Inzira indwi zo gutabara no gukiza igihugu c’Uburundi.

Ni igitabo kidonda ivyerekeye urutonde rw’Uboraho Imana abantu benshi birengagiza. Abarongora igihugu canke ishengero baciye kubiri n’urwo rutonde baba bakwegere akarambaraye abo barongoye. Iyo umurongozi arimwo impwemu mbi ababa mu gihugu n’igihugu ubgaco kirakubagugwa n’inzara, ubukene, akarenganyo n’ibiza. Uwo muntu atabogojwe n’intwari Imana iravyimorera igakoresha ibintu biteye ubgo nk’ivyago cumi kandi abifatanije nawe mu caha bakahagwa. Ibikiza igihugu si imigambge, amoko, amasezerano y’abantu, imigwi canke imfashanyo zitangwa n’ibihugu vyo hanze. Igihugu gikizwa no kwubakira ku rutonde rwashinzwe n’Imana. Ibikogwa biboneka atari amajambo n’amanama niryo soko ry’iterambere.
Ababishoboye bogisoma kirimwo ingene twova mu ngorane zose twikwegera. Uyu mwanditsi avugamwo ivyerekeye urutonde Imana yashinze kuva ikirema isi muri rusangi mugabo ageze kuvyerekeye Uburundi agatomora neza ivyokorwa mu maguru masha kugira ngo Abarundi dutere imbere mu mibano, mu ndero, mu ntwaro, mu butunzi, mw’iterambere, muvyo twemera, mu gutumatumanako, no mukwidagadura…Indongozi zikoreye ku buhinga butangwa mur’iki gitabu twotera imbere tukarengana n’ibindi bihugu. Igihugu gitezwa imbere n’abahinga, incabgenge abanyengabire n’abakunda igihugu bakorera mu kugororoka. Amasezerano ko ashitse umwe wese yitegurire gukorera muvyo Imana yamugeze [Zaburi 127:1-5]