Intwaro zagiye zirakurakuranwa mu Burundi zarononye indero y’urwaruka.

Ibihugu vyose vyo kw’isi bitera imbere vyishimikije (1) Ibikorwa, (2) Indero, (3) Intearo nziza nk’inkongi z’iterambere. Ivyo intwaro zagiye zirakurakuranwa mu Burundi zaravyirengagije kandi nico gituma igihugu kimeze uko kiri uyu munsi. Turashigikiye yuko ibintu bikwiriye guhinduka mu gihugu kugira ngo habe iterambere.

Vyagenze gute? Duhereye inyuma y’intwaro ya cami, abahima, umwe mu miryango y’abatutsi, bari barakumiriwe n’intwaro ya cami, baca bafashwa n’abakoroni gukuraho iyo ntwaro ya cami.

Abahima baciye bafata ingingo yo kurandurana n’imizi intwaro ya cami, ijaniranya n’incabwenge zose, kugira basigare batwara abantu kurya kw’ibitungwa.

  1. Amarementanya yafashe umuvuduko mu nini kuva 1965… Abahutu n’abaganwa baricwa kamwe kamwe.
  2. 1972 bica umwami Ntare 5, bamukurikiza abahutu bicabwenge bashika ibihumbi 300
  3. Ibibanza vyarimwo incabwenge z’abahutu babishiramwo impunzi z’abanyarwanda
  4. Impinyanyuro yambere mu vyamashure: wasanga muri komine igwiriyemwo abahutu bashizeho ishure rigarukira mu wa gatatu, kugira umwana yige uwakane, vyasabako aja muyindi komine, canke muyindi ntara.
  5. Amashure yose nderabigisha, Écoles Normales baciye bayahindura ama EFI: abahutu nibo biga ama EFI, hamwe n’abatutsi nabatutsikazi batagira ubwenge baba baronse amanota make mu kibazo y’uwicumi: abo batutsi nabatutsikazi baheje za EFI bobo baca baba aba directeurs bagatwara za ncabwenge z’abahutu.
  6. Abahutu baba mu ntara zegereye u Rwanda na Zaïre, baca bajabuka bakaja kubandaniriza amashure hanze, bakabona kwiga ibifise akamaro.
  7. Mukugwanya abo baja kwiga hanze, baciye bababuza gutora concours, bashiraho système i na u, umuhutu yarakora concours imyaka indwi ayitora, baca barungika umututsi wo muyindi ntara, yiga kwizina atarirwiwe.
  8. Bamaze kubonako ubumenyi bwagabanutse cane, kurugero bipfuza, EFI bazisubirije n’ama LP: bazishiramwo abahutu baciye ubwenge, hamwe n’abatutsi n’abatutsikazi bubwenge buke, aribo baca baba aba directeurs. Incabwenge itwagwa n’ikijuju iraruha.
  9. Ukwo gutitura indero kwarakozeko abatutsi bo muzindi Ntara. Bagomba kumera nkabaduza urugero rwamashure y’abigisha, bashiraho LP3 na LP4
    Iyo système yatumye gushika 1987, abanyeshure babatutsi muri kaminuza y’u Burundi bashika ibice 95%, abigisha ba kaminuza nabo 98% ari abatutsi, bagaca bafashwa nabazungu baba biligi cane cane
  10. Buyoya agiye k’ubutegetsi, akabona Ntega-Marangara ntigenze nkuko yabishaka, yaciye ashinga ico yise Reta y’ubumwe, wamengo atanze akaryo kugira abahutu bige, ariko wari uwundi mukenyuro wogusohora abahutu bafise diplôme batagira ubumenyi.
  11. Twibukanye ingene BUYOYA yafuse ama Lycée yasohora incabwenge zakarorero ( umugambi wogufuta internats)

Yashinze ama collèges communaux: ama coco

Aho ngo kwari ukugira abana bige ari benshi, kandi bige hafi… Vyari bitegekanijweko abigisha bayo ma coco bahembwa n’amakomine hanyuma basanga ntibishoboka.

Ayo ma coco, ntiyigeze aronka abigisha, higishayo aba vacataires…. Abanyeshure baramugwa n’amakoko wasanga bifitiye ubumenyi bubayabaye….

Bamaze kubonako abanyeshure bahejeje ama koko bataja mu ma lycée ngo bamenye baciye barementanya ama lycée communaux…. Nayo atigeze aronka ibikoresho n’abigisha.

  1. Muri 1995-1996 ryabaye isekeza ryo kwica no kwomora abanyeshure babahutu mu ma lycées afise uburaro no muri kaminuza y’Uburundi, igihugu cose gisigara cigamwo ubwoko bumwe, bakamenya bose atanico bize…. nibo babo bahinga karuhariwe dufise muri kino gihe.
  2. Buyoya amaze gutembagaza NTIBANTUNGANYA , amaze kubonako ingwano yamasase atazoyishobora yaciye atanguza ibiganiro, agahengwe karaboneka, ariko mugisata c’indero, azana impinyanyuro: EXAMEN D’ETAT abanyeshure bakora ikibazo kuvyigwavyose havuyemwo sport, kandi abigisha atabo barahunze, kiretse amashure yabiwe.
    SMO: ntiwemeregwa kuja muri kaminuza, utabanje kumara umwaka mu gi FAB ca Bikomagu: abahutu baratinye, baheba kwiga, abandi baratimba bakijamwo, abo bakigiyemwo, bamwe carabakorofye, ntabwoko bakigira.
  3. Inyuma y’amasezerano ya Arusha, Kaminuza y’u Burundi yaciye yakira abanyeshure babahutu benshi: SMO yari yafuswe, abize secondaire hanze baciye baza kwiga. Abajerere (JRR) ba UPRONA bafatanije n’Amasekanya ya PARENA nibo bari barongoye ishirahamwe ASSER baciye batangura akajagari kama grèves yurutavanako.
  4. Hari abari babonyeko inganji yabo irangiye, nico gituma kuva ico gihe, réformes zose ziba mugisata c’indero ntaneza y’igihugu zirondera: ivyo utari inkerebutsi ntavyo wibona:

Ibaze ingene badukanye ama ECOFO, aho bashatseko igitigiri c’abigisha kigabanuka, ngo imishahara igabanuke. Ariko bakababwirako Ubu umunyeshure azoba ahejeje uwicenda, azoba ashoboye kwironderera akazi. Nibangahe bamaze kukironderera?

Ibaze ingene badukanye ama Écoles d’excellences, ntantumbero afise, ataruko ari iyindi forme ya système i na u

Raba ingene badukanye ama BAC, ubumenyi butangigwa mu ma BAC buri hasi y’ubwa abanyeshure bakera bama candidatures,

Mubisata bimwe bimwe, bamaze kubonako abahejeje BAC bafise ubumenyi buri hasi cane, bafashe ingingo ko ababa recruté nkaba assistants baba abo muri ancien système yama licences. Bongerako mubindi bisata, BAC imara imyaka ine…. Ubu ni akajagari: BAC y’imyaka ine, yongana gute na BAC y’imyaka itatu?

Ikindi cago, gihambaye, Ubu bariko baragwiza abafise ama titres académiques ariko bifitiye ubumenyi buri hasi….. Uzoganira n’umuntu afise master usange ivyiyumviro vyiwe biri musi yuwize EFI

Umutegetsi ajejwe igisata runaka, aho yotanze inyishu, ugasanga ari mubabaza ibibazo.

  1. Inyigisho hagati mu gihugu barazishe: benshi birukira ama bourses, usanga bourses zihawe abantu, atanico bagaruka ngo bamarire igihugu:
    a.baronka bourses mubusuma n’amanyanga, sibo baba bakwiye kuzihabwa
    b. Batanga ibiturire, watangishijwe igiturire, ntamutima wokwihebera igihugu wogira.
  2. Abavyeyi sibo bakwiye kwigisha abana babo. Aha ndaziko nyuranije n’umunyepolitique w’amayeri agomba guhunga responsabilité yiwe.

Kurya igihugu cigisha neza umusirikare n’umupolisi, bakaronka ubumenyi bukwiye, n’ibikoresho bikwiye.

Niko igihugu gikwiye kwigisha: abarimu, abaganga, abashakashatsi, abacamanza…. Bagahabwa uburyo bukwiye kuneza y’iterambere ry’igihugu.

Abahima bashizeho système ituma abakozi ba Reta bapfira mu bukene, bakarya aruko bivye, canke bariye igiturire, ariko bagatwagwa nabahembwa menshi…. bituma hama ingwano n’ubuhemu muba cadres

Kuberako indongozi arizo zivyungukiramwo ( bahembwa menshi, canke bakiha ayo bagomvye, bagaha nuwo bagomvye) ntampinduka bashobora kugira, kuko impinduka zotuma batakaza vyinshi baronka.

Umuntu azokora impinduka, azoba nk’umwihevyi, kandi abamukikije bari bitezeko abareka bagasahura, nibo bazotangura kumutera amabuye

Kubwawe umuntu afise ama diplômes, atagira ubumenyi, afatira ingingo zimeze gute abo aziko bamurusha ubumenyi, akabarusha ubukuru? Canke umuntu afise ubukuru, atagira ubumenyi afatira abamurusha ubumenyi ingingo zimeze gute?

Iyo niyindi ntambara, ituma ibisata vyose vy’igihugu bijegera. Kuko umuntu afise ububasha atagira ubumenyi, uzokwumva muvyo avuga vyose anegura abize, ko aribo bateye ingorane igihugu: ninde yibuka discours za Radjabu…. Uwize ni uwize kurasa.

Uwanditse ivyo arafise igituma avyandika. Nawe ugomba kumwunganira canke kumufasha gutahura gusumba urahawe kaze.