
Nkuko musanzwe mubizi Ihanga Ryera ry’Imana ni Ishengero rya Yesu Kristo rikorera ku mugaragaro mu bihigu vyinshi vyo kw’isi. Mu gihugu c’Uburundi rishinze imizi mu ntara zose z’igihugu. Ahatari urusengero hari ibicaniro kandi niko bimeze no mu bindi bihugu vyo mu mahanga.
Hari ibicaniro mu bihugu vya Afrika , Amerika, Aziya, Canada, Ubulaya n’igihugu ca Australiya. Mu masengero no ku bicaniro ni mukomeze kwigishna kwihana neza, ukwezwa no gusenga.
Ahariho hose kw’isi, hariyo abo twabatije kandi tugomba yuko baramiriza mu gakiza. Uwo muzobona avuga canke ingendo yiwe idahuye n’iy’Abera muze mwihute mubitumenyeshe kugira ngo tubasengere kandi tubakanure. Twandikire kur’izo nomero z’abarongozi. Murakoze!