzo z’ibirimba vy’ijuru. Ni nawe yatwaye Enoki na Eliya mw’ijuru badaciye mu rupfu. [Itanguriro 5:24]
UMUMALAYIKA MUKURU JEREMIEL, JERAHAMEEL
Izina ryiwe risigura “Imbabazi z’Imana” Igihe wumva ufise ivyo wiyagiriza canke ugomba kugira intumbero nshasha niwe aza kugukorera. Ni umumalayika w’umunezero n’ubushobozi bgo kubabarira kandi niwe atanga inzozi n’inyereko. [Yoweli 2:28-32]
UMUMALAYIKA MUKURU JOPHIEL
Izina ryiwe risigura “Ubgiza bg’Imana” Niwe aramira abantu mu bihe bigoye akanigiza kure ivyiyumviro bibi. Yitwa malayika w’ubgenge n’ukubonekerwa, akanitwa malayika wo mw’ijuru ry’indwi. Ni nawe yaje kwirukana Adamu na Eva mu murima wa Edeni kandi niwe yagarutse gufata umutima wa Yesu Kristo i Gitsemane agira ababazwe. [ Iyahishuriwe Yohana 2:3-4]
UMUMALAYIKA MUKURU MICHAEL
Izina ryiwe risigura “Wa wundi asa n’Imana” Azwi nk’umurinzi n’umurwana ntambara. Niwe yirukana ubgoba n’ivyiyumviro bidutera kwiganyira mu buzima bgacu.Niumukuruw’ingabozirwanamuMpwemunomumubiri. [Daniyeli10:21, Yuda 1:9]
UMUMALAYIKA MUKURU RAGUEL
Izina ryiwe risigura “Umugenzi w’Imana” niwe asuzuma yuko umumalayika wese arangura amabanga yiwe neza. Araza akaguhanura ico wokora mu bihe bigoye uba uriko uracamwo. Ni umumalayika w’ubutungane n’ubusabane bg’Imana n’abantu. Umuravye uko avugwa ni Yesu Kristo. [Ivyahishuriwe yohana 1:4-8]
MALAYIKA MUKURU RAPHAEL Page3

Izina ryiwe risigura “Imana irakiza” Niwe atumwa kuzana ugukira kw’abagwaye mu buryo bg’ibitangaza. Niwe yahora aza ku kidengeri ci Betesida akazikurura amazi maze abayitayemwo bagakira. [Yohana 5:1-4]
UMUMALAYIKA MUKURU SANDALPHON
Izina ryiwe risigura “umuvukanyi” bakavuga yuko ameze nk’ihasa rya Malayika Metatron (mu Malayika atahura cane ubuzima bg’ababa mw’isi n’ingorane bagira kuko yarayibayemwo imbere yuko aja kuba mw’ijuru. Ni umumalayika w’inkomezi) kuko nawe akora igikorwa co gutwara amasengesho y’abantu mw’ijuru kugira ngo abadayimoni ntibayatangire. Niwe atwara n’amasezerano abantu bagirira Uhoraho Imana akayashikana. Azwi kandi nk’umumalayika w’umuziki n’indirimbo mw’ijuru akaba ari nawe afasha abaririmbira Imana kw’isi. Niwe avugwa mu nyereko zo muri [Zaburi 34:7]
UMUMALAYIKA MUKURU URIEL (ARIEL)
Izina ryiwe risigura “Umuco w’Imana” rikongera rigasigura “Intare y’Imana”. Niwe mu bihe bigoye, igihe umuntu atazi ico akwiriye gukora araza akakwigisha, akakwereka inzira, akanakwereka ingene ubisohokamwo. Bavuga yuko atunganiriza n’ibikoko n’ibindi vyaremwe n’Imana vyose. Ni umumalayika w’ubgenge, umuco n’ukuri kw’Imana. Niwe mu malayika bavuga yuko arinze n’amarembo y’ijuru. Hari n’abibaza yuko yoba ari umwigeme. N’uyo yamuritse Intumwa Pawulo hanyuma akumva ijwi rya Yesu Kristo. [Ivyakozwe n’intumwa 9:9, 22:6-11]
UMUMALAYIKA MUKURU ZADKIEL
Izina ryiwe risigura “Ukugororoka kw’Imana” Ni umumalayika afise ubushobozi budasanzwe. Niwe azwi nk’umunyempuhwe n’imbabazi kandi azana ihumure mu bihe bitoroshe. Niwe yasemereye abuza Aburahamu ngo ntatange umuhungu wiwe Isaka. [Itanguriro 22:1-19]
Ni ivyingenzi gutahura ubushobozi, ububashan’umugambi idufitiye mu kuturungikira abamalayika kubgo ubushobozi bga Mpwemu Yera. Abantu benshi baritiranya ibikorwa vy’abamalayika n’ivya Mpwemu w’Imana. Abamalayika ni intumwa z’Imana ziza gukora ibitangaje hano mu bantu ariko Mpwemu w’Imana ni Uhoraho Imana, ni Yesu Kristo we nyene abana natwe mu buryo bga Mpwemu Yera.
Woba wibaza yuko umaze kubona umumalayika canke umaze kwumva ijwi ryiwe? Twandikire tubiyage kuri: +257 72408852 canke +1 914 4483650 canke kuri abisezerano@yahoo.com