
« INZIRA INDWI ZO GUTABARA NO GUKIZA UBURUNDI- Isezerano ry’igihugu gitemba amata n’ubuki.»
Iki gitabu kirimwo ibitabu bitanu (5 Tomes), hamaze gushirwa ahabona ibitabu bibiri bimaze gusomwa cane no gukundwa na benshi. Abasomyi bakomeza kuvuga uko basanga ivyo bitabu.
- Umugwi wa mbere ugira uti: «Warakoze kwandika ivyo bitabu ku buryo bgumvikana neza kandi ukoresheje inyuguti ziboka mu rurimi kavukire rw’Ikirundi cacu.» Hariho benshi batazi ingene Ikirundi candikwa bakita n’inyuguti zabo ngo n’izo mu zindi ndimi.
- Uwundi mugwi wongerako uti: «Ni iteka ntangere kubona ubuhinga bg’ingene imitima y’Abarundi yoruhuka kuko twese turarushe. Biranezereye kubona twese twigishwa ingene twohindura igihugu cacu paradizo mu butunzi, mu mibano no mu buhinga n’ubumenyi.» Burya dufise ivyiza vyinshi mu gihugu twanjanjwako.
- Umugwi ugira gatatu wagize uti: «Umuntu ahejeje gusoma ibi bitabu uko ari bibiri aca abona yuko mu Burundi dufise incabgenge zigijweyo, ko ubutunzi bg’igihugu bgasahuwe kandi n’ubu bukiriko, hakaba hari n’abo twita indongozi ari ibihemu ataho boshikana igihugu »
- Umugwi ugira kane ni uw’abatahuye yuko mu bintu vyaboshe igihugu cacu harimwo akarenganyo, ibiturire, ukwishimikiza amoko, imiryango, intara, amadini, imigambge no kugereka amabanga abatayashoboye.
- Abandi bagize bati nasomye vyinshi mugabo iyo ngwara RUBOZORATIMA ni rurangiza, yarantangaje kuko nasanze Abarundi twese tuyigendana kandi iturembeje, yuko vy’ukuri Abarundi dukeneye urukiza ( Thérapies Collectives).
Abantu batandukanye bashikirije ivyiyumviro vyinshi, bamwe bashima yuko ururimi rwacu rw’Ikirundi rwatewe iteka kuko hariho abacitiranya ukumenya kuvuga canke kwandika indimi zo hanze no kumenya ubgenge. Abandi bagira bati harimwo ukuri kwinshi abantu batinya kwemanga ariko ivyo muvuga niyo nzira yonyene yo gukiza igihugu. Abari muri Amerika, Canada, Ubulaya, Afrika, Aziya na Australiya baranyandikiye. Nawe ubishatse urashobora kunyandikira ukambarira ico wiyumvira kur’ivyo bitabu 2 imbere yuko nshira ahabona ivyo bindi 3. Ndashimiye abanyandikiye bose. Muzigamwe!