
UTURANGA 18 TW’ABAMARAYIKA
Duherutse kubabarira amazina y’abamarayika bakuru n’ivyo bajejwe gukorera abantu batumwe n’Uhoraho Imana. Ubu naho reka tubabarire ibintu 18 Bibiliya ivuga ku mu marayika ukwiriye kumenya kugira ngo wirinde gukora ikosa ni mwahura kuko bagiye kuza baraboneka cane mur’ibi bihe. Abamarayika bafise ikibanza abantu badakunda gutahura muri Bibiliya kandi banditswe incuro 300 uhereye mw’itanguriro gushika mu Vyahishuriwe Yohana. Baboneka nk’abatumwa, abadukingira, abaturwanira n’abama batazira Uhoraho Imana.
- ABATUMWA BEJEJWE B’UMUCO
Abamarayika bavugwa nk’abera, ibiremwa biteye igomwe vy’umuco, bakorera umugambi w’ukugororoka kw’Imana. Ivyanditswe vyerekana yuko kubona umumarayika bidasanzwe kuko bishobora gutera ubgoba n’ukujugumira [Matayo 28:2-4, Abacamanza 6:22]. Bivugwa yuko basa n’akabengebenge kitwa tarushishi, mu maso hasa n’umuravyo n’imuri z’umuriro, amaboko n’ibirenge vyiwe bisa n’umuringa w’umwakaka, kandi ijwi ry’amajambo rimeze nk’iry’ishengero ry’abantu [Daniyeli 10:6].
- IGUGU RIDAHARURIKA
Bibiliya itubarira yuko Uhoraho Imana yaremye igitigiri c’abamarayika kidaharurika kuko kirengeye ivyiyumviro vy’abana b’abantu. Ubusumbasumbane bgabo buvugwa yuko ari amasinzi y’ingabo zizengurutse intebe y’inganji y’Imana. Ibiharuro vyabo bikaba imiliyaridi n’izindi n’ibihumbi n’ibihumbagiza [Abaheburayo 12:22, ivyahishuriwe Yohana 5:11].
- ABATUMWA B’UHORAHO IMANA
Abamarayika baboneka muri Bibiliya nk’intumwa z’Imana, zitanga ubutumwa budasanzwe bgo kuyobora abantu [Luka 1:26-38, Itanguriro 16:7-11]. Mu rurimi rw’ikigiriki, ijambo Marayika risigura umutumwa. Batwara intumbero y’Imana kandi bagashikiriza amabgirizwa yayo.
- ABATAZIRA MW’IJURU
Mw’ijuru, abamarayika baguma bahimbaza kandi batazira Uhoraho Imana. Bazengurutse intebe y’inganji y’Uhoraho Imana baririmba indirimbo z’amashimwe. [Ivyahishuriwe Yohana 5:11-12, Yesaya 6:3]. Baguma baha icubahiro Uhoraho Imana berekana ubutware n’ukugororoka kwiwe.
- ABAKINGIRA UKUGOROROKA
Hari igihe abamarayika bahabga amabanga n’Uhoraho Imana yo gukingira no gutabara Abera b’Imana kugira ngo ntibahure n’akabi [Zaburi 91:11-12, Daniyeli 6:22]. Bashobora guseruka ku buryo buboneka mu gutabara, bagakingira kandi bagatanga intumbero ku bizera mu buryo butangaje.
- IBIKORESHO VYO GUCA AMATEKA
Hari ibihe abamarayika bashira mu ngiro imanza z’Uhoraho Imana ku banyakibi no kubanyavyaha banse kw’ihana [Itanguriro 19:1-29, 2 Abami 19:35]. Mur’ico gihe baba ibikoresho vyo guhana canke gusambura mu kwubahiriza amategeko y’Imana ku banyavyaha n’abagumutsi.
- ABAMARAYIKA NTIBASENGWA
Naho abamarayika bafise ububasha kandi bejejwe, s’abo gusengwa. Ugusengwa n’ukwo Uhoraho Imana wenyene. [Ivyahishuriwe Yohana 22:8-9, Abikolosayi 2:18]. N’iyo hagize uwugerageza kubasenga, bo nyene baramwiburiza bati usenge Uhoraho Imana wenyene, nayo jewe nd’umusavyi w’Imana nkawe. Iyo umuntu apfuye ntacika umumarayika, ni ikinyoma.
