

Mur’iyi minsi hariko haribonekeza mu gihugu cacu ibimenyetso Uhoraho Imana yabuye kuva kera ikoresheje abahanuzi batandukanye, abantu biyadukiza bakigira ibi na biriya ntibatinye no guhindukiza ijambo ry’Imana ryanditswe muri Bibiliya Yera. Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga Ryera ry’Imana ryahamagariwe kuzigama ukuri kw’ijambo ry’Imana ntirishobora kwihanganira abahona kubera ubuzimire basukwamwo n’abo bariko barakubagurwa n’impwemu zihumanye biyitirira amasezerano Uhoraho Imana yahaye Ihanga ry’Abarundi.
Mwarumvise umugabo yitwa Muhimpundu Lambert yiyimikiye kuba umwami n’umuherezi, amategeko y’igihugu akamuta mu mvuto. Uyo yabanje kuza kwabura ubuhanuzi Ihanga Ryera ry’Imana rihabga hanyuma atamaze kabiri anyererera mu bgibone. Yasutse abantu batari bake hanyuma mu kurogota kwiwe atangura kugenda arigisha abantu ngo: “Kristo ni ikivume!” mu guca kubiri n’ivyanditswe muri [1Abikorinto 12:3]. Abakurikiye inyigisho z’umugararizo ziwe bamerewe nabi mu mabohero yo mu Rutana, Gitega, Ngozi na Bujumbura. Hadashize kabiri, uwundi nawe yanduye nya mpwemu y’ubgibone ikubagura abantu banse gukizwa neza kugira ngo bashike ku musaraba w’uwabambge agacungura abaremwe bose.
Uwo nawe ni Nicolas Bigirimana avuka mu ntara ya Gitega mugabo bakaba barimukiye mw’Ishatanya ryo muri Komine KINYINYA mu ntara ya RUYIGI. Yaragize ivyago araraswa mu magume aca aja kuvurirwa mu gihugu ca Tanzaniya aho yahavuye aronkera amahirwe yo kujanwa gutura mu gihugu ca AUSTRALIYA. Ubu aba mur’ico gihugu muri Qweensland ahitwa Brisbane. Nti twotaye umwanya tuvuga ivyiwe kuko ntari ico yivugako ari ahubgo abamuzi bavuga yuko afise akagorane. Umuco w’Imana ah’uri ntunyegezwa. Dushimye kugira ico tumuvuzeko kugira ngo dukemure abantu bahendwa bagasahurwa utwabo canke bagasukwa mu rupfu kubera ubugunge bg’ibikoresho vya satani. Hariho mur’abo biyita abakozi b’Imana, abahanuzi n’abasemerezi baribisha uruyeri, bagakora icaha co gufata abakenyezi ku nguvu hakaba n’abafise akagwara ko mu mutwe bita (Narcistic Personalty disorder) twokwita “Nshakagutazirwa” gatuma bata abantu mu kaga bakoresheje ibinyoma.
Kw’igenekerezo rya mbere Nzero uyu mwaka w’i 2024, uwo Nicolas Bigirimana yarubahutse kwifata amajwi arayanyanyagiza ku mihora ngurukanamajambo avuga yuko yiyimikiye kuba “Umwami w’abami” n’” Umuherezi Mukuru” akongerako n’ayandi majambo yo kwigira utarabaho kw’isi. Yagumye asubiramwo amarogotano yiwe mu majwi yifata kenshi na bugingo n’uyu munsi.
- “Umwami w’abami”: N’izina ry’icubahiro ata wundi muntu ari mw’isi no mw’ijuru arihabga atari Yesu Krsito wenyene. “Abo bazorwanya umwagazi w’intama, uwo mwagazi azobanesha, kukw’ariwe aganza abaganza, n’Umwami w’abami”. [Ivyahishuriwe Yohana 17:14] Uwo yishira mu kibanza ca Yesu Kristo ni anti-Kristo kandi agiye kuvunagurwa giturumbuka n’atihana.
- “Umuherezi Mukuru”: Ni igikorwa c’icubahiro atawundi muntu agikora mw’isi no mw’ijuru kiretse Umwami Yesu Kristo, kuwa ca gihe igihuzu gikingiriye ahera h’ahera catabukamwo kuburi ca gihe Yesu Kristo yari ku musaraba. “Nuko dufise umuherezi mukuru akomeye, yaciye mw’ijuru, ni Yesu Umwana w’Imana…” [Abaheburayo 4:14-15] Uwo yishira mu kibanza c’Umukiza Yesu Kristo s’ubuzimire busanzwe n’ugukubagurwa n’impwemu ya satani.
Mu yandi majambo menshi uyo Nikola Bigirimana avuga yiyita Umwami n’umuhanuzi, yerekana yuko atoragura ubuhanuzi buvugwa hirya no hino ku mbuga akabgiyitirira kandi bikamunanira kubujanisha n’ijambo ry’Imana kuko ata n’iryo asoma ngo atahure.
- Yavuze ngo Yesu Kristo ntazogaruka hazogaruka umumalayika w’inkomezi ku bicu. Ngo ni Nikola Bigirimana azotahukanwa n’indege nkuko zigendera hehuru y’ibicu avuye mu gihugu ca Australiya atashe i Burundi! “Mbona umumalayika wundi w’inkomezi amanuka ava mw’ijuru, yambaye igicu no ku mutwe yari yambaye umunywamazi, mu maso hiwe hasa n’izuba, amaguru yiwe asa n’inkingi z’umuriro” [Ivyahishuriwe Yohana 10:1] Atagira n’isoni atanga imirongo yo muri Bibiliya Yera aracurikiranya ibintu yigereranya n’Umumalayika w’Uhoraho Imana.
- Yitiranya umuhero w’isi aho hazoba izuka ry’abapfuye igihe Umwami Yesu azozira kuganza imyaka igihumbi [Ivyahishuriwe Yohana 20:1-10] n’ishitswa ry’Isezerano ku gihugu c’Uburundi ririko riraba muri kino gihe. Uyo ntazi no kubgira abamwumviriza ingene bosoma amajambo yanditse kuko yivugira igitabo agaca avuga ngo n’umurongo wa nyuma!
Nikola Bigirimana, avuga yuko Imana yamuhaye amasezerano ya Adamu na Eva, Mose na Eliya, Dawidi na Salomo. Vuba azokwongerako n’aya Mariya na Yozefu! Ivy’avyuga n’ikimenyetso cerekanako abamukunda bomwirukira kwa muganga kuko aguma anicurako bomugirira nabi bakoresheje amangetengete. Iyo atanguye kuvuga niho umuntu amenyera ico ari kuko aca anyererera mu vyiyumviro vy’ibuzamyi no guhahamuka kubera ivyo yakorewe. Ntawoha agaciro ivyo avuga. Muzohore musuzumisha ijambo ry’Imana impwemu zose ziserura n’ibikorwa vyazo bizobabagaragariza.
Abo bagabo uko ari babiri ico bahuriyeko n’uko bose basuka abantu bakabata mu kaga kandi bagacurika Ivyanditswe Vyera mu kwiyitirira amasezerano Uhoraho Imana yahaye ihanga ry’Abarundi. Uwobahanura yobasaba kwakira Yesu Kristo kubabera Umwami n’umukizwa w’ubugingingo bgabo bagaca bihana ivyaha bagendana bakezwa.
Umwami Yesu Kristo Yamamare!