

Barundi mwese, mwiyubare kuko akaryama ka nkende kariko karatembera
Ako karanda kibonekeza cane mu Kinama (hari abakanduye 21), mu Kamenge (10), mu Gihosha (6), mu Kanyosha (6) hamwe n’i Musave (4) mu ntara ya Kayanza, nk’uko vyerekanwa n’icegeranyo co kur’uyu wa 16/08/2024 cashikirijwe n’ikigo kijejwe gukurikirana ibiza mu Burundi gikukira Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu
Ico kigo cerekana kandi ko ku bantu 142 vyemezwa ko banduye akaryama ka nkende, 44,4% ni ab’igitsina gore, 55,6% nabo ni ab’igitsina gabo, abakarirwa cane kurusha abandi akaba ari abana gushika ku myaka itanu (28,8% y’abafashwe), hamwe n’abafise hagati y’imyaka 11 na 20 (20,4%) na 21 gushika ku myaka 30 (18,3% y’abafashwe)
Mu mashengero, ku bicaniro, mu masoko, mu buriro no mu bunywero, ku kazi n’ahandi hose muhurira n’abantu ni mwiyubare.