Amezi mu kirundi n’insiguro yayo.

Mu Kirundi, co kimwe no muzindi ndimi, amaze n’iminsi birafise amazina. Kenshi uko bayitirira bafatira kubihe abantu baba babayemwo biguma vyibonekeza muri ukwo kwezi. Iminsi yoyo nta kintu gihambaye bafatirako atari guharura batondesha umurongo uva ku munsi wa mbere uja kuwanyuma w’iyinga. Kurikirana aha munsi uce wumviriza n’insiguro baha amezi.

Amêzi mu kirŭndi

  • Nzéro( January)

Ukwezi kwa mbere mu mwaka. Muri ukwo kwezi bivurwa ko kwarimwo inzara izura inzara kuko abantu baba bavuye mu ci aho atacimburwa na kimwe kiba kiri mu kigega kiretse ibihitira. Kenshi rero bakunze kuvuga ko Nzero yoba ari inzara. Benshi baranagutazira “ukwezi kwa Ndabigirente”, ni ukuvuga ukwezi kw’ibibazo bidasanzwe. Ukwezi umuntu yaguma yijijanya imitima yibaza ukwo agiye kubaho.

  • Ruhuhúma ( February)

Ni ukwezi kugira kabiri mu mwaka. Muri ukwo kwezi, imvura iba yamaze kugwira mw-ijuru. Iba igwa cane ikabuza abantu gusohoka. Yarashobora kwirizako. Aho gusa hari kera ibihe bitarahinduka. Bakunda kuvuga ngo ukwo kwezi ni “Ruhuhuma ruhuhuma imvura n’imituragaro”.

  • Ntwāranté (March)

Uku nakwo kugira gatatu. Muri ukwo kwezi ivyimburwa vyarimwe ku mutasuro vyaba vyeze. Nk’uko mubibona mw-izina, haba ari igihe abantu baba bagorwa no kwimbura bakabura uko babikika. Haba heze imyungu, ibigori, ibiraya, n’ibindi. Ntwarante rero ryafatiye ku muvyeyi yaba yiriwe ararimira ibiharage, agaca ataha atahanye ibigori mu gishwaburira, afise isuka ku rutugu, ikibondo i mugongo azanye n’umwungu mu ntoke. Urumva ko yaba aremerewe.

Ndamukiza (April)

Rusāmá ……………………May

Ruhĕshi……………………..June

Mukákaro………………… July

Myāndagaro ……………….August

Nyakănga…………………….. September

Gitugútu ……………………….October

Munyōnyó………………………November

Kigarama ……………………..December