
IHANE MWEZWE MWITEGURIRE INGAJI Y’UHORAHO MU BURUNDI
Tumaze imyaka 35 twumvise ivyerekeye amasezerano Uhoraho Imana yahaye ihanga ry’Abarundi. Dutangure kuyasengera haheze imyaka 25, Mpwemu Yera yaratubariye ivyiza biyarimwo, aca atubarira yuko ar’ayacu azoyadushitsako.
Haheze imyaka 10 Umuremyi w’isi n’ijuru adutegetse kuyatangariza abantu bose adutuma yuko bokwihana bakezwa kugira ngo ntibazohitanwe n’inkota ya malayika muranduzi.
Twakwiragiye intara zose z’igihugu c’Uburundi dushika no mu mpande zine z’isi tumenyesha abantu bose ivyerekeye ayo masezerano tunabasaba kwihana no kwiyeza kugira ngo bazibonere ubgiza bg’Imana. Uretse no kwishikira hose twaruguruye imihora yo gushikira bose turanabicisha no mu bitabo, ibinyamakuru n’amaradiyo ku buryo ata murundi n’umwe atayumvise. Imana yaranahagurukije abasemerezi b’abarundi n’abavugishwa mva makungu kugira ngo baburire Abarundi bose.
Mur’iyo myaka 10 yo gusemerera twahuye na vyinshi. Baratwise abasazi, abagwanya amaleta, abazimiye n’ayandi mazina y’urwanko mugabo Uhoraho Imana yaraturemesheje ngo dushikame dushir’amanga ari kumwe natwe. Abatwiganye bose bakagomba kwiyitirira umugabi w’Imana, bamwe barapfunzwe abandi baricwa n’ipfuhe ry’ Imana. Hariho abumvise ivyiza vy’ayo masezerano baca bariyimika, biyimikira ihanga Imana itabahaye kubera amarangamutima yabo. Abazwi muribo ni Dr KATIKATI Armand, MUHIMPUNDU Lambert na BIGIRIMANA Nicolas. Hariho abandi benshi tuzi bagenda barabundabunda bayovya abantu ngo nibo “DAWIDI”. Ivyo vyose vyerekana abantu bakubagugwa n’impwemu zihumanye. Abantu bazomenya uwo Imana yatoranije umunsi yimye ingoma canke Uhoraho we nyene niwe amubahishuriye. Uwo muzokwumva yivuze ntimuhe agaciro. Abaciye mw’Ihanga Ryera bagasezererwa kubera vyabananiye kwezwa bagenda bararivuga nabi kubera ishari n’ubube gito ngo Imana yarivuyemwo. Umuntu wese n’asenge yisigurize Imana mwime amatwi ibikoresho vya wa mubi. Dukomeze gusengera abantu bose bazimiye.
Uyu mwaka, Uhoraho Imana yatubariye yuko igikorwa yadutumye kiri ku musozo yuko igira ishitse ivyo yasezeranye. None turiko turasemerera akanyuma ngo uwutarezwa yezwe kuko igihe kirakuze. Ntihagire ushira umutima ku muntu n’umwe mugabo muwushire kuri Yesu Kristo wenyene, Amen!