Ukwezi kwa Nyakabga : Ni ukwezi kwo Gusengera igihugu c’Uburundi.

Nkuko twama duhamagarira Abarundi ukwezwa no gusenga biza vyiyongera ku bikorwa vyo guteza imbere igihugu, duhariye uku kwezi kwa Nyakabga kube ukwezi kwo gusengera Amasezerano y’igihugu c’Uburundi.

Twarangije ukwezi aho umukuru w’igihugu Evariste Nayishimiye yarangije aremesha Abarundi mu masengesho yabereye i Gitega yuko uku kwezi kwa Nyakabiga kugiye kuba ukwo amahoro n’imigisha, umwimbu n’amagara meza. Umukuru w’umuhambge uri ku butegezi nawe, Reveriyano Ndikuriyo yatunganije urugendo rw’agakura mu gisagara ca Bujumbura, aho abagumyabanga, abakenyererarugamba n’imbonerakure babiciye bigacika mukwerekana ubudasa mu rugendo rwo gutambuka nk’abasirikare b’igihugu.

Naho ivyo bikorwa uko, igihugu kimaze iminsi itari mike kibonaka yuko kiri mu vyanyuma bibiri bikenye muri Afrika no kw’isi yose, igihugu kitagira igitoro kikwiriye, umuyagankuba, umuravyo (internet) amazi, amatara, ibifungurwa bikwiriye mbere n’ifaranga ry’igihugu ryarataye agaciro. Ifaranga ry’Uburundi urigereranije n’ayandi rivunjwa gutya kuruyu wa 01/09/2024:

Ifaranga ry’Uburundi mu makungu kuwa 01/09/2024 vyifashe uku:

1$ : 27🇿🇲 Zambia
1$ : 7050🇧🇮 Burundi
1$. : 2720🇹🇿 Tanzania
1$ : 18.4 🇿🇦 South Africa
1$ : 126.2🇰🇪 Kenya
1$ : 1290🇷🇼Rwanda
1$ : 3680 🇺🇬 Uganda
1$ : 1700 🇲🇼 Malawi
1$ : 10.8 🇧🇼 Botswana
1$ : 3.46 🇦🇪 Dubai
1 $ : 13.8 🇬🇭 Ghana
1$ : 68.3Mozambique
1$ : 631 🇳🇪 Ivory coast
1$ : 2800 🇨🇩DR Congo
1$ : 620 🇨🇲 Cameroon
1$ : 0.9 🇫🇷 France

Ivyo vyose birerekana yuko hariho igitegerezwa gukorwa mu gihugu kugira ngo ibintu bihinduke bibe vyiza. Nico gituma dusaba abantu bose bazi ubushobozi bg’Imana Ihoraho yo mw’ijuru gufata uku kwezi yuko ari ukwo gusengera igihugu c’Uburundi kive mu kaga k’ubukene no kutamenya ibintu vyiza bibereye gukorwa.