
Abarundi bari mu gihugu co kimwe n’abari mu mahanga bagize ubuhizi kwigisha urwanko n’amacakubiri ahantu hose baciye. Abantu bakuze nibo bafashwe n’ako karanda. Barengana ingeso zabo mbi n’amarushwa basutse mu gihugu muri kagise bakabandanya kuyabohesha abana n’abuzukuru babo.
Umuntu aba ari mu ngendeshwa irimwo abantu barenga mirongo itatu mugabo akavugira ku gahamagazo yuko ari babiri canke batatu gusa mur’iyo modokari nk’uko abandi bose atari abantu. Aho aba ariko aravuga abo mu bgoko bgiwe.
N’ubu inyigisho z’amacakubiri zireze kandi ziragwizwa naho abari ku butegetsi basa naho batabinezwe bivugira ngo ikibazo cararangiye. Ivyo ni ibintu bikwiriye guhagurukirwa bikarangira.