
“Itariki nk’uyu musi, mu kwezi kwa kane, mu 1972; umuhutu wese w’Incabwenge yariko aratemagurwa.
Icitonderwa,kuva kera,umututsi ntiyashobora kwica umuhutu asanzwe.
Ni 72, hishwe abahutu bameze uku:
1.Umuhutu wese w’Incabwenge,yize!!
- Abihebeye Imana, aba pasitori ,
- Abadandaza,
- Uwufise inzu y’amabati,
- Uwufise iradiyo,
- Uwufise Inka,….. .
Ababa bapfuye babahamba mubinogo rusangi vyari vyimbwe mu gihugu cose, abandi bagatabwa mu nzuzi n’amashamba!
Ubutunzi bw’iyo miryango bwarasahurwa abana bagasigara bayerera mw’ibarabara.
Ubwo bwicanyi bwamaze imyaka 2 de 1972-1974 , buhitana inzirakarengane zirenga ibihumbi amajana atatu(300.0000).
NUBU,AMAZU YIBWE YASAHUWE 72, NTARASUBIZWA YOSE!
Muri 2015, abatutsi babonye CVR iriko iyasubiza abari barayanyazwe, baca bizanisha ivya #Mandat kugira ngo babiburabuze.
Dusabe LETA NKOZI ikore ibishoboka vyose, ivyanyazwe nabo bicanyi bisubizwe benevyo.
Aho #SogoNkurunziza yari ashikanye, #Samuragwa ahabandanirize umuhutu arenganurwe kuko igihugu ubu ni icacu!!
Uwo mwaka bane tubabwira wi 72, wabaye uwo amahono kuko umuhutu wese aho yarari yiswe ngo ni umumenja!
Ehe rabe izo #Chaines batonda bagiye kwicwa!!
Abasoda baba bari hafi, baca bakubita agafuni n’urusoro bagaca baterera mu kinogorusangi gutyo gutyo!!
Raba ingene kuri iyo mirongo bari baboshwe bihebuye!!
Ikibabaje, aho abo bose mubona batonze,baba bakuwe muhira kumuhana n’umututsi umwe rudende rwa nege!!
Yabahenda ngo kwi zone barabakeneye, ngo kwa Musitanteri baragukeneye uzoze ejo,kwa Buramatari ngo baragukeneye ugaca ushomba urutwe….!!
Uwugiye ntiyagarukaaaa!!
Nubu hari abahutu bagihendwa n’abatutsi,birababaje!!
Umuhutu wese aho ari muri kino kinjana,yarakwiye gukerebuka agaca ubwenge ntitwame duhendwa n’abatutsi bashaka kuduhonya!”
Ubgo ni bumwe mu butumwa bgiriwe buracanacanako ku mbuga ngurukana bumenyi. Ihanga ry’Abarundi rirakeneye gukira, guhozwa no kwibagira.