

Vyari bisanzwe bizwi yuko Abarundi bari mu gihugu n’abari hanze basanzwe bakora ivyaha bibi nko kwicana bakoresheje uburyo bgose kandi bahoye abantu ubusa, bakagerekako ukwiba, ukubesha, ukurementanya, ugusambana n’ibindi.
Vyari bisanzwe bizwi kandi ku mu bubisha bginshi Abarundi bakora harimwo gukorora inda, gusambanya ibitungwa, gusambana abasangiye ibitsina; ubu hoho bayiciye imirya kuko hageze aho abasangiye igitsina bubakana biciye mu mategeko nk’umugabo n’umugore.
Inkuru iri muziriko ziravugwa cane kuri Réseaux Sociaux ni ubugeni bw’abarundikazi babiri Cynthia Ndikumana na Lydia Nyamweru baba muri Leta zunze Ubumwe za Amerika bahisemwo kubana nk’umugabo n’umugore kuva Kw’igenekerezo rya 17 Myandagaro 2024.
Amategeko yo mu Burundi arabihana n’aho mu bihugu bimwe bimwe harimwo Leta Zunze Ubumwe za Amerika amategeko yabo yemera ubugeni nk’ubwo.
Ico abantu baca babona uretse yuko imico n’imigenzo itandukanye kandi iyo Abarundi ibigata nk’ikizira c’ubuyobe, n’uko n’Uhoraho Imana ivyanka urunuka kandi ikabihanisha igihano gihambaye c’umuriro w’amazuku, turavye ivyo yagiriye sodoma na Gomora [Itanguriro 19:24-25].