

Igihugu c’Uburundi nico kivugwa yuko gifise isoko riri kure y’ayandi yose ry’uruzi Nile, ikibazo naco gikeneye intishu ni iki:
Ntā mashǔre y’îvyó ngirá mvugé mfisé, urétse gukórēsha ubwênge ndemánwa gusa. Aho múrahāntūngire, ni na có gitumyé ndábītūra.
Ishīngiro: urûzi Ruvúbu na Rúvyirônza.
Inyuma y’úkubóna iyi shusho y’Úburǔndi yērékana izi nzûzi, narágize utubázo tutarí duké bīntēra guháguruka ahó nkītsé umusáya ngána kurāba n’âmâso yānje kó ivyǒba bícafye arí vyo mbóna kw’īshusho, mu mwâka wa 2022.
(Iyi shusho nayíkūye murí kazīndūzi Rundi-Français ya Rodegem, 1970)
Muti ivyó ntatahûra ni ibíki?
=> Amâmūko ya NIL
- Utwo twāmpi tw’ákătsi kabísi nērekanye urûzi Ruvúbu
- Utwo dutukúra, nērekanye urûzi Ruvyirônza
- Ako gakoni k’úburúru, nērekanye ahó urûzi Ruvyirônza rwīsúkira mu rûzi Ruvúbu.
Amakēnga mfisé:
- Urâvye iyó urûzi Ruvúbu rūzanána, rukīsukwámwo na Nkokoma, Nyamuswaga, Mubarazi, Karuzi, Ruvyirônza (rwîsutswemwó na Wāgá), Ruvúbu rukabāndānya, Kayōngǒzi rukīsukámwo kugera ahó rujabúka igihúgu
- Urâvye ahó Ruvyirônza rwīsúkira mu rûzi Ruvúbu (Mǔnsi yó mū Mâna zā Mugera), ugasānga si Ruvúbu rwīsúká murí Ruvyirônza bica bígōra.
Utǔmbakiye🚫
- Kukí isôko ryā Nil rirí iyó Ruvyirônza rūzanána kăndi bígaragara kó Ruvyirônza arí rwo rwīsúka murí Ruvúbu?
- Ní rwābá arí Ruvúbu rwīsúka murí Ruvyirônza, kukí izína rităhīndutse ngo rucé rúbāndānya rwîtwa Ruvyirônza?
Uwǒgira umucó yōwǔmpa kugíra ngo bisahírize ubwāndozi bwānje.
Nimubērwé mwărabêrewe!