
Abantu bazi ivyabaye mu Burundi kuko bari mu ntwaro ico gihe baguma basaza bagapfa ariko ukuri ntikuzimangana.
Umukuru w’umugwi CVR yagize ati: “1960-1969. 1971.1972-1973: Iyi myaka mibi yahekuye imiryango mu Burundi, Zénon Nicayenzi ayizi yose. Ivyabaye igihe mu 1965 hagandagurwa Umushikirangoma Petero Ngendandumwe, #CVR yarabishize ahabona. Guhenda Abarundi ntibigishoboka! Ukuri kurateye ubwoba!”
Ukwo ni ukuri kwuzuye. Naho intwaro zibikorako zigasha kugira ngo abariundi bakire bategerezwa kumenya ivyabaye vyose bakavyemera kandi bakavyemanga.