Mugire ugusenga mwejejwe mur’ibi bihe. Ehe ivyo mwokora

INTAMBGE ZITANDATU ZO KUGENDANA N’IMANA
Abantu bamwe bumvise ivyerekeye ivy’Imana barabigaya na cane cane abibaza yuko bize kuko hariho abantu babitituje ingendo mbi berekana. Ariko naho bir’uko, hariho ingendo mu gakiza ituma mu mubiri, mu mushaha no mu mpwemu tumererwa neza tukagira inkomezi. Hageze ku bantu biteze amasezerano, bategerezwa kumenya ingene bihana, bezwa no gutazira kugira ngo bashikire isezerano.
A. UKWIYEZA
Ukwiyeza n’igikorwa co kwitunganya no kwiyuhagira ivyaha vyose kugira ngo dushobore kugororokera Imana. Ni igikorwa utangura kandi ukabandanya kugira ngo ubohoke ku caha ku buryo buboneka gushika naho uhinduka mu ngeso, mu mvugo no mu ngiro. Imbere yuko ushikira isezerano ryawe utegerezwa kwiyeza umwanda wo mu mutima, wo ku mubiri no mu mpwemu kubera gutinya Imana kuko ari Iyera. Ijambo ry’Imana riradutahuza yuko hariho ibintu bibiri bitegerezwa gukogwa:

  1. -Ukwitandukanya n’icaha, akaha n’akantu kose gashobora kudukwegera mu kibi. Ivyiyumviro n’ibikorwa vyacu bikaba ibitagira agasembga. Ivyo biba iyo twahisemwo kwubaha no kwubahiriza ukuri kwose kw’Imana [1Petero 1:12]
    2 -Ukwishira ku ruhande kubgo Imana, kugira ngo tube inzavya z’iteka zo gukoreshwa mu nzira y’Imana. Iyo rero umuntu yibereyeho afise umutima ukeye akawurinda amajambo, ivyiyumviro n’ibikorwa ibibi, aca acika umuhora w’Imana wavugutiwe ukoreshwa ibikogwa vy’iteka. [2 Timoteyo 2:2].
    Uwuriko ariyeza arumvako naho dufise ubushake kandi tukagerageza ukwo dushoboye kwose, turakeneye ukuboko kw’Imana kugira ngo dushobore kwezwa gose. “Kandi impwemu yanyu, n’ubugingo n’umubiri vyose hamwe bizigamwe, ngo bize bisangwe bitagira umugayo aho umwami wacu Yesu azozira. Ibahamagara n’iyo kwizigigwa no kubikora izobikora.” [1Abitesalonike5: 23-24]
    B. UBUSHOBOZI BGO KWATURA N’AKANWA KAWE
    Ijambo kwatura n’ururimi rwawe risigura ijambo ryavuzwe, ijambo ryasohotse. Ijambo burya ni ikintu gihambaye cane kuko umuntu ashobora kukwica canke kwicisha avuze ijambo rimwe gusa. Mu [Imigani 15:4] havuga ngo ururimi rwiza n’igiti c’ubugingo, ariko urugoreka n’akavunamutima. Kuri [18:21] naho havuga ngo urupfu n’ubugingo biri mu bubasha bg’ururimi kandi abarukunda bazorya ivyo rwamye.
    Page1
    Ururimi naho ari urugingo ruto rw’umubiri rurica canke rugakiza [Yakobo 3:5] mu buryo bg’umubiri, umutima, impwemu, ivyiyumviro no kubaho kw’umutu kwose.
  2. Mu mpwemu, ururimi rwacu ruradukurikirana ibihe bidashira kuko rwerekana ico turi n’ikiri mu mutima wacu. Yesu ati kandi ndababgira yuko ijambo ryose risunitswe n’ivyo abantu bavuga bazoribazwa ku munsi w’amateka, kuko amajambo yawe niyo azotuma utsinda canke utsindwa n’urubanza [Matayo 12: 36-37].
  3. Mu mubiri, amajambo tuvuga azana ibikorwa bibi canke vyiza. Umucamanza avuze ijambo rimwe gusa baca bamubamba, umuntu akicwa. Ijambo riragena yuko umuntu abaho canke akicwa. Mu bihe Abarundi baza baracamwo, hari ahantu umuntu agutunze urutoke rumwe gusa ati urya ni wa wundi ako kajambo nyene baca bakwica. Abarundi barazi ico mvuze. Ururimi canke ijambo ririca canke rigakiza.
  4. Mu mushaha, ingene ubabara canke unezegwa, ijambo rirashobora ku kunezereza canke ku kubabaza. Intumwa Yakobo igereranya ururimi n’umuriro [Yakobo 3:6] ni nde rutaraturira mu buzima bgiwe? Nturumva bakuvuze nabi ingene wiyumva mu mutima! Salomo agereranya ururimi rukiza n’igiti c’ubuzima [Imigani 15:4]. Ko tuzi yuko urukundo ari ibikorwa, rwomera gute ata kajambo k’urukundo? Ukuremeshwa canke kuguca inkokora vyose biva ku majambo. Burya igisebe co mu mutima kirababaza no gusumba ico umubiri, [Imigani 12:18].
    Mugenzi, warahawe ububasha bgo gukoresha ururimi rwawe kugira ukize, uruhure, ureme, uhamagare ibidahari nk’ibiriho, kuko ivyo ushaka vyose ushobora kubironka ukoresheje ijambo watura kuri wewe, ku muryango wawe no ku bandi. Muvukanyi, witandukanye n’abavuga ibinyoma ku bandi, ubgansi, abacokoranyi n’abavuga amajambo ateye isoni kuko ivyo batura ku bandi ni vyo bibashikako bo nyene. [Zaburi 34:13, Yakobo 3:9:10, mariko 11: 22-23]
    Abarundi benshi kuva ku bategetsi barafise ingeso atari nziza yo kuvuga uyu n’uriya nabi, kuvuga ibintu ukutariko no gukoresha ururimi rubi. Ivyo nivyo vyishe igihugu co kimwe n’ibindi bibi kubera ivyo bacaturako. Ni bikebuke!
    C. KUMENYA UBUGOMBE BG’IMANA
    Mu kubaho kwa minsi yose, hariho ingendo usanga dufise yo gukora ibintu uko twavyigishije, uko twabibariwe n’ingene tubibona. Ariko haragera igihe dushika mu bikomeye tutazi ico dukwiriye gukora n’ingene twogikora. Mur’ico gihe turitabaza abahinga mugabo harashika aho n’ubuhinga busendwa. Haba hageze aho gusiguza Imana kugira ngo iduhe umuco. Urwo n’urwego rudatahurwa na bose. Ku buryo buboneka, umuntu yofata ibintu 3 nyamukuru
    kugira ngo amenye ubugombe bg’Imana ku buzima bgiwe:
    Page2
  5. -Ibikorwa: Gusuzuma ico ijambo ry’Imana rivuga ni nyamukuru kugira ngo dukore ibigororotse. Ikindi n’uko iciyumviro cose n’ijambo ryose ryitiriwe Imana ritegerezwa guca mu kayungiro canke indorerwamwo y’Imana rigasuzumwa. [Ivyahokozwe n’intumwa 17:11]
  6. – Ukwemera mu mutima wawe, gutegerezwa kuba mw’isuzuma ry’ukuri riciye mu masengesho yo kwisonzesha. Naho ivyo vyoba uko, ukwo kwemera nti kwikwije kudafise ijambo ry’Imana rigushingira intahe. [2Abikorinto 13:5]
  7. Ibimenyetso,nikimwemubintuvyerekanaubugombebg’Imanakumuntu. Kubona ibintu vyiza canke bibi bigushikira ntibisigura yuko ari Imana yanse canke yemeje ivyo wasavye. Wofatira akarorero kuri Yona atumwe i Niniwe avuye i Tarushishi [Yona1:3] canke Yosefu atwawe muri Egiputa ingene yatawe mw’iriba, akagurishwa, agapfungwa [Itanguriro 37]. Iyo usavye ikimenyetso ukakironka biremeza umutima wawe n’ubgenge bgawe ico Imana igushingiye intahe. [Abacamanza 6:17-18]
    Mugabo naho nyene wibuke yuko na satani ashobora gutanga ibimenyetso, mbere agakora n’ibitangaza vy’utwumiza. Ni ukwama rero wisunga Ijambo ry’Imana ryanditse.
    D.UGUTANGA ISHIKANWA RY’ISHIMWE
    Gutanga ikimazi c’ishimwe harimwo gukoresha akanwa kacu mu gushima Imana hakabamwo no gutanga ibintu mu buryo bgo mu mubiri. Iyo dusomye mubabaheburayo, tuhasanga ijambo rivuga ngo:” Nuko na ntaryo twame duha Imana ikimazi co gukenguruka tubiheshwa n’uyo, ni co mbuto z’iminwa ishima izina ryayo.” Ubandanije umurongo wa cumi na gatandatu haca hakubgira ico ukwiriye gukora:” Kugira neza no kugira ubuntu ntimukavyibagire, kuko ibimazi bimeze bityo arivyo bihimbara Imana.” [Abaheburayo 13:15]
    Igihe cose wibutse ico Uhoraho Imana yagukoreye urakwiriye gushima no gushimisha Imana akanwa kawe n’ibikorwa vyawe ubgiza n’urukundo rw’Imana.
    E. UGUSENGERA MU NDIMI
    Iyo wabatijwe muri Mpwemu Yera, uraronka ingabirre iva ku Mana, ingabire yo kuvuga canke gusengera mu ndimi. Ni ingabire itangaje uwizera wese yategerezwa kurondera. Reka ndababgire ivyiza 5 vyo gusenga mu ndimi:
  8. Gusengera mu ndimi bituma wivuganira n’Imana umunwa ku gutwi. Bituma ubgenge bgawe butakubera intambamyi kuko uba usa n’uriko aradebagura mu matwi yawe canke mu matwi y’umuntu yoba ariko arakwumviriza. “Kuko uvuga ururimi rutamenyekana atari abantu abarira
    Page3
    ariko abarira Imana, kuko atawuvyumva ariko mu Mpwemu avuga
    amabanga.” [1Abikorinto 14:2.]
  9. Gusengera mu ndimi bikugumiza mu bufatane na Mpwemu Yera,
    bigatuma usenga nkuko ubugombe bg’Imana buri kuko Mpwemu Yera adwebereye muri wewe arahava akaba ariwe asenga akoresheje umubiri wawe. Abujujwe Mpwemu Yera batangura kuvuga muzindi ndimi uko Mpwemu abahaye kuzivuga. [Ivyakozwe n’intuma 2:4]
  10. Gusengera mu ndimi bituma mpwemu yawe ikomezwa, umubiri n’ivyiyumviro vy’iy’isi ntibisubire ku kuganza maze bigatuma ugira ubuzima burongorwa na Mpwemu Yera. “Uwuvuga mu rurimi rutamenyekana ariyubaka, ariko uvugishwa n’Imana yubaka Ishengero.” [1Abikorinto 14:4]
  11. Gusengera mu ndimi bituma ushobora gusenga n’iyo utazi ico ukwiriye gusengera kuko iyo utazi umutwaro wo gusengera ushobora kuguma usenga mu ndimi. “Niko na Mpwemu w’Imana adufasha gusenga mu gihe c’intege nke zacu kuko tutazi uko dukwiriye gusenga, ariko Mpwemu ubgiwe aradusengera, aniha iminiho itovugwa.” [Abaroma 8:26]
  12. Gusengera mu ndimi ni ikigwanisho gihambaye co kugwanya ibikorwa vy’umwansi. Yesu yaravuze ibizoshikira abamwizeye kandi bakabandanya imirimo yiwe.
    Turabibona no muri ibi bihe, kubera ibikogwa vy’Imana bitandukanye dukora, satani ahagurutsa ibikoresho vyiwe kutugwanya bakoresheje gucokorana, kwambika urubga, kubesha n’ibindi vyinshi vyo kugomba guca inkokora abakozi b’Imana kugira ngo igikogwa n’umugambi w’Imana uburizwemwo kandi bidashoboka. Ikigwanisho gihambaye kuri izo mpwemu zihumanye ni ukuvuga mu ndimi. Yesu ati uwizera akabatizwa azokizwa, ariko utizera azotsindwa n’urubanza. Kandi ibimenyetso bizokwama biboneka kubizera n’ibi:
  • bazosenda abadayimoni mw’izina ryanje,
    -bazovuga indimi nsha, bazofata inzoka,
    -ni banywa ivyica ntaco bizobagira na gatoya
    -kandi bazorambika ibiganza ku bagwaye bakire. [Mariko 16 :16-18]
    Mugenzi wakiriye agakiza, ukizera izina rya Yesu Kristo, ni wewe ubarigwa. Harageze yuko wakira kandi ugakoresha ivyo wahawe nuwo wizeye, Umwami wacu Yesu Kristo.
    F. UBUSHOBOZI BGO GUTAZIRA
    Ugutazira ni ingendo ihambaye mu buzima bg’umuntu. Hariho ibintu 8 bitangwa n’ubushobozi bgo gutazira:
    Page4
  1. Ugutazira kudukura ku kwiyumvira ivyacu gusa bikadushikana ku kwitaho Imana. Dawidi yagize ati : « Mushimire Uhoraho ivyinkomezi yakoze, mu yishime nk’uko bibereye ubukuru bgayo buhambaye, » [Zaburi 150 :2]. Yongeyeko ati : « Nanje ururimi rwanje ruzovuga ivyo ukugororoka kwawe, ruzovuga ishimwe ryawe umunsi wire, » [Zaburi 35 :28].
  2. Ugutazirakudushiramukibanzacogucabugufi,tukibukayukoImanaariyo itwitungiye. Dawidi ati:” tuje mu nyonga ziwe tumushima, tumuvugirize impundu n’indirimbo; kuko Uhoraho ari Imana ihambaye n’Umwami ahambaye asumba ibigigwamana vyose”. [Zaburi 95:2-3].
  3. Ugutazira kurirukana umwansi, ku kirukana umwiza utuzungurutse. Ugutazira guhagarika ibitero vya satani bikadukurako ububeshi bg’umurwanizi. Umwansi satani ntashobora kuguma muri twebge mu gihe dutazira Imana yacu. Mu nkuru ya Yehoshafati, tubona ingene Imana yakoze ibitangaza kubera abantu bemeye gutazira Imana. “N’uko bagitangura kuririmba no gutazira, Uhoraho ashiraho abo guca igico abari baje gutera abayuda, aribo ba Moni, n’abanya Mowabu, abavuye mu misozi i Seyiri baca basubira inyuma” [2 Ingoma 20:22]
  4. Ugutazira kurakubura ibibi vyose vyo kwidodomba no kwiyumvira nabi. Rimwe na rimwe niyo turiko turasenga, haraho usanga turiko turidoga kubera ingorane zacu. Twibutswa ivyiza vyinshi Imana yadukoreye n’ingene ishobora kwikorera imibabaro yacu yose. “Mushike mu birimba vyiwe mushima, no munyubakwa ziwe muhimbaza, mushemagiza izina ryiwe” [Zaburi 100:4, 103:2-4, Abaheburayo 13:15]
  5. Kutazira kuzana imigisha ku buzima bgawe. Imana ntizokwima ubuntu n’urukundo rwayo. Iyo twinjiye mu bgiza bg’Imana mu gutazira Umwami wacu aratugabira ivyiza vyinshi. “Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ariyo se iragahezagirwa, yaduhezagiriye imihezagiro yose y’impwemu ahantu ho mw’ijuru muri Kristo Yesu.” [Abayefeso 1:3]
  6. Ugutazira kwururutsa ubgiza bg’Imana. Imana ikaza kubana natwe nk’abami n’Abaherezi. [Zaburi 22:3, 1 Petero 2:9]
  7. Impwemu zacu zigirwa nshasha iyo turi mu bgiza bg’Imana, tukuzuzwa umunezero n’amahoro. Iyo dufise imitima itazira, turamenya yuko Imana ihindura ivyo tunyuramwo n’imitima yacu. [Zaburi 16:11, Zaburi 63:2-4]
  8. Ugutazira bisena inzira ubushobozi bg’Imana bucamwo bigatuma ibitangaza bikoreka. Ubuzima bg’abantu bugahinduka kuko kunyiganyiza amatanguriro n’iminyororo ikiyugurura nk’uko Imana yabigiriye Pawulo na Sila. [Ivyahishuriwe Yohana 16:25-26]
    Uramenye intambge zitandatu zo gukoresha kugira ngo Imana itabare, igushitseko ivyo yagusezeraniye. Zishire mu gusenga kugira ngo ubone ubgiza
    bgayo. Umwami Yesu Kristo yamamare!
    Amen!