
Petero_Mulele (1929-1968). Wewe woba warumuzi ? Wewe woba warumaze kumwumva? canke woba warumaze kumva amajambo nka “mayi mulele” canke ngo ba mulele? Abahutu benshi baragandaguwe babita ngo ni bamulele muri 1972. Ico gihe umuhutu wese ari mu Burundi yitwa mulele.
None PeteroMulele ni nde?
Ni umukongomani yavutse mu 1929 Hama agandagurwa muri 1968 yishwe na Mobutu.
Mulele yari umugenzi wa Patrice Lumumba bakaba barikumwe mu kurondera intahe yo kwikukira ya Congo mukurwanya abakoloni.
Yarabaye umushikiranganji w’indero muri Leta ya Patrice Lumumba.
Lumumba bamaze kumugandagura Mulele yaciye ava muri Leta aca ashiraho Leta yiwe ishimikiye ku vyiyumviro vya Lumumba (1961-1964)
Munyuma yaciye ashirako ikiroberi kirwanira ivyiyumviro vya Lumumba kikarwanya Reta ya Congo yariyashizweho n’abakoloni ( ico kiroberi nico cahavuye citirirwa ikiroberi ca Mulele)
Mu nyuma Mulele yaciye ahungira muri Congo Brazzaville mu 1968 yarahungutse aca yicwa bunyamaswa na Mobutu
None umuhutu wo muburundi yiswe #Mulele gute?
Mu 1972 leta ya Micombero yagiye kurondera abarwanyi ba Mulele muri Congo ngo baze gutera mu bice abatutsi kugire Micombero ace avyagiruza Abahutu aronke ingene abatikiza. Kandi vyarabaye Micombero aca ababwira Mobutu ko ba Mulele bamuteye ngo namufashe kubarwanya. Mobutu acanrungika abasoda ba CONGO kuza kurwana n’abasoda ba Mulele.
Bashitse mu BURUNDI basanga bahenzwe kuko Micombero yaberetse Abahutu ngo nibo ba Mulele. Munyuma basanga bahenzwe baca barisubirira muri Congo .
Ikinyoma ntikigira ibgoko canke intara kuko n’ubu kiracakora abantu bakagandagurwa. Ariko kuko mw’ijuru dufise Uhoraho Imana, bigiye kurabgira.