Abarundi turakeneye umuti w’ivyabaye no gutera imbere

“Namaze umwaka wose nirirwa nkongera nkarara mw’ishamba rya jenyene. Nitwa Louis Bakanibona, mba mu Rumonge ariko navukiye ku mutumba Bitezi, komine ya Matana, intara ya Bururi mu 1948. Nanje narabonye twinshi mu buzima, ariko narigiye cane ku magume yo mu 1972”. Yabaye ndiko ndashika mu bigero. Nari mu myaka 24. Nari umumenyeshamana muri Paruwase ya Butwe, Diyoseze ya Bururi. Sinovyibagira, kuko vyaramajije umwaka wose ndara mw’ishamba, utagira ngo ndabuze aho nkika umusaya.

Ivyagiye birashikira Uburundi bifise umuzi uri kure cane.

Ivyanje novuga ko vyatanguye itariki 31 Ndamukiza mu 1972. Ico gihe, hari abantu bagandaguye abandi benshi babahora ubwoko. Baraza bakagutora aho uri, bakaja kukwicira mu kinyegero. Naje narashikiriwe ku rutonde, ariko biranka ko bampurizako. Bamwe ngo uwo atwigishiriza ijambo ry’Imana abana, tumureke. Abandi nabo ngo ni twamureka, niwe azotwagiriza.

Babonye nsigaye ndi umwe, barahavuye barahuriza ku ngingo yo kunyica nanje. Umwe muri bo tudasangiye ubwoko, yaja mu manama yabo, aramburira ko arije nshikiriwe ku rutonde. Yarambwiye n’isaha baza kuzirako kuntora. Uwo musi, naratonze kw’ishure kwigisha ijambo ry’Imana, abanyeshuye bagiye gukina, nca ndabwira umuyobozi ko yompa uruhusha nje kwivuza. Vyari bitegekanijwe ko baza kuntora muri ayo masaha nyene. Umuyobozi yaranyankiye, ariko nca ndomoka, nihereza ishamba.

Aho nari, narumvise ko bahereye mu ntara z’Imbo ; sinatumberayo. Nafashe agahinga, nja mu myonga. Imodoka y’abasoda yari ije kuntora, nayibonye ndenze umutumba wo hakurya. Narara ndagenda. Bwije, bwaba bukeye kuri jewe. Ku murango nkaraba aho nyegera. Umwaka wose waraheze ndara, nkongera nkirirwa mw’ishamba jenyene. Ndushe, ndateba ndandikira Diyoseze Bururi ndayimenyesha ko nkiriho.

Mu guhana ubutumwa, nari mfise ahantu naterera ikete, uwundi muntu nasize ndabibwiye ko atabonye agakete kanje kazoba karabaye, niwe yarinjanira ; mu nyuma akazana inyishu, agashira ha handi nyene. Baranyishuye bambaza aho ndi n’ingene bomfasha. Nca nsaba ko bonkura mu ntara kama ya Bututsi, bakanjana ahandi. Twarahanye isango, barungika umupatiri aza kuntwara mu Rumonge, mbona gukira uko.

Ndashimira abari barongoye Dioyeseze Bururi kuko baramfashije kurokoka. Ndashimira kandi n’uwo wundi tudasangiye ubwoko yamburiye ko bazoza kuntora ngo banyice. Hamwe rero n’uwafasha gutanga amakete ndi mw’ishamba ; nawe yarahabaye. »

Ico nobwira abacaruka ubu, ni uko batokwita ku bibatandukanya canke ivyo basana n’abandi, ahubwo, umwo wese yokwitaho kugirira neza uwumwegereye, twese tukaroranirwa. Murakoze !

Nawe washikiwe n’iki? Uretse ibihe vya kera uriko urashikirwa n’iki ubu? None umuti woba uwuhe? Twandikire.