- UBUSUMBASUMBANE N’IBIKORWA BAJEJWE
Bibiliya iratwereka yuko hariho ubutandukane hagati y’ubgoko bg’abamarayika bujana n’amabanga bajejwe nk’abamarayika bakuru n’abakerubi [Yuda 1:9, Ezekiyeli 10:1-22]. Bamwe baboneka bafise ubusumbasumbane n’ibikorwa bajejwe mu mabanga atandukanye y’ijuru.
- UKUTAMENYA VYOSE
Abamarayika ntibafise ubumenyi bg’ibintu vyose nk’Uhoraho Imana. Hariho n’ibintu usanga batazi [Matayo 24:36, 1 Petero 1:12]. Ubumenyi n’ugutahura kwabo naho bazi vyinshi cane, kurafise aho Uhoraho Imana yakugarukirije.
- ABARINZI B’AMAHANGA
Ivyanditswe vyinshi birerekana yuko abamarayika bakora nk’abarinzi canke abategeka amahanga. Baguma bayobora abantu muvyo bakora nk’uko babitumwe n’Uhoraho Imana [Daniyeli 10:13-21, 12:1].
- BARANEZERERERWA ABIHANA
Mw’ijuru, abamarayika baranezererwa abanyavyaha bihanye bagahindukirira Uhoraho Imana [Luke 15:10]. Ugukizwa kw’umuntu wese kuzana umunezero no kunezererwa mu ngabo zo mw’ijuru nk’uko Imana ivyipfuza.
- NTIBARONGORANA
Umwami Yesu Kristo yaravuze yuko abamarayika batarongorana canke ngo barondoke. [Matthew 22:30]. Ni ibinyabugingo vyo mu mpwemu atabushobozi bg’umubiri bgo kurongorana no kurondoka nk’uko abantu bameze. Tuzogaruka kur’iki dusigura [Itanguriro 6:1-4, na Yobu 1:6,2:1,38:7] kubiyumvirako bari abamarayika barongoye abantu.
- BASHOBORA GUSA N’ABANTU
Incuro nyinshi muri Bibiliya, abamarayika babonekeye abantu bafise ishusho y’abantu nyene. Rimwe na rimwe, abantu ntibashobora kubamenya yuko basanzwe ari abamarayika. [Abaheburayo 13:2, Itanguriro 18:1-3]. Bashobora gufata ishusho y’umuntu kugira ngo bashobore kuyaga n’umuntu bamuha ubutumwa bg’ijuru.
- ABAGWANANTAMBARA B’IMANA
Abamarayika bashobora kuba abagwanyi, abasirikare bagwanya inkomezi z’ababi. Bagwana mu buryo bg’umubiri no mu buryo bg’impwemu. [Ivyahishuriwe Yohana 12:7-9, 2 Abami 19:35]. Iyo bari mu ntambara y’impwemu barashobora no gushira mu ngiro urubanza rw’Imana no gukingira Abera.
- ABATANGA UBUHANUZI
Abamarayika baboneka bariko baratanga ubuhanuzi bg’Imana ku bantu. Nibo bavuga ibigiye gushika n’umugambi w’Imana. [Daniyeli 9:20-23, Zekariya 1:9]. Barashobora no gusigura inyereko bakanerekana uko umugambi w’Imana uriko urashitswa.
- ABAFASHA ABIZERA IMANA
Mu gihe gikenewe, abamarayika haraho barungikwa gufasha abantu canke kubahumuriza. [Abaheburayo 1:14, Ivyakozwe n’Intumwa 12:5-11]. Bashobora kwerekereza aba-Kristo no kubaremesha mu kibanza c’Imana.
- NTIBABERA HOSE ICARIMWE
Umumarayika ntashobora kuba mu bibanza vyinshi icarimwe nk’uko Uhoraho Imana ameze. [Daniyeli 9:21-23]. Naho bashobora kwiyunguruza ku buryo bg’igitangaza kandi bagashika aho umuntu atiyumvira, aho bari haramenyekana.
- IBIREMWA VY’IMANA
Abamarayika ni ibiremwa vy’Imana, si nk’Uhoraho kuko bafise intango. [Abikolosayi 1:16, Nehemiya 9:6]. Naho babayeho imbere y’abantu, ni ibiremwa.
Wiyumvira yuko woba warabonye umumarayika? Twandikire tubiyage.