
« Ni mwigishe abana banyu bikuru bikuru vyabaye muri kahise k’ihanga ryacu». (Les grands événements de l’histoire du Burundi- Great events in Burundi’s history).
Mu mwaka wa1981, Imana yatanze imburi kabiri mu myanya itandukanye ivuga ko abana bacu bavukiye hanze mu bihugu twahungiyemwo ishaka ko biga bakamenya kahise k’ihanga ryacu. Ivyakurikiye n’uko Imana yampagurukije, ikanshoboza kwandika igitabu kw’ihanga ry’Uburundi guhera ku ntango gushika mu mwaka 2003. Imana yavugiye mu muntu akiri muto yagiye kwiga mu bgongereza, agaca akora akazi andungikira 500,000 vy’amashilingi hamwe n’isimu ntoya. Abandi bantu bo mw’ihanga ryacu bari i Tanzania, baciye batanga imisoro, haraboneka 1.500. 000 y’amashilingi yari akenewe gucapisha ico gitabo muri « Inter Press of Tanzania, the best printing press in the whole of Tanzania ».
Ikibabaje n’uko urwaruka rwacu rwavukiye hanze, rukiga amashule ya kaminuza, rukaronka akazi keza, ata kahise k’Uburundi rushaka kumenya, rubona ko rwashitse rutagikeneye kumenya kahise k’Uburundi kuko ngo rwashitse. Ariko uko biri kose, Imana iza yaravuze ko igihe co guhunguka gishitse, abo yashizeko ikimenyetso co guhunguka kugira ngo bagende kuba mu gihugu cacu no kucubaka, ata n’umwe azoshobora kwinyegeza kuko tuzohungurwa n’umumalayika. Abandi nabo badakwiriye guhunguka kubera ingeso zabo mbi cane, bakaba barabaye intagondwa ko bazorimburwa n’uyo mumalayika mu bihugu vyose twahungiyemwo kugeza aho isi yose izohinda agashitsi cane kuko bazomenya ko turi abantu badasanzwe. Abarundi turi ubwoko, turi ihanga ryatoranijwe n’Imana Nzima iganza amahanga yose yo kw’isi. Uwo wese azorwanya reta nshasha uwarobanuwe n’Imana agomba gushinga, uwo ntazohunguka azorandurwa ave kw’isi kuko Imana ishaka ko reta nsha izotwara mu mahoro, urukundo, ubumwe n’umutekano bitigeze biba mu Burundi kuva bubayeho kandi Imana izosuka imigisha myinshi cane mu Burundi bgose. Imana izotuma abanyagihugu bose batunga cane vuba na vuba, ihanga ryose ritera imbere, ribe ihanga rifise ubutunzi bukomeye cane n’amahera afise igiciro mw’isi yose. Hamwe n’ivyo abanyagihugu bose tuzohindurwa basha kuko Imana izodukuramwo imitima igumye nk’ibuye, iduteremwo imitima yoroshe cane nk’inyama. Imana izotwuzuza Mpwemu wayo aturongore mu nzira z’ubugororotsi. Yatugize ihanga rizotwara umuco mw’isi yose gushika ku kugaruka kwa Yesu Kristo aje kujana Ishengero ryiwe mw’ijuru. Uko niko Imana yavuze mu myaka yarenganye na niko bigiye kuba.
Ufise ico wunganira twandikire kuri: ihangaryeraryimana@gmail.com canke kuri telefone +257 72408852