Abakuze kera ni mudusigurire ibi bintu tubitahure.

Tuguma dusoma ibintu vyinshi vyandikwa ku mbuga mpwaniro na cane cane amakuru y’amabi akorerwa abantu hamwe n’amazina y’abayakora. Twarumvise kandi imirwi ymamatohoza yashizweho kugira ngo Abarundi bamenye ukuri kandi barekuriranire, ariko ukumva hariho umuntu yapfubije, yahindukije canje yahakanye ukwo kuri akoresheje urwenge.

Twarumvise kandi yuko hariho abari abategetsi mur’iyo myaka bafise imvugo y’agahemo no kwerekana yuko abashikiwe n’ivyo aribo bavyikzegeye. None mu Burundi muvy’ukuri abagabo bagiye hehe? Abashingantahe bagiye hehe? Imvugakuri zagiye hehe? Abipfuriza ineza igihugu c’Uburundi bagiye hehe?

Ivyo ni ibibazo abagiye n’abariho Uyu munsi bibaza bakongera bakabazanya. Urwo ni urupapuro rumwe mu ndiri dufatiyeko kugira ngo dushikirize utubazo abantu bibaza.

Hariho abaca banyaruka gucira imanza utwo tubazo bagira bati ukwo ni ukuzura akaboze kuko agapfuye kabazwa ivu. Bibagira yuko utara munda ugatarura Ibi boxe kandi yuko uwuja gukira ingwara ayita izina.

Abasenga Uhoraho Imana mu kuri no mu Mpwemu ni bikangure basenge kugira ngo Abarundi bavyuke bahinduke kandi bahindure ibintu.