President Evariste Ndayishimiye: « Naraye menye umuntu ashora ubutare tutari tuzi ko dufise »

Mw’ijambo ryiwe ryo gutanga umwihwezo ku vyayazwe mu kiganiro catunganijwe na BRB ku butunzi kuri uyu wa 20/8/2024, Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko hari umuntu yimba ubutare bwa « Cristal » akanabushora hanze
Prezida Ndayishimiye avuga ko uwo muntu ariwe ubwiwe yabimumeyesheje, anamubwira ko amaze gushora ama ‘conteneurs menshi’
Umukuru w’igihugu ati: « Uburundi bufise ubutare bwinshi bwinshi, bwinshi cane. Ariko bidusaba kuhakanurira. Nko kuba uwo muntu ashora hanze ntitube twari tubizi, ntwara nka OBR noca ntanga imihoho »
Uretse uwo, yamensheje kandi ko hari n’abandi bahora baza mu Burundi kugira amatohoza ku butare ariko igihugu ntitkibice n’ikandi.
President Evariste Ndayishimiye yaraherutse kuvuga yuko uyu mwaka utarahera, ngo akoranye n’urwaruka ashobora kuba yubatse amahinguriro 3 y’ubutare mugabo ivyo bikaboneka yuko ari ibinyoma abesha abarundi.
Abahinga bagize bati:
Udafise umuyagankuba n’igitoro ntushobora kwiyumvira kwimba ubutare. Nta hinguriro ry’ubakwa mumwaka umwe
Ihinguriro ryubakwa habaye ivyivya binonosoye bita:
- PEA: Preliminary Economical Assessment canke Scoping Study: 6 mois de duree
- PFS: Pre- Feasibility Study: Etude de Prefaisabilite: 12 mois
- FS canke DFS: Feasibility Study canke Definitive Feasibility Study: 2 ans
- Basic Engineering:12 mois
- Detail Engineering: 24 mois
- Construction phase: 36 mois
- commissioning: 3-6 mois
- Operation
- None iryo hinguriro ryokubakwa ritacapwe naba Ingenieurs iryo ni nyabaki
Ariko ikaba ari simple atelier canke shop aho ni sawa. Abarundi ntibashobora kugira ico bashikako bacubakira ku binyoma canke ukutamenya kuko bateye umugongo ubuhinga n’ubumenyi.