Kubera ingene Uburundi butunganije mur’iki gihe, Abarundi barasuzuguritse mu karere.

Abarundi bakoresha imipaka Uburundi buhana na Tanzanie bavuga ko bafatwa nabi birenze. Tanzaniya carico gihugu gisigaye kitwubaha none vyanse.
Abarundi benshi basohokera canke binjirira ku mipaka uburundi buhana na Tanzaniya bavuga ko bafatwa nabi na polisi y’ico gihugu harimwo no gusuzugurwa.
Intandaro ya vyose ngo n’ikarata y’urucanco, (Carte international de Vaccination) bakunze kwita carte jaune aho polisi ya Tanzaniya itemera izatangiwe mu Burundi ivuga ko atagaciro zifise.
Baca bayita mw’iyarara aho ngo baca bategekwa kuriha amashilingi 30000sh ndetse bagaca baterwa n’urwo rucanco kunguvu nk’uko umwe mubakorewe ayo mabi abivuga.
Uwugize ngo arabaza baca bamusubiza inyuma canke bakamuta mugasho, agaca aheba kuja iyo yaragiye.
Ivyo ngo birakorerwa n’ingenzi zose zivuye mu Burundi.
Ikindi n’iyo Umurundi atonze ngo bamugongere kugitabo c’inzira(Pasport). Ngo bakibona ko uri umurundi baca bagushira kur’uruhande ugasigara ujumarariwe.
Hari n’abasigaye batinya guca kumupaka w’Uburundi na Tanzaniya.
Uyu mugabo ari mubakorewe ibi ngo birababaje kandi biratey’isoni gukurwa mubandi, akibaza n’imba abarongoye Uburundi ibi babizi, n’imba babizi naho, akibaza igituma babandanya gutanga impapuro zitagira agaciro?
Ikindi kibabaje, ngo n’uguterwa urushinge utavyitegura kandi babanje kugusuzugura.
Agasaba ababijejwe ko bova mugacerere.