Hariho abagomba kwiyahura kubera ibigeragezo, ni barondere ubufasha bareme

GUHABWA UBUFASHA NO GUTABARIZA ABANDI
Bakunzi b’ukwezwa n’ukugororoka kugira ngo mwibonere ubwiza bw’Imana mu buzima bwanyu, hariho ibintu biriko biraba bidahumuriza:

  1. Hariho umugabo yiyahuye i Bubanza asiga yanditse icete yuko yihoye amadeni yafashe kandi asaba yuko abana biwe bozofashwa;
  2. ⁠Hariho umugabo yitaye mu modoka ngo imwice mu Ruziba i Bujumbura, yavuze ati ababajwe n’abatamuretse ngo yipfire kuko afise ingorane myinshi;
  3. ⁠Hari n’abandi twumvise abagabo n’abakenyezi bagerageje kwita muri Rusizi, mu Ruvubu, n’abihaye akaziriko muri Kayanza, Kirundo, Rutana na Makamba kubera imvo zitandukanye.
    a). Twagomba gusaba umuntu wese yumva ageze aho yokwiyahura, kuturondera kuri izi nomero z’agahamagazo kugira ngo tumuronse ubufasha;
    b). Turasaba uwomenya abana b’uwo yiyahuye mu ntara ya Bubanza, kudushikira kugira ngo tubashikeko tugire ico tubafashije babeho nk’abandi kuko n’abana b’Ihanga ryacu.
    C). Turamenyesha umuntu wese yomenya uwufise ivyiyumviro canke umugambi wo kwiyaka ubuzima canke gukora irindi bara kuturondera kugira ngo abo bantu baronswe ubufasha.
    d). Ubuzima ntibuherera ku rupfu ahubwo niho buba butanguye kandi ukora iciza ukagisanga imbere. Mudufashe gutabariza abo ibigeragezo na satani bagomba gucikana kugira ngo barokoke.

Nomero ni 68151545 mwo duhamagarane : Mukwiragize ubu butumwa muyindi migwi, Murakoze