Uturanga 18 tw’abamalayika b’Imana

UTURANGA  18 TW’ABAMARAYIKA

Duherutse kubabarira amazina y’abamarayika bakuru n’ivyo bajejwe gukorera abantu batumwe n’Uhoraho Imana. Ubu naho reka tubabarire ibintu 18 Bibiliya ivuga ku mu marayika ukwiriye kumenya kugira ngo wirinde gukora ikosa ni mwahura kuko bagiye kuza baraboneka cane mur’ibi bihe. Abamarayika bafise ikibanza abantu badakunda gutahura muri Bibiliya kandi banditswe incuro 300 uhereye mw’itanguriro gushika mu Vyahishuriwe Yohana. Baboneka nk’abatumwa, abadukingira, abaturwanira n’abama batazira Uhoraho Imana.

  1. ABATUMWA BEJEJWE B’UMUCO

Abamarayika bavugwa nk’abera, ibiremwa biteye igomwe vy’umuco, bakorera umugambi w’ukugororoka kw’Imana. Ivyanditswe vyerekana yuko kubona umumarayika bidasanzwe kuko bishobora gutera ubgoba n’ukujugumira [Matayo 28:2-4, Abacamanza 6:22]. Bivugwa yuko basa n’akabengebenge kitwa tarushishi, mu maso hasa n’umuravyo n’imuri z’umuriro, amaboko n’ibirenge vyiwe bisa n’umuringa w’umwakaka, kandi ijwi ry’amajambo rimeze nk’iry’ishengero ry’abantu [Daniyeli 10:6].

  • IGUGU RIDAHARURIKA

Bibiliya itubarira yuko Uhoraho Imana yaremye igitigiri c’abamarayika kidaharurika kuko kirengeye ivyiyumviro vy’abana b’abantu. Ubusumbasumbane bgabo buvugwa yuko ari amasinzi y’ingabo zizengurutse intebe y’inganji y’Imana. Ibiharuro vyabo bikaba imiliyaridi n’izindi n’ibihumbi n’ibihumbagiza [Abaheburayo 12:22, ivyahishuriwe Yohana 5:11].

  • ABATUMWA B’UHORAHO IMANA

Abamarayika baboneka muri Bibiliya nk’intumwa z’Imana, zitanga ubutumwa budasanzwe bgo kuyobora abantu [Luka 1:26-38, Itanguriro 16:7-11]. Mu rurimi rw’ikigiriki, ijambo Marayika risigura umutumwa. Batwara intumbero y’Imana kandi bagashikiriza amabgirizwa yayo.

  • ABATAZIRA MW’IJURU

Mw’ijuru, abamarayika baguma bahimbaza kandi batazira Uhoraho Imana. Bazengurutse intebe y’inganji y’Uhoraho Imana baririmba indirimbo z’amashimwe. [Ivyahishuriwe Yohana 5:11-12, Yesaya 6:3]. Baguma baha icubahiro Uhoraho Imana berekana ubutware n’ukugororoka kwiwe.

  • ABAKINGIRA UKUGOROROKA

Hari igihe abamarayika bahabga amabanga n’Uhoraho Imana yo gukingira no gutabara Abera b’Imana kugira ngo ntibahure n’akabi [Zaburi 91:11-12, Daniyeli 6:22]. Bashobora guseruka ku buryo buboneka mu gutabara, bagakingira kandi bagatanga intumbero ku bizera mu buryo butangaje.

  • IBIKORESHO VYO GUCA AMATEKA

Hari ibihe abamarayika bashira mu ngiro imanza z’Uhoraho Imana ku banyakibi no kubanyavyaha banse kw’ihana [Itanguriro 19:1-29, 2 Abami 19:35]. Mur’ico gihe baba ibikoresho vyo guhana canke gusambura mu kwubahiriza amategeko y’Imana ku banyavyaha n’abagumutsi.

  • ABAMARAYIKA NTIBASENGWA

Naho abamarayika bafise ububasha kandi bejejwe, s’abo gusengwa. Ugusengwa n’ukwo Uhoraho Imana wenyene. [Ivyahishuriwe Yohana 22:8-9, Abikolosayi 2:18]. N’iyo hagize uwugerageza kubasenga, bo nyene baramwiburiza bati usenge Uhoraho Imana wenyene, nayo jewe nd’umusavyi w’Imana nkawe. Iyo umuntu apfuye ntacika umumarayika, ni ikinyoma.

  • UBUSUMBASUMBANE N’IBIKORWA BAJEJWE

Bibiliya iratwereka yuko hariho ubutandukane hagati y’ubgoko bg’abamarayika bujana n’amabanga bajejwe nk’abamarayika bakuru n’abakerubi [Yuda 1:9, Ezekiyeli 10:1-22]. Bamwe baboneka bafise ubusumbasumbane n’ibikorwa bajejwe mu mabanga atandukanye y’ijuru.

  • UKUTAMENYA VYOSE

Abamarayika ntibafise ubumenyi bg’ibintu vyose nk’Uhoraho Imana. Hariho n’ibintu usanga batazi [Matayo 24:36, 1 Petero 1:12]. Ubumenyi n’ugutahura kwabo naho bazi vyinshi cane, kurafise aho Uhoraho Imana yakugarukirije.

  1. ABARINZI B’AMAHANGA

Ivyanditswe vyinshi birerekana yuko abamarayika bakora nk’abarinzi canke abategeka amahanga. Baguma bayobora abantu muvyo bakora nk’uko babitumwe n’Uhoraho Imana [Daniyeli 10:13-21, 12:1].

  1. BARANEZERERERWA ABIHANA

Mw’ijuru, abamarayika baranezererwa abanyavyaha bihanye bagahindukirira Uhoraho Imana [Luke 15:10]. Ugukizwa kw’umuntu wese kuzana umunezero no kunezererwa mu ngabo zo mw’ijuru nk’uko Imana ivyipfuza.

  1. NTIBARONGORANA

Umwami Yesu Kristo yaravuze yuko abamarayika batarongorana canke ngo barondoke. [Matthew 22:30]. Ni ibinyabugingo vyo mu mpwemu atabushobozi bg’umubiri bgo kurongorana no kurondoka nk’uko abantu bameze. Tuzogaruka kur’iki dusigura [Itanguriro 6:1-4, na Yobu 1:6,2:1,38:7] kubiyumvirako bari abamarayika barongoye abantu.

  1. BASHOBORA GUSA N’ABANTU

Incuro nyinshi muri Bibiliya, abamarayika babonekeye abantu bafise ishusho y’abantu nyene. Rimwe na rimwe, abantu ntibashobora kubamenya yuko basanzwe ari abamarayika. [Abaheburayo 13:2, Itanguriro 18:1-3]. Bashobora gufata ishusho y’umuntu kugira ngo bashobore kuyaga n’umuntu bamuha ubutumwa bg’ijuru.

  1. ABAGWANANTAMBARA B’IMANA

Abamarayika bashobora kuba abagwanyi, abasirikare bagwanya inkomezi z’ababi. Bagwana mu buryo bg’umubiri no mu buryo bg’impwemu. [Ivyahishuriwe Yohana 12:7-9, 2 Abami 19:35]. Iyo bari mu ntambara y’impwemu barashobora no gushira mu ngiro urubanza rw’Imana no gukingira Abera.

  1. ABATANGA UBUHANUZI

Abamarayika baboneka bariko baratanga ubuhanuzi bg’Imana ku bantu. Nibo bavuga ibigiye gushika n’umugambi w’Imana. [Daniyeli 9:20-23, Zekariya 1:9]. Barashobora no gusigura inyereko bakanerekana uko umugambi w’Imana uriko urashitswa.

  1. ABAFASHA ABIZERA IMANA

Mu gihe gikenewe, abamarayika haraho barungikwa gufasha abantu canke kubahumuriza. [Abaheburayo 1:14, Ivyakozwe n’Intumwa 12:5-11]. Bashobora kwerekereza aba-Kristo no kubaremesha mu kibanza c’Imana.

  1. NTIBABERA HOSE ICARIMWE

Umumarayika ntashobora kuba mu bibanza vyinshi icarimwe nk’uko Uhoraho Imana ameze. [Daniyeli 9:21-23]. Naho bashobora kwiyunguruza ku buryo bg’igitangaza kandi bagashika aho umuntu atiyumvira, aho bari haramenyekana.

  1. IBIREMWA VY’IMANA

Abamarayika ni ibiremwa vy’Imana, si nk’Uhoraho kuko bafise intango. [Abikolosayi 1:16, Nehemiya 9:6]. Naho babayeho imbere y’abantu, ni ibiremwa.

Wiyumvira yuko woba warabonye umumarayika? Twandikire tubiyage.