
IVYO UHORAHO IMANA YASEZERANYE BISHITSWA N’ABO YATORANIJE BAGENDERA MU RUTONDE N’UBURONGOZI BGA MPWEMU YERA.
“Imburi n’ubuhanuzi, ubuvugishwa n’inyereko si amajambo y’indoto z’abantu ziherera mu kurotora gusa mugabo ni ijambo Uhoraho Imana ahishura kandi agafasha abo yatoranije kurishitsa. Abantu birinde kuvuga amajambo atagira ubgenge n’ibikorwa”
Imana aho yatoranya ihanga rya isirayeli, yarihaye abarongozi maze ariha n’urutonde rirahaguruka riragenda ryambuka ikiyaga gitukura, rica mu bugaragwa, ryambuka Yorodani, inzitiro z’i Yeriko zirasenyuka ririnjira rirarwana. Abapfa barapfuye, abakomereka barakomeretse habaho n’impfuvyi n’abapfakazi. No mu zindi ntambara zakurikiye, ibisagara vyaratse umuriro n’umwotsi n’inkungugu biratumuka. Izo ntambara zarwanwa n’ihanga ryose rya isirayeli ata n’umwe avuyemwo kuko ingabo zaja imbere abandi bagakurikira. N’uyu munsi, iyo igihugu ca Isirayeli cinjiye mu ntambara, abahungu n’abakobga bose baratororokana bakava iyo baroye, bagaheba n’ivyo barimwo vyose kugira ngo baje kurwanira igihugu cabo.
Uyu munsi mu Burundi, mu bavugishwa dufise harimwo bamwe indoto n’ivyipfuzo vyabo gusa bakibagira yuko Uhoraho Imana adahinduka canke ngo ahindure ijambo ryiwe. Abandi nabo barahanahana ubgo buhanuzi bakaburyoherererwa maze bigaherera ngaho. Ubgo buhanuzi bganyu ku mbuga muba mubuhaye bande ngo bakore iki? Mu bisanzwe, Imana itanga uguhishurirwa n’intumbero ikayiha abavugishwa kugira ngo (1) Bahamagarire abantu ukwihana n’ukwezwa; (2) Bagire ihishurirwa kw’ijambo ry’Imana kandi baryigishe; (3) Baburire abantu ibigiye gushika no kuvyitegurira; (4) Bashingire intahe Umwami n’Umukiza Yesu Kristo; (5) Babere akarorero keza mu mvugo no mu bikorwa ababa mu gihugu. Umuntu muzokwumva yiyita umuhanuzi adakwije izo ngingo zitanu muze mumugireko amakenga. [Amosi 3:7, 2 Ingoma 24:19, Abanyefeso 4:11-12]
Imana ivuze iba igomba yuko muhaguruka mugakora. Iyo yaguhaye isezerano urarikorera ukariteramira atari mu kuvuga ivyipfuzo vyawe gusa kuko ntawutegeka Imana, mugabo mu gukora ico yagutumye gukora. Ntushobora kwigumira muri Egiputa hanyuma ngo yibaze yuko kubera isengesho ryiwe gusa ashika i Kanani. Abo ni nka babandi babona ibitagenda mu gihugu bakaguma bidoga gusa. Iyo ubona ibitagenda neza aho uherereye urapfukama ugasiguza Imana, ugaheza ugahabga ikibereye ukwiriye gukora kugira ngo ibintu bigende neza. Imana ivuze, utegerezwa kubaduka ukerekeza ku kiyaga, Farawo akagukurikira, ukiroha mu kiyaga nk’uko yabikubariye ukajabuka hakurya kugira ngo Farawo n’ingabo ziwe bahonere aho wakiriye. Utegerezwa guca mu bugaragwa ukahasonzera kandi ukahanyoterererwa kugira ngo ubone
ugutabarwa n’Imana. Kandi wambutse Yorodani, nta bakunzi uhasanga
ngo bakwakire, bakugaburire canke bagukande umuruho wo mu bugaragwa. Haba namba, ahubgo ushikira kurwana n’ibigatanya kugira ngo wegukire igihugu gitemba amata n’ubuki. Ico nico abavugishwa ku gihugu c’Uburundi batazi. Bameze nka za nyigisho z’ububeshi bg’imigisha abanyamadini bakwiragiza ngo « Cakira viza, cakira inzu, cakira imodoka, cakira inzahabu, cakira abagore n’abagabo b’abandi, cakira ibihugu vy’abandi, … uwuraho nawe yisinziririye mw’itiro ry’urupfu, ngo: Ndakiriye!» Abahendesha abantu ibintu nk’ivyo ni nk’ibicu bikubebga n’umuyaga [Abanyefeso 4:14, Zaburi 35:5, 2 Petero 2:17]
Uhoraho Imana arakora ibitangaza agahagurutsa abasore n’inkumi, abagabo n’abagore buzuye urukundo n’ubutwari kugira barwanira igihugu cabo kandi ikabaha inkomezi, ikanabafasha kurwanya umwansi bagatabara igihugu bakagikiza amakuba.
Mur’iyo ntambara, Uhoraho Imana arashobora kurungika izindi ingabo mutazi z’abamalayika zirongowe na Malayika mukuru Mikaheli zikaza gufasha ingabo z’ubgoko bg’Imana bagakora ku buryo bga ba Ruburakigongwe. Ivyo turabisanga mu bihe vya kera no mur’ibi bihe. Intambara irangiye, Imana ishikiriza igihugu abo yagitoranirije maze abo bamalayika bakisubirira mw’ijuru. Abatoranijwe bashikirizwa igihugu kugira ngo bagitunganirize abariho n’abazovuka ku buryo atanzara, atabukene, atakarenganyo no gusenga ibigirwamana, ubupfumu, uguhamagara imizimu n’uburozi biharangwa. Abo, iyo baciye kubiri n’ivyagezwe vy’Imana, irabarungikira abansi babo bakabatera bagasambura iterambere ryose bagezeko, bakabica bakabangaza gushika bicujije bakihana Imana igasubira kubagirira imbabazi. Mubavuga ivyerekeye isezerano ku gihugu c’Uburundi, ku ruhande rumwe bamwe bigize abagwanya amaleta n’imigambge, abandi bigira ababiburanira. Ku rundi ruhande, hariho abiyemeje kugwanya amadini n’amashengero n’abandi batazi urugamba barimwo bakivugira ibibajemwo vyose. Mur’abo, benshi barihenda bakabeshera Uhoraho Imana kubera kutabanza kwiga ngo batahure ivyo baba bumvise, babariwe canke beretswe, hari n’aho bayibeshera kuko baba bashaka kuvuga ibintu bituma abantu babemera. Abo bose barabesha bagasuka abantu. Batwara ibintu ukutariko bakigisha abandi kuba ibinebge ntibitegurire gukorera igihugu Imana yabahaye:
- Hari uwuherutse gukwiragiza amajwi yiwe ngo abazungu bazokura inzahabu mu bihugu vyabo bazizanire ba mayibobo, ba nyarucari na ba mateso i Burundi. Ico ni ikinyoma kuko mu bihugu vy’abazungu siyo hari inzahabu gusumba i Burundi. Nabo iyo bazikeneye baza kuzirondera muri Afrika. Ukuri n’uko Abarundi bagiye kuba mu bihugu vyo mu mahanga nko kwiga canke gukorerayo bazotahana imitahe y’ubgenge iza guteza imbere igihugu kandi n’abazungu bazozana imitahe y’ubuhinga,
ubumenyi n’ubundi butunzi mu gihugu cabo c’amavuka. Hari n’abanyamahanga bazozana imitahe yabo n’ubundi bumenyi buzofasha igihugu cacu gutera imbere. Aho si kera. Uretse n’inzahabu, n’ubundi butare co kimwe n’ibindi vyiza bizoboneka habanje gutunganywa intwaro ibereye n’ibikorwa vyiza vyo gutunganya igihugu. Abo babesha abantu ngo Imana yaraberetse aho ubutare buri ngo babgimbe n’abasuma mu bandi. Ntihagire uwusubira guhendwa na ba nciyaha kuko isezerano ritarashitswa n’Uhoraho ntagashoboka kuko vyose birugaye gushika aya mango. Uwutabibona n’uko ari impumyi. [Imigani 1:29-32, Hoseya 4:6] - Ngo imbibe z’igihugu c’Uburundi, abantu bazovyuka basanga zagutse. Ukwo n’ukwihenda kw’indoto z’abana. Nta muntu akuze yokwama mu bitito. Hariho n’abaraba aho Uburundi bgagarukira kera bagaca bomekako n’izindi ntara bagaca biyorohereza ngo n’aho Uburundi buzogarukira. Benshi barifashe amajwi barayanyanyagiza ku mihora bavuga yuko ariko bibaye. Uwashitse kure, mu majwi yifashe yabarira abakuru b’ibihugu ngo ni bamusubize intara zahora ku Burundi kera imbere yuko bazomeka kubindi bihugu. Ubgo atari ubgana mu vyiyumviro n’ugushirukanya kuko nta gihugu kizoguha intara yaco n’abantu n’ibintu ku karimi gusa. Igihugu kirarwanirwa. None uriteze kurwana kugira ngo ugaruze intara z’Uburundi zigaruke zomekwe ku Burundi! Urindiriye iki! Uzorwana gute na birya bihugu! Canke bizokwikora! Uhoraho Imana yavuze yuko izokwomeka ibindi bihugu ku Burundi, n’uko yahagurukije intwari izogwana igatsinda ingabo gutyo ikigarurira ibihugu n’ababibamwo gutyo igihugu c’Uburundi n’Ihanga ry’Abarundi rikagasara. Hariho benshi biyita ba Yosuwa abandi ba Dawidi kubera yuko bihenda bakibaza ngo ivy’Imana bitorwa mw’ibarabara. Isezerano ry’Imana riteramirwa n’abejejwe, rikarwanirwa n’abatoranijwe kandi rikiha inkumbi rikanasiga ku ngoyi impfuvyi n’abapfakazi. Abo nibo abatoranijwe bitegurira kuramira. Igihugu kugira ngo gitere ikindi ki kineshe si mu majambo yo ku mbuga canke amasengesho yo kwisonzesha. Ni urugamba rutegurwa imyaka rugatwara uburyo n’abantu. Imbere yuko uvuga ivyo kwaguka kw’mbibe z’igihugu banza ubohoze igihugu cawe kive mu ndyane z’amoko, ubukene n’inzara. Abantu muracaba hanze mu buhungiro, mu mabohero atandukanye no mu bukene butagira izina ariko mukanezerererwa ikiryoha co kwaguka kw’igihugu! Banze mubohoze igihugu gito mwahawe kibanze kive mu bukene n’inzara, maze mubone kwiyumvira kwagura imbibe. Mbere ubu buvugishwa ababuhawe bakwiriye kubuhora bakabugira ibanga kugira ngo babanze bagire aho babgiyumvirira. [Zaburi 25:14, Imigani12:20, Matayo 9:30]
- Mubavuga yuko bavugana n’Imana, harimwo bamwe bibesha ngo ibgirizwa shingiro ry’igihugu barota ni Bibiliya. Abandi bakiyorohereza ngo
ni ivyagezwe icumi vyanditswe mu bitabo vy’amategeko. Ukwo ni
ukutamenya ivyerekeye iringanizwa ry’igihugu. Iyo utaganiriye n’Uhoraho Imana, har’ivyo uvuga gushika naho n’abana bogutwenga nayo abanyamahanga bobo nti bigera batahura ivy’Imana. Bavyita ubupfu kuko barihenda kuri vyose. Ivyanditswe muri Bibiliya canke mu bitabo b’ivyagezwe ni vyiza mugabo nti bikwigisha ubuhinga bgo kwimba igitoro, ubuhinga bgo guhingura ubutare, ukwubaka amabarabara n’amagorofa, ukworora n’ukurima kijambere ngo mugaburire ababa mu guhugu bose. Ivyagezwe ntibikwigisha ukwubaka ibitaro no kuvura abantu. Canke mwivugira nka babandi ngo Imana izobakiza atawugwara! Ukwo ni ukutamenya ivyanditswe vyera kuko indwara, imiruho n’urupfu vyaraje mw’isi kuva wa munsi icaha cinjira mu bantu umuvumo ukaza ugikurikira. [Itanguriro 1-3, Yohana 5:14]
Iyo Imana yabatoranije niyo ibaha ubgenge n’ubumenyi mu kwiga ivyo kwubaka amabarabara, ibiraro, kwubakira inzuzi kugira ngo ntizimare abantu n’ibintu, gukora imiduga, indege, ibigendajuru, gukoresha imashini no gushiraho no kwubahiriza amategeko abigenga. Ivyo ntuzobisanga muri ya mabgirizwa muvuga. Arya mabgirizwa atwigisha kwubaha Imana no kubaho neza mu gihugu gisanzwe gitunganijwe neza. [Zaburi 1:1-2, Yakobo 1:22-25, Abanyefeso 6:1, Abaroma 2:6-11]
Uhoraho Imana agushikanye ku butegetsi, hariho ivyagezwe biraba igihugu aguha bijanye n’igihugu yaguhaye icarico, hariho kandi n’ivyagezwe biraba Ishengero n’uko agombako rimera uravye iki gihe c’ikinyavyaha isi igezemwo. Iyo Uhoraho yagutoranije aba yaranaguhishuriye amabgirizwa uzoganzisha ihanga ryiwe. Ayo mategeko ntaca kubiri n’ivyo yashinze kuva kera vyanditswe mu bitabu vyera, biza vyuzurizanya. [1 Petero 1:25, Zaburi 119:89-176, Yesaya 40:6-8] Mu kurangiza, dusabe abantu bose bavuga yuko ari abavugishwa, abahanuzi, abasenzi n’abasemerezi; kwama babanza gusuzuma neza ivyo bashikiriza yuko ari Mpwemu y’Imana yavuganye nabo canke yuko ari iyindi mpwemu canke amarangamutima yabo. Baze barabanza gusiguza Uhoraho Imana kugira bamenye nezako ariyo yavuze kuko ntiyigera yivuguruza mw’ijambo ryayo kandi ryamana akanovera k’ubgenge. Ni musabe Mpwemu wo gutahura ivy’Imana no kugira ibanga mu kumenya ivyo mwemerewe gutangaza n’ivyo mutemerewe. Iyo igihugu kirongowe n’abantu badakoresha ubgenge canke kikarongorwa n’umurongozi arimwo impwemu zihumanye; izo mpwemu zandukira ababa mur’ico gihugu zikabakubagura. Igihugu naco kigahura n’akaga k’inzara n’ubukene, impanuka n’ivyaduka bituma ababa mur’ico gihugu bama mu maganya n’amagogwa. N’aho abo barongozi bokwama mu bitabo no mu masengero, iyo batihanye ngo bezwe babohoke, igihugu barongoye cama mu kajendegete. Abo bahanuzi bahanura ibinyoma n’amarangamutima bihanure kandi bikebuke. Kuba
umuhanuzi ni ugukora igikorwa c’iteka c’Uhoraho Imana. Ivyo bikoresho vy’Imana vyiyubahirize kandi vyinengesere muvyo bavuga n’ivyo bakora. Menye kandi mu menyeshe abandi yuko amasezerano arwanirwa, akorerwa kandi akingirwa mu kubungabungwa n’abantu b’inyama n’amaraso buzuzuye Mpwemu Yera. [Abaroma 8:14-17]
Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo yamamare, Amen!