
IGITABU:” Uguhinduka n’uguhindura ibintu mu Burundi.” (Tome II) (216 pages)
Abarundi twararwaye turaremba
turasinzikara tubura gitabara kuko umuti
w’ingwara yitwa rubozoratima
wanyegejwe n’inkozi z’ikibi, ababisha,
ababeshi, indyadya, abicanyi, abasuma
n’abambuzi. Uretseko twanse kwigira ku
ngene Mose yacuze inzoka y’umuringa
akayimanika ku giti maze abakomowe
bose bayiravye bagakira, hariho inzira yo
gukira kubabuze iyo barangamiza. Ni
ubuhinga bgo guhinduka, guhindura abantu n’ibintu kugira ngo Abarundi
bashikire rya sezerano ry’igihugu gitemba amata n’ubuki. Mushobora ku gisanga
kuri https://www.amazon.com/ n’ayandi mazu y’ibitabu aho muherereye hose
kw’isi.
Abarundi turi ihanga ryiza kandi rishimwa hose, rigizwe n’incabgenge abahinga
n’abanyengabire benshi ariko kubera ubgicanyi bgagumye bgisubiriza mu
gihugu ntibuhanwe ngo buranduranwe n’imizi ngo Abeneburundi bavurwe,
vyatumye amasinzi y’Abarundi bacika abazamyi; ivyangazi, impunzi
n’abapfakazi. Abashikiriye ubutegetsi basanga bokwishimikiza ubutandukane
bg’imigambge, amoko, amadini, intara, imiryango, ubutunzi n’ikimenyane kugira
ngo bigumire mu vyiza bakibagira abahabashikanye. Ingoma zagiye
zirakurakuranwa zibagiye kwamura umuti wo kiza Abarundi bose kuko bose ata
n’umwe muribo yigeze akira. Abarwaye rubozoratima ntibateza imbere igihugu.
N’iyo baronse ubutunzi barabunyegeza kuko bararya ntibahage, banywa
ntibashire inyota bikarenga bakirukira mu bupfumu n’uburozi, mu kaborerwe
n’ubushakanyi n’ivyo bakora vyose nti bibazanire umunezero.
Abafashwe n’iyo ngwara barankana, barimbana mu mizi kandi bagakoreranira
ibibi. Ukwicana, ukunyaga, ukurenganya, ugupfunga, ukwangaza, ibiturire
n’ugusahura igihugu baca bavyita ubuhizi, ntibamenye yuko bariko
barasambura ihanga Imana yabaragije. Ihanga ryubakwa n’agaciro muha (1)
ibikorwa, (2) ubuhinga n’ubumenyi, (3) intwaro, (4) abantu, (5) ubutaka (6)
amategeko (7) n’imigenderanire n’amakungu. Mur’iyi nzira y’uguhinduka,
uguhindura abantu n’ibintu; dusangamwo inkingi indwi zo gutunganya igihugu
c’Uburundi, amagara yo mu mutwe n’ingingo zo gutabara, ijisho ribona muri
kazoza, intambge zo guhindura ibintu n’ukwiyumvira ntumberezangingo. Iki ni ca
gihe co guhinduka, guhindura abantu n’ibintu hatararengerana. Iyi nzira irarashe
kandi irashikana kuri rya sezerano ry’igihugu c’Uburundi gitemba amata n’ubuki